Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abanyeshure 475 bahejeje Kaminuza y’Umwizero wa Afrika nibo baronkejwe impapuro z’umutsindo

 

esperancKw’igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2019, ishure Kaminuza Umwizero wa Afrika ryaratunganijwe  ibirori vyo kwugurura umwaka mushasha w’ishure w’2019 ushira uw’2020 hamwe no gutanga impapuro z’umutsindo ku mugwi ugira 14 w’abanyeshure bangana n’ 475 bari mu bisata bitandukanye vyose bigize iyo kaminuza. Ivyo birori bikaba vyatewe iteka n’umuyobozi mukuru w’inyigisho za Kaminuza akaba ari nawe yaserukiye ubushikiranganji bw’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi, Gasogo Anastasie. Umuyobozi w’ishure kaminuza Umwizero wa Afrika, Victor Barantota yamenyesheje ko ivyo birori vyo kwugurura umwaka w’ishure no gutanga impapuro z’umutsindo ku banyeshure bashika 475 ari igikorwa c’iteka. Ngo ni akanyamuneza ntangere ubwa mbere kuri iyo kaminuza kuko iramuye abanyeshure b’incabwenge, ubwa kabiri ku banyeshure no ku miryango yabo kuko bungutse ubumenyi buzobafasha mu kurangura imigambi yabo n’iy’ igihugu. Aho akaba yaciye asaba abaronse impampuro z’umutsindo kuba abantu bose bashobora kwisunga no gufatirako akarorero. Victor Barantota yaragarutse kuri  iyo Kaminuza y’Umwizero wa Afrika  aho yamenyesheje ko kuva ishinzwe mu Burundi mu 2004 imaze kurangura ibitari bike haba mu bijanye n’inyigisho canke mu bijanye n’inyubako. Yarangije yipfuriza abanyeshure bahejeje kuja kurangura imirimo neza aho bagiye kuronka akazi no gutera imbere bongere bateze imbere igihugu cabibarutse, yongera aha n’ikaze abanyeshure bashasha bagiye gutangura umwaka w’ishure.

Kw’igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2019, ishure Kaminuza Umwizero wa Afrika ryaratunganijwe  ibirori vyo kwugurura umwaka mushasha w’ishure w’2019 ushira uw’2020 hamwe no gutanga impapuro z’umutsindo ku mugwi ugira 14 w’abanyeshure bangana n’ 475 bari mu bisata bitandukanye vyose bigize iyo kaminuza. Ivyo birori bikaba vyatewe iteka n’umuyobozi mukuru w’inyigisho za Kaminuza akaba ari nawe yaserukiye ubushikiranganji bw’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi, Gasogo Anastasie. Umuyobozi w’ishure kaminuza Umwizero wa Afrika, Victor Barantota yamenyesheje ko ivyo birori vyo kwugurura umwaka w’ishure no gutanga impapuro z’umutsindo ku banyeshure bashika 475 ari igikorwa c’iteka. Ngo ni akanyamuneza ntangere ubwa mbere kuri iyo kaminuza kuko iramuye abanyeshure b’incabwenge, ubwa kabiri ku banyeshure no ku miryango yabo kuko bungutse ubumenyi buzobafasha mu kurangura imigambi yabo n’iy’ igihugu. Aho akaba yaciye asaba abaronse impampuro z’umutsindo kuba abantu bose bashobora kwisunga no gufatirako akarorero. Victor Barantota yaragarutse kuri  iyo Kaminuza y’Umwizero wa Afrika  aho yamenyesheje ko kuva ishinzwe mu Burundi mu 2004 imaze kurangura ibitari bike haba mu bijanye n’inyigisho canke mu bijanye n’inyubako. Yarangije yipfuriza abanyeshure bahejeje kuja kurangura imirimo neza aho bagiye kuronka akazi no gutera imbere bongere bateze imbere igihugu cabibarutse, yongera aha n’ikaze abanyeshure bashasha bagiye gutangura umwaka w’ishure. Uwaserukiye ubushikiranganji bw’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi, Anastasie Gasogo yabanje kwipfuriza umwaka mushasha mwiza abitavye ibirori, aho yaciye amenyesha ko kaminuza y’Umwizero itanze impapuro z’umutsindo ku banyeshure bangana n’475 bagizwe  n’abahejeje igice ca mbere c’inyigisho za kaminuza, igice ca 2 c’izo nyigisho nyene, uburyo bushasha bw’inyigisho za kaminuza n’ibindi. Ku bwiwe rero ngo iyo umuntu yakoze neza akwiye gushimirwa. Ikindi yamenyesheje ngo ni uko kubona iyo kaminuza yigisha mu ndimi zibiri, Igifaransa n’Icongereza ngo bituma abahejeje bashobora kuja no mu makungu, bagakora canke bakarangura imirimo borohewe. Yarangije ashimira iyo kaminuza ku gikorwa c’iteka nk’ico no ku myitwarariko yo kwama bagirira neza abo bajejwe kurera yongera ashimira Reta kuko idahengeshanya gufata mu mugongo inyigisho za kaminuza ibicishije mu bushikiranganji bw’inyigisho za Kaminuza n’ubushakashatsi. Mwomenya ko muri abo banyeshure harimwo abashika 6 berekanye ubushobozi mu gukoresha ubumenyi baronkejwe kuri iyo kaminuza mu gucapa iyo kaminuza uko iri. Babiri muri bo bakaba baronkejwe agashimwe k’amafaranga kuko bahejeje,abasigaye bakaba bemerewe kwiga ku buntu imyaka basigaje kuri iyo kaminuza. 

Estella Niyongere

Ouvrir