Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Indwara ya Korera iracibonekeza mu Rumonge no mu Gisagara ca Bujumbura

kkouiKw’igenekerezo rya 28 Nzero 2019, ubushikiranganji bw’ amagara y’abantu no kurwanya SIDA bwaratunganije ikiganiro ku bamenyeshamakuru mu ntumbero yo  kumenyesha ingene indwara ya Korera yifashe mu gihugu muri iki gihe. Umuvugizi  w’Ubwo bushikiranganji, Jean Bosco Girukwishaka  yamenyesheje rero  ko iyo ndwara  yibonekeje mu ntara zibiri arizo Rumonge n’igisagara ca Bujumbura. Yabandanije amenyesha ko mu ntara ya Rumonge abantu 150 aribo bafashwe na Korera, muri abo ,148 barakize, umwe nawe akaba yari akirwaye uwo munsi ariko  uwundi umwe yarahitanywe n’iyo ndwara  kubera yituye abaganga atevye. Ngo mu gisagara ca Bujumbura, indwara ya korera yibonekeje kuva kw’igenekerezo rya 12 Nzero 2019 mu mazone ya kinama, Buterere, Kanyosha na Kajaga,kuva kuwa 28 Nzero 2019 abantu 12 baramaze gukira, batatu bari mu bitaro, umuntu umwe yarahitanwe n’iyo ndwara kubera yituye ivuriro atevye. Girukwishaka yamenyesheje ko mu vyigwa  ubushikiraganji bujejwe amagara y’abantu bwagiye burakora vyerekanye  ko umugera wa Korera  uboneka  mu biziba aho amazi atega bivuye mu gihe c’imvura turimwo. Ngo biboneka rero ko ari abana bafise kuva ku  myaka 10 n’iyirenga bafashwe   n’iyo ndwara ya Korera  kuko aribo bakunda gukinira mu biziba. Girukwishaka akaba yanateye akamo abanyagihugu kugira babuze abana  gukinira mu biziba. Uwo muvugizi w’ubushikanganji bw’ amagara y’abantu yarahumurije kandi abanyagihugu ko vyagaragaye ko ingingo zo kurwanya ikiza Korera zashoboye gutanga inyishu ishimishije. Ngo muri iki gihe, ubushikiranganji bwarakoranye n’abajewe intwaro, abajejwe ibisata bitanga amazi mu kurwanya ikiza Korera.

Ngo hambavu y’ivyo, ubushikiranganji bw’ amagara y’abantu bwaragiye burapompa umuti mu nzu zo mu bice iyo ndwara yagiye irabonekamwo.Kw’igenekerezo rya 28 Nzero 2019, ubushikiranganji bw’ amagara y’abantu no kurwanya SIDA bwaratunganije ikiganiro ku bamenyeshamakuru mu ntumbero yo  kumenyesha ingene indwara ya Korera yifashe mu gihugu muri iki gihe. Umuvugizi  w’Ubwo bushikiranganji, Jean Bosco Girukwishaka  yamenyesheje rero  ko iyo ndwara  yibonekeje mu ntara zibiri arizo Rumonge n’igisagara ca Bujumbura. Yabandanije amenyesha ko mu ntara ya Rumonge abantu 150 aribo bafashwe na Korera, muri abo ,148 barakize, umwe nawe akaba yari akirwaye uwo munsi ariko  uwundi umwe yarahitanywe n’iyo ndwara  kubera yituye abaganga atevye. Ngo mu gisagara ca Bujumbura, indwara ya korera yibonekeje kuva kw’igenekerezo rya 12 Nzero 2019 mu mazone ya kinama, Buterere, Kanyosha na Kajaga,kuva kuwa 28 Nzero 2019 abantu 12 baramaze gukira, batatu bari mu bitaro, umuntu umwe yarahitanwe n’iyo ndwara kubera yituye ivuriro atevye. Girukwishaka yamenyesheje ko mu vyigwa  ubushikiraganji bujejwe amagara y’abantu bwagiye burakora vyerekanye  ko umugera wa Korera  uboneka  mu biziba aho amazi atega bivuye mu gihe c’imvura turimwo. Ngo biboneka rero ko ari abana bafise kuva ku  myaka 10 n’iyirenga bafashwe   n’iyo ndwara ya Korera  kuko aribo bakunda gukinira mu biziba. Girukwishaka akaba yanateye akamo abanyagihugu kugira babuze abana  gukinira mu biziba. Uwo muvugizi w’ubushikanganji bw’ amagara y’abantu yarahumurije kandi abanyagihugu ko vyagaragaye ko ingingo zo kurwanya ikiza Korera zashoboye gutanga inyishu ishimishije . Ngo muri iki gihe, ubushikiranganji bwarakoranye n’abajewe intwaro, abajejwe ibisata bitanga amazi mu kurwanya ikiza Korera. Ngo hambavu y’ivyo, ubushikiranganji bw’ amagara y’abantu bwaragiye burapompa umuti mu nzu zo mu bice iyo ndwara yagiye irabonekamwo.

Aline Kanyana

 

Ouvrir