Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ubutunzi bwa mbere ku gihugu cose ni abantu baciye ubwenge kandi bafise n’ubumenyi buhagije

 

dddsqUmukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA amenyesha ko ubutunzi bwa mbere Imana itanga ku gihugu ari abantu b’abanyabwenge kandi bafise ubumenyi bukwiye kuko ivyo dufise vyose kw’isi vyakozwe n’abantu. Ivyo yabimenyesheje ku wa 6 Ruhuhuma 2019  igihe yariko arashikiriza ubushimwe abanyeshure babaye aba mbere mu mashure y’akarorero, akaba yatangiye ubwo bushimwe kw’ishure ryisumbuye ry’i Musinzira mu ntara ya Gitega mu ntumbero yo kubatera intege. Umwe wese muri abo bana bashika 15 baronkejwe imashini nyabwonko ; hakaba n’umwana wo mu Cibitoke ca Rugombo yaronkejwe imashini nyabwonko n’akaganuke k’ibihumbi amajana 2 kubera yasomye ibitabu 24 akagira n’ivyegeranyo vyavyo. N’umuyobozi wa Lycée Musenyi yararonkejwe imashini nyabwonko kubera adasuma imboga n’ivyamwa aha abanyeshure ahubwo abirima.Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA amenyesha ko ubutunzi bwa mbere Imana itanga ku gihugu ari abantu b’abanyabwenge kandi bafise ubumenyi bukwiye kuko ivyo dufise vyose kw’isi vyakozwe n’abantu. Ivyo yabimenyesheje ku wa 6 Ruhuhuma 2019  igihe yariko arashikiriza ubushimwe abanyeshure babaye aba mbere mu mashure y’akarorero, akaba yatangiye ubwo bushimwe kw’ishure ryisumbuye ry’i Musinzira mu ntara ya Gitega mu ntumbero yo kubatera intege. Umwe wese muri abo bana bashika 15 baronkejwe imashini nyabwonko ; hakaba n’umwana wo mu Cibitoke ca Rugombo yaronkejwe imashini nyabwonko n’akaganuke k’ibihumbi amajana 2 kubera yasomye ibitabu 24 akagira n’ivyegeranyo vyavyo. N’umuyobozi wa Lycée Musenyi yararonkejwe imashini nyabwonko kubera adasuma imboga n’ivyamwa aha abanyeshure ahubwo abirima.Yabwiye urwo rwaruka ko ari urumuri rumurikira abandi, aca abasaba kubungabunga iteka Imana yabahaye, baribungabunge nk’amata y’abashitsi. 

Bisubiye ngo n’iyo umwana w’imfura yifashe neza n’abandi baca bakurikira, yifashe nabi naho akaba atanze akarorero kabi. Bakaba ari imfura kubera aribo igihugu cahereyeko muri uwo mugambi. Yarongeye amenyesha ko ubumenyi ari ikintu gihambaye cane kuko n’Imana imaze kurema ibintu vyose yaciye yiyumvira kurema umuntu imuha n’ububasha bwo kugaba , gutunganya no guteza imbere ivyo yaremye. Yabasavye kugendereza ibihe kugira bamenye n’ivyo bategerezwa gukora. Yabasavye kwiga neza kugira batere iteka basokuru babaraze igihugu c’Uburundi bakakirwanira kandi batigeze bagendera mu modoka, ku makinga canke amapikipiki. Barwanije abakoroni mu gihe c’imyaka indwi, mu gihe igihugu batigeze binjiramwo muri Afrika ari Etiyopiya conyene ; ivyo bakaba babikoze bafatanye mu nda kubera umutima wo gukunda igihugu.Yarabashimiye ko ari abana b’umutima bariko bitegurira kuzotunganiriza igihugu. Yasavye kandi abigisha kurangura ibanga bajejwe n’umutima ubikunze kuko ariwo mutahe mukuru bafise. Ngo nta kintu kiryoshe nko kuja kwivuza ugasanga wakirwa n’uwo wigishije, waja mu butungane ukakirwa n’uwo wigishije, waja mu biro vya buramatari canke vya musitanteri ukakirwa n’uwo wigishije bakagutunganiriza neza. Impembo bazoronka iruta irya baronka ku kwezi ku kwezi. Naho biri uko, Pzezida  yasavye umushikiranganji w’amashure  nshingiro, ay’inyuma y’ishure nshingiro n’imyuga, Janvière Ndirahisha gutunganiriza abigisha kugira bakore bagononekewe. Abanyeshure nabo basavye kworoherezwa muvyo imfungurwa yababwiye ko ico atari ikibazo bazobatunganiriza. Yabasavye kudahemuka kuko na basokuru batigeze bahemuka kandi batize, batigeze bambara n’ibirato.  

Epitace Nduwayo

Ouvrir