Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Urwego CNC rurashimishwa n’ivyaranguwe n’ibimenyeshamakuru mu mezi 3 asozera umwaka w’2018

 

cncIbimenyeshamakuru vyarakurikije impanuro vyahawe n’urwego rujejwe kugenzura uko ibimenyeshamakuru bikora mu Burundi CNC naho hacibonekeza utunenge tumwe tumwe. Ivyo vyashikirijwe n’uwurongoye urwo rwego Nestor Bankumukunzi ku wa 7 Ruhuhuma 2019, igihe yariko agirisha inama abarongoye ibimenyeshamakuru kugira ngo barabire hamwe icegeranyo c’ivyakozwe n’ibimenyeshamakuru  mu mezi atatu asozera umwaka w’2018.Ibimenyeshamakuru vyarakurikije impanuro vyahawe n’urwego rujejwe kugenzura uko ibimenyeshamakuru bikora mu Burundi CNC naho hacibonekeza utunenge tumwe tumwe. Ivyo vyashikirijwe n’uwurongoye urwo rwego Nestor Bankumukunzi ku wa 7 Ruhuhuma 2019, igihe yariko agirisha inama abarongoye ibimenyeshamakuru kugira ngo barabire hamwe icegeranyo c’ivyakozwe n’ibimenyeshamakuru  mu mezi atatu asozera umwaka w’2018.Nk’uko yabandanije abimenyesha, ngo  muri rusangi arashimishwa cane n’intambwe ibimenyeshamakuru bigezeko mu kwubahiriza amategeko.

Muri ico cegeranyo, urwego CNC rwarashimikiye ku vyagenze neza, ivyagoranye  hamwe n’amakosa y’umwuga yakozwe mu kiringo kigira  kane c’umwaka w’2018. Mu vyagenze neza harimwo kwubahiriza intumbero  ngenderwako y’ikimenyeshamakuru, kurangura ivyo biyemeje hamwe no gukora neza mu ntumbero yo kwigisha no guteramisha abanyagihugu. Ku bijanye n’ibitagenze neza naho amenyesha ko harimwo ukudaha ijambo impande zose mu makuru ashikirizwa, inkuru zidatohojwe neza, mbere ngo hakaba  amakuru ahengamye aho usanga bariko baravuga umuntu canke umugwi w’abantu ariko abo bavugwa ntibaheze ngo bahabwe ijambo kugira ya nkuru ishikirizwe imeze neza. Ikindi ngo ni uko harimwo ukutubahiriza imico kama aho vyibonekeje amaradiyo amwe amwe n’imboneshakure, vyatanze amakuru harimwo ibintu bihungabanya cane imico kama. Ivyo navyo bikaba ari bibi cane kuko igihugu cubakiye ku mico kama. Ikindi kiboneka ngo ni uko amakuru atohozwa mu duce tumwe tumwe gusa. Aho agatanga akarorero ko amakuru arondererwa cane mu gisagara ca Bujumbura canke mu micungararo yaho kuko ibinyamakuru vyinshi basanze bidafise uburyo bukwiye kugira bishobore gushika kure mu gihugu kurondera amakuru. Abarongoye ibimenyeshamakuru rero basanze bikora amakosa ngo barabatumyeko baraheza barabaha impanuro kugira ngo ntibize bisubire. Yaboneyeho n’akaryo ko kubwira abakorana n’ibimenyeshamakuru mu kubiha amakuru, abarongoye ibisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu ko bogira imigenderanire myiza n’ibimenyeshamakuru. Mu gihe ikinyamakuru kanaka cabavugiye ibitarivyo, abamenyesha ko bafise uburenganzira bahabwa n’itegeko ryo gusaba ko bokosora ivyavuzwe habaye ukwihenda; canke hakabeshuzwa ivyo babeshewe. Igihe ikimenyeshamakuru kanaka naco kidatanze urwo ruhusha ngo bazoheza biture urwego CNC narwo ngo ruzoheze rumutunganirize maze igihugu n’amakungu bironswe inkuru y’imvaho ibeshuza bimwe vyabeshwe. Nestor Bankumukuzi yarangije amenyesha ko iyo nama yatunganijwe mu ntumbero yo gutegura neza abamenyeshamakuru na rirya himirije igihe kidasanzwe c’amatora y’2020. Abarongoye ibimenyeshamakuru barisuzumye hanyuma biyemeza kwikebuka kugira bakore bisunze amategeko agenga umwuga wo kumenyesha amakuru. Barongeye barasaba urwego  CNC kubashikira imbere kugirango ikigega c’uburyo bemerewe na Reta gishirwe mu ngiro.                                                                                   Gloriose Nshimirimana

Ouvrir