Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Uguhimbaza umunsi mukuru witiriwe umweranda Valentino vyokorwa mu kugaragaza urukundo rw’ukuri

 

espKu wa 14 Ruhuhuma 2019 niho abakundana  bazohimbaza umunsi wabahariwe,  witiriwe umweranda  Valentino, wama uhimbazwa kuri iryo genekerezo uko umwaka utashe. Mu kiganiro patiri Amando Kana yaremesheje  ku wa 5 Ruhuhuma 2019,ku bamenyeshamakuru, yaramenyesheje ko uwo munsi mukuru urarikirwa abakundana urukundo rw’ukuri.Ku vyerekeye inkomoko y’uwo munsi mukuru, Patiri Amando Kana asanzwe arongoye  ikigo  « Foyer de Charité » yamenyesheje ko umweranda Valentino yawutanguje yari umusaserdoti  mbere ngo yaranabaye umwepiscopi wa diyosezi ya Terni mu gihugu c’Ubutariyano.  Uwo mweranda ngo yitavye Imana mu mwaka w’270 azize ko yahezagira abugeni  mu mpisho. Umwami w’abami yitwa Claude wa kabiri yari yarahagaritse ivy’ukwubaka kugira yironkere imisore ajana ku rugamba.  Aho amariye kubona abubatse badakerebukira urugamba yaciye ashinga itegeko ribuza imisore n’inkumi gushinga ingo.Ariko ngo naho vyari uko Valentino mweranda yaguma ahezagira  ubugeni mu mpisho,  umuhungu n’umukobwa bakundanye bagize umugambi w’ugushinga urugo akabahezagira, bakagira ubugeni. Uwo mwami w’abami Claude abimenye ngo yaciye amuta mu mvuto agirako aramuca umutwe.  Mu mwaka w’1496 ngo niho Ekereziya Gatorika yatangaza ko Valentino mweranda abaye umuvunyi w’abo bose bakundana urukundo rw’ukuri, urukundo atari urw’ibishobisho gusa, rufise intumbero n’umugambi w’ugushinga urugo rutera iteka Imana n’abantu. Mu kigo ca Foyer de Charité rero hakaba harateguwe indwi zibiri ,imwe yahariwe abubatse n’iyindi yahariwe urwaruka.Patiri Amando Kana akaba yaciye atera akamo abakoresha umunsi mukuru witiriwe Valentino mu bintu vy’ugushurashura, vy’ukuborerwa; ukwiyayura umutwe ko bovyita irindi zina, ntibavyitirire uwo mweranda Valentino. 

Christine Manirambona                                                               

Ouvrir