Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Amashirahamwe mvamakungu 84 niyo yasubiriye gusaba uruhusha rwo gukorera mu Burundi

 

bbnhGushika ku wa 6 Ruhuhuma 2019, amashirahamwe mvamakungu 84 niyo yasubiriye kwiyandikisha inyuma y’ingingo yafashwe na Reta y’Uburundi yo guhagarika vy’imfatakibanza ibikorwa kugira asubire kwiyandikisha akurikije amategeko akomoka kw’ibwirizwa Shingiro ry’Uburundi. Aho ni mu gihe imbere y’iyo ngingo, amashirahamwe mvamakungu 140 ariyo yakorera mu Burundi, ariko ngo ayashika 100 niyo yatanga icegeranyo c’ibikorwa yakora. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umwunganizi w’umushikiranganji w’intwaro mu gihugu hagati akongera akaba n’umuvugizi w’ubwo bushikiranganji, Tharcisse Niyongabo, ku wa 6 Ruhuhuma 2019, hari mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Gushika ku wa 6 Ruhuhuma 2019, amashirahamwe mvamakungu 84 niyo yasubiriye kwiyandikisha inyuma y’ingingo yafashwe na Reta y’Uburundi yo guhagarika vy’imfatakibanza ibikorwa kugira asubire kwiyandikisha akurikije amategeko akomoka kw’ibwirizwa Shingiro ry’Uburundi. Aho ni mu gihe imbere y’iyo ngingo, amashirahamwe mvamakungu 140 ariyo yakorera mu Burundi, ariko ngo ayashika 100 niyo yatanga icegeranyo c’ibikorwa yakora. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umwunganizi w’umushikiranganji w’intwaro mu gihugu hagati akongera akaba n’umuvugizi w’ubwo bushikiranganji, Tharcisse Niyongabo, ku wa 6 Ruhuhuma 2019, hari mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Nk’uko umwunganizi w’umushikiranganji w’intwaro mu gihugu hagati, Tharcisse Niyongabo yabandanije abishikiriza, ngo imbere y’ingingo yo guhagarika vy’imfatakibanza ayo mashirahamwe mvamakungu, hari amashirahamwe 140, kuri ayo, ngo ayashika 100 niyo yatanga icegeranyo c’ibikorwa yakora. Inyuma y’ingingo ihagarika ibikorwa vyayo mashirahamwe vyimfatakibanza, ngo gushika ku wa 6 Ruhuhuma 2019, ayashika 84 niyo yasavye uruhusha rwo gusubira gukorera mu Burundi yisunze amategeko ari mw’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi. Mu gihe ayo mashirahamwe mvmakungu yari yahawe ikiringo co gushika ku wa 31 Kigarama 2018, kugira asubire kwiyandikisha akurikije amategeko agenga igihugu c’Uburundi, ayo mashirahamwe aherutse kwongerwa ikiringo c’inyongera kizorangira ku wa 15 Ruhuhuma 2019. Muri ico kiringo ca mbere, amashirahamwe mvamakungu 83 niyo yashoboye kwiyandikisha, muri ico kiringo c’inyongera, ngo imwe niyo imaze kwiyandikisha. Ico kiringo c’inyongera ngo congewe bisabwe n’amashirahamwe mvamakungu amwe amwe, ngo aho yerekanye imvo zatumye atitunganya na cane cane ko ikiringo co mu kwezi kwa Kigarama, abarongoye ayo mashirahamwe baba bagiye mu turuhuko tw’iminsi mikuru isozera umwaka. Ivyo ngo vyatuma ata mpapuro ziteweko umukono n’abakuru b’ayo mashirahamwe mvamakungu bashobora kuronka, ivyo rero ngo reta yarabitahuye. Muri ayo mashirahamwe yasavye ko ico kiringo congerwa n’ishirahamwe ry’abavuzi batagira imbibe « médecins sans frontière» MSF hamwe n’ishirahamwe « protos ».


Amashirahamwe yarafise ibikorwa vyihuta, barayanyarukirije gusubira kwiyandikisha
Ku kibazo co kumenya ko iyo ngingo ata nkurukizi yagize, umwunganirizi w’umushikiranganji w’intwaro mu gihugu hagati, yamenyesheje ko gushika ubu ata nkurikizi mbi ziribonekeza ku mashirahamwe yasubiriye kwiyandikisha. Mu gihe bivanye n’ibikorwa ayo mashirahamwe yaba ariko ararangura hariho ayasaba uruhusha rudasanzwe kugira abandanye akora, mu bushikiranganji hoho ngo babasaba kuzana impapuro zikenewe kugira babaronse urwo ruhusha vyihuta. Amashirahamwe mvamakungu yose yarafise ibikorwa vyihuta ariko ararangurira abanyagihugu, ngo barabibafashijemwo kugira yandikwe mu mwanya muto mu ntumbero yo gusubira ku kivi. Ariko ngo ku rundi ruhande na cane cane ku mashirahamwe atashimye gusubira kwiyandikisha kugira yisunge amategeko akomoka kw’ibwirizwa Shingiro, ngo ayagiye yarafise abakozi yakoresha, vyumvikana abo bakozi baheza bagatakaza akazi kabo. Akarorero k’ayo mashirahamwe ngo ni ishirahamwe « handicap international », « RNC justice et démocratie » hamwe na « avocats sans frontière», abakozi yakoresha akazi karaheze. Ku bijanye n’amatungo y’ayo mashirahamwe, ngo amategeko arabivuga, yaba ayo mu gihugu canke ku mashirahamwe mvamakungu, ngo biranditse ko iryo shirahamwe ryugaye riheza rigasigira ivyo bikoresho ishirahamwe rirangura imigambi isa n’iyo ryahora rirangura. Tharcisse Niyongabo yaboneyeho akaryo ko gutera akamo ishirahamwe ryoba ryipfuza gukorera mu Burundi ritariyandikisha ko ryokwihuta imbere y’uko ico kiringo congewe gihera. Kuri ayo mashirahamwe mvamakungu, yayasavye ko yo kwitaho gukurikirana no kwubahiriza ubwigenge bw’igihugu baba bariko bakoreramwo. Tubamenyeshe ko iyo ngingo yafatiwe ayo mashirahamwe mvamakungu ataraba amashirahamwe yegamiye ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Déo Misigaro                                                                               

Ouvrir