Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abanywanyi b’ishirahamwe mutuelle bogira umwizero ko amategeko arigenga agiye gusubirwamwo

 

DSC08845Ishirahamwe rijejwe kuvuza abakozi ba Reta  Mutuelle rimenyesha abanywanyi baryo ko kuriha amafaranga make bagiye kwivuza bitumwa n’uko amategeko iryo shirahamwe rikoresha amaze imyaka myinshi ko yagiyeho mu mwaka w’1980 igihe iryo shirahamwe ryatangura, ariko rikabizeza ko agiye gusubirwamwo. Ivyo vyamenyeshejwe  na Abel Gashatsi arongoye ishirahamwe ryo kuvuza abakozi ba Reta Mutuel kw’igenekerezo rya 1 Ruhuhuma 2019.Ishirahamwe rijejwe kuvuza abakozi ba Reta  Mutuelle rimenyesha abanywanyi baryo ko kuriha amafaranga make bagiye kwivuza bitumwa n’uko amategeko iryo shirahamwe rikoresha amaze imyaka myinshi ko yagiyeho mu mwaka w’1980 igihe iryo shirahamwe ryatangura, ariko rikabizeza ko agiye gusubirwamwo. Ivyo vyamenyeshejwe  na Abel Gashatsi arongoye ishirahamwe ryo kuvuza abakozi ba Reta Mutuel kw’igenekerezo rya 1 Ruhuhuma 2019. Abel Gashatsi yamenyesheje ko iryo  shirahamwe ririhira  umunywanyi agiye kwivuza amafaranga make aho usanga ashobora kuba ari hejuru y’iryo ishirahamwe mutuel yamurihiye. Umuyobozi wa mutuel yamenyesheje ko ishirahamwe mutuel ryavutse mu mwaka w’1980, hama amategeko arigenga ntiyagiye ahinduka ryagumanye ayo mategeko iryo shirahamwe ryatanguranye kuva rigitangura kuvura abanwanyi. Abel Gashatsi yabandanije amenyesha ko abagiye barongora mutuel batigeze bahengeshanya gusaba Reta ko ayo mategeko  yohindurwa kugira agende ajana n’ibihe.

Yabandanije amenyesha ko rero ikibazo kijanye n’ibiciro umunywanyi kugira abonane n’umuganga uwariwe wese usanga arenga cane ayo ishirahamwe riba ritanze, yamenyesheje ko nabasanzwe bakorera iryo shirahamwe bibaza cane kuko usanga mutuel atayariha kandi yategerezwa kurihira umunywanyi. Ico kibazo rero kirarengeye cane ishirahamwe Ryo kuvuza abakozi ba Reta kuko atariryo ryitunganiriza amategeko, rikoresha amategeko avuye muri Reta, abanywanyi bagaca baguma babibaza ishirahamwe ryo kuvuzanya atariryo ryategerezwa kubibazwa. Abel Gashatsi aratanga umwizero kubanywanyi ko ico kibazo kiriko kiratorerwa umuti kigeze muri Reta vuba kizotorerwa umuti haba kuvyerekeye  ibiciro vyo kubonana n’umuganga hamwe n’imiti hamwe n’ukuntu hari hasanzwe hatangwa  isoko ry’imiti. Ivyo bikorwa vyose bikaba  bigeze kure mu ntumbero yo gufasha abanywanyi bishirahamwe ryo kuvuza abakozi mutuelle.  Abel Gashatsi yarongeye aramenyesha ko iryo shirahamwe rifise iyindi ngorane ko atariryo ryishikira kurangura imiti iyo  isanzwe ikorerwa, ico kikaba arico catuma imiti kugiciro kinini, kubera iyo mpamvu ryizanira. Iryo shirahamwe ririko risaba Reta ko boyiha uburenganzira bwo kwishikira iyo ikorerwa  imiti kugira bashobore kudandaza imiti bizaniye ico kizofasha kugira umunywanyi aronke imiti bitagoranye kandi ku giciro kitari kinini.                      

Anitha Bizimana

Ouvrir