Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarwayi bagiye kworoherwa kubera umugambi washizweho uteza imbere amagara y’abantu

thadéeUmushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA, Thaddée Ndikumana, amenyesha ko ubushikiranganji arongoye buriko bushira mu ngiro imigambi mikuru mikuru yo guteza imbere amagara y’abantu ahanini yisunga umugambi mukuru w’igihugu w’iterambere muri rusangi utegekanijwe kuva mu mwaka w’2018 gushika mu mwaka w’2027. Ngo ubwo bushikiranganji nabwo bwaciye butegura umugambi uzoteza imbere igisata c’amagara y’abantu uteganijwe kurangurwa mu myaka itanu. Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA, Thaddée Ndikumana, amenyesha ko ubushikiranganji arongoye buriko bushira mu ngiro imigambi mikuru mikuru yo guteza imbere amagara y’abantu ahanini yisunga umugambi mukuru w’igihugu w’iterambere muri rusangi utegekanijwe kuva mu mwaka w’2018 gushika mu mwaka w’2027. Ngo ubwo bushikiranganji nabwo bwaciye butegura umugambi uzoteza imbere igisata c’amagara y’abantu uteganijwe kurangurwa mu myaka itanu. Ngo muri iyo migambi harimwo kuvura indwara zandukira zibonekeza nka Marariya, umugera wa SIDA , igituntu  n’izindi ndwara zituruka kw’isuku rike. Ngo hariho kandi n’igisata kijejwe kuvura indwara zitandukira nk’indwara z’umuvuduko w’amaraso, indwara z’igisukari n’izindi. Ivyo vyose rero ngo bisaba kurwiza imiti mu gihugu.  Ivyo yabishikirije mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE ku wa 26 Ruhuhuma 2019 i Bujumbura. Ni mukurikire ido n’ido ry’ico kiganiro.

UBUMWE : Murashobora kutubwira imigambi mikuru ubushikiranganji murongoye buriko bushira mu ngiro mu ntumbero yo guteza imbere amagara y’abantu ?
Umushikiranji ajejwe amagara y’abantu no kurwanya ikiza SIDA , Thaddée Ndikumana (T.N) :  ubushikirangnji burafise  imigambi itomoye yo guteza imbere amagara y’abantu iyo nayo  iza yisunga wa mugambi mukuru w’igihugu wo guteza imbere igihugu muri rusangi utegekanijwe kuva mu mwaka w’2018 gushika mu mwaka w’2027. Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu  twaciye twihutira gushiraho umugambi woguteza imbere amagara y’abantu uzomara imyaka itanu. Muri uwo mugambi ubwo bushikirangnji bufise  imigambi mikuru mikuru ine. Umugambi wa mbere ni uwo kurwanya indwara zandukira zibonekeza nka marariya, SIDA, igituntu n’indwara zituruka kw’isuku rike. Hariho n’ikindi gisata kijejwe kurwanya indwara zitandukira nk’indwara z’umuvuduko w’amaraso, indwara y’igisukari n’izindi. Hariho n’ikindi gisata gikomeye cerekeye isuku. Iyo isuku rihari rituma n’izo ndwara duhejeje kuvuga zigabanuka. Hari n’uwundi mugambi ukomeye ujejwe intwaro ibereye. Aha turashira imbere ko itunga rusangi haba mu mavuriro mato mato  canke mu mavuriro manini ritegerezwa kwubahirizwa. Turavye rero ibitegekanijwe muri uwo mugambi nyamukuru turabona neza ko mu myaka itanu amagara y’abenegihugu ashobora kuzoba yateye imbere. Ico turiko turakora ni uko dushira mu ngiro iyo migambi maze tuyiharanire twese abarundi atawuvuyemwo kuko ituraba twese.Muvyo turiko turakora ni ukurondera imiti ya nkenerwa. Twipfuza guteza imbere CAMEBU kugira ngo imiti ibe iyo igihugu cose ntibe iyo amavuriro ya Reta gusa. CAMEBU izokora kuburyo na Mutuelle ishobora kuronswa imiti n’ico gisata eka n’abo bose bashaka gushinga amafarumasi bazoshobora kuronswa imiti na CAMEBU. Twipfuza rero kurondera imiti ikwiye mu gihugu. Kuko ntushobora kurwanya indwara udafise imiti. Kuvyerekeye irwirirana ry’abantu nahonyene ubushikiranganji burafise umugambi wagutse aho busanzwe mbere bufise abo dufashanya mw’ihimiriza ry’irondoka rijanye n’amagara meza. Aha mbere umushikiranganji  arashimira cane Reta yashigikiye abavyeyi mu kubarihira mu gihe bibaruka ariko tugira duti abo bavyeyi ni bavyare abo bashobora kurera. Twigisha abarundi kubereka ko isi itaguma yaguka kandi isi ndimwa ishishikara kuba nto. Muri ico gihe uwuvyaye babiri batatu yomenya ko ni yashishikara kuvyara ko azohava abura igifasha abo yibarutse kwiga no kugira ngo baronke umutahe ari yo mpamyabushobozi. 
UBUMWE : Reta yoba yaramaze gushinga igitigiri ntarengwa c’abana umuvyeyi yokwibaruka ?
T.N. : Oya nta ngingo irafatwa muri Reta yo gushinga igitiri c’abana bokwibaruka. Ariko Reta ihimiriza abarundi guhindura ingendo kuko burya abenegihugu ni abantu bakunda igihugu, bakagikorera. Iyo rero uriko urabigisha imigambi ibagirira neza ntiwirirwa uraja mu mategeko. Kandi turashima ko nko mu ntara za Kayanza n’ahandi bariko baravyumva. Ni ukubereka ingaruka nziza yo kuvyara abana bake ushobora kurera. Ni co gituma Reta yafashe ingingo yo gufasha abavyeyi bibaruka no kuvuza abana bari munsi y’imyaka itanu. Iyo ngingo ifise intumbero yo gufasha imiryango kugira ngo ishobore kuronka udufaranga utwifashishe mu bindi iba ikeneye. Reta iba ishatse kubwira abavyeyi iti tegura nawe kazoza k’uwo mwana. Ni vyiza rero ko umuvyeyi amaze kuronka umwana umwe yobanza akaruhuka imbere yuko aronka uwundi wa kabiri. 
UBUMWE : Twarabonye mutegura ingendo aho mwishikira ku kivi kwirabira nk’abavuga ko bahingura ingaburo n’ibindi. Mwasanze vyifashe gute ?
T.N. : Ni vyo turakunda gushika ku kivi kugira ngo twirabire vy’ukuri ibiriko birakorwa. Hariho rero abo dusanga bariko bakora ubushakashatsi. Iyo dusanze ivyo bariko barakora vyubahiriza amategeko turaheza tukagira duti nimuze dukorane. Abo dusanze nabo batariko bakora ivyubahiriza amategeko turaheza tukabasaba kubireka. Aha rero turashimira cane abariko barategura impfungurwa nk’amata n’ibindi bubahirije amategeko, abo turabatera intege cane. Hariho n’abandi bategura ingaburo bakoresheje ivyimburwa vyo mu gihugu. Abo bose rero mu gihe bobikora bisunga amategeko bizoheza bifashe igihugu kudasohora amafaranga menshi y’agaciro mu kurondera izo ngaburo mu bindi bihugu. Mu gihe rero turiko turondera amagara meza tuzokwigishanya cane kuko birya biva hanze si vyiza kurusha ibiba bihinguriwe mu gihugu. Mu Burundi dufise umwimbu mwiza ufise akanovera ibihinguwe rero mu vyo twiyimburiye biba bifise akanovera kurusha mu bihinguwe bivuye mu bindi bihugu usanga bakoresha ubuhinga bwa none mu kwimbura. Tugiye rero gukomeza gusuzuma neza ibifungurwa biva hanze kugira ngo ntivyonone amagara y’abantu.
UBUMWE : Haravuzwe indwara ya Ebora mu karere k’ibiyaga binini,ni uyuhe muti mwavuguse watumye Uburundi bukingirwa gushika ubu ?
T.N : Indwara ya Ebora ni vyo irahari mu gihugu kibanyi ca Repuburika iharanira Demokarasi ya Kongo. Twebwe rero dufashanije n’inzego zijejwe amagara y’abantu nka OMS n’inzindi twarateguye umugambi wo gukingira Uburundi. Twashigishije abaganga ingene iyo ndwara yandukira. Twarateguye ibikoresho vyo gupima uwo wese avuye mu gihugu ca Kongo yinjiye mu Burundi. Ikimenyetso ca mbere c’indwara ya Ebora ni ubushuhe. Iyo rero ufashe igipimo c’ubushuhe ngo umupime, mu gihe arwaye na we uraheza ukaca ufatwa. Hariho rero utumashine dushobora gupima ubushuhe utiriwe urakora ku muntu afise ubushuhe. Twarashize ku mipaka ivyuma bishobora kudufasha kumenya ko umuntu afise Ebora. Twasanze ku munsi hinjira abantu barenga 6000 ku mupaka wo mu Gatumba aho hose rero twaciye tuhashira ivyuma bipima Ebora mbere turanategura aho uwuba yiketswe abanza gushirwa. 
UBUMWE : Muherutse gufata ingingo yo gusaba ibitaro kwakira uwo wese azoba agiriye isanganya kw’ibarabara kugira ngo afashwe imbere yuko akora ivyo asabwa n’ibitaro bimwakiriye. Ingingo bene iyo yoba yari imaze gufatwa ariko ikaba ataco yashitseko. Mweho mutegekanya iki kugira ngo iyo ngingo izokwubahirizwe. 
T.N : Egome irya ngingo twarayifashe kandi ni ingingo y’iteka kuko turiko turagendera abenegihugu haba mu gihugu hagati canke mu bisagara twasanze umuco w’ikirundi wo gufashanya uriko uratituka, iyo umuntu agize isanganya atembagajwe n’ikinga canke bamugonze n’imodoka abahita baraheza bagatinya kumufasha mu kumushikana kwa muganga kuko baheza bakakwa ingwati imbere yo kumwakira. twasanze rero kugira ngo tugarukire uwo muco mwiza wo gufashanya amavuriro yose twayasavye  gufasha n’ingoga uwuba ahuye n’isanganya maze ingwati n’ibindi bigasabwa mu nyuma. Kugira ngo uwo mugambi ukunde, umurundi tumusaba kurondera agakarata ko kwivurizako kuko gaheza kakamufasha mu gihe cose agize ingorane z’indwara canke isanganya. Ikindi dusaba ni uko abantu bagendesha imiduga n’ibindi bokwubahiriza amategeko agenga gutwara abantu n’ibintu mu mabarabara. Kuko twasanze ku mwaka abenegihugu bagira amasanganya barenga 9000. Aha mbere tuca dusaba abajejwe umutekano w’uruja n’uruza mu mabarabara ko bokora akazi kabo cane mu ntumbero yo kugabanya amasanganya. Uwutwara imodoka, canke ipikipiki n’ibindi yame yumva ko atwaye abantu bafise uburenganizra bwo kubaho. Abajejwe umutekano ku mabarabara ni birinde kurya ibiturire bituma abagendesha ivyo vyuma bashishikara kutubahiriza amategeko. Ikindi tuzorondera ingene amashirahamwe atanga asiransi afasha uwugize isanganya n’imodoka ifise asiransi kuva iyo saha nyene agize impanuka. Tuzohimiriza kandi mbere dukurikiranire hafi ishirwa mu ngiro ry’iyo ngingo n’amavuriro.
Nathan Ntahondi

 

Ouvrir