Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umugambi « Umwana mu muryango » ugiye kuzoza urafasha abana begeranirijwe mu bigo hamwe n’imiryango

sqqazaUmugambi « Umwana mu muryango » ugiye gukorerwa mu bushikiranganji bw’agateka ka zina muntu ngo ugiye kuzoza urafasha abana begeranirijwe mu bigo hamwe n’imiryango. Ivyo ni bimwe mu vyashikirijwe n’umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’agateka ka zina muntu Félix Ngendabanyikwa mu nama yo kwugurura ibikorwa vy’umugambi  « umwana mu muryango». Iyo yabereye mu gisagara ca Bujumbura kw’igenekerezo rya 29 Nzero 2019. Umugambi « Umwana mu muryango » ugiye gukorerwa mu bushikiranganji bw’agateka ka zina muntu ngo ugiye kuzoza urafasha abana begeranirijwe mu bigo hamwe n’imiryango. Ivyo ni bimwe mu vyashikirijwe n’umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’agateka ka zina muntu Félix Ngendabanyikwa mu nama yo kwugurura ibikorwa vy’umugambi  « umwana mu muryango». Iyo yabereye mu gisagara ca Bujumbura kw’igenekerezo rya 29 Nzero 2019. Nk’uko yabandanije abimenyesha, ngo uwo mugambi uzoshirwa mu ngiro n’ishirahamwe  mpuzamakungu ryitaho abatishoboye (IRC) kandi ngo wahawe uburyo bwo gukora n’ishirahamwe ry’abanyaburaya (U.E.).

Yaranamenyesheje kandi ko uwo mugambi uzokorera mu gisagara ca Bujumbura, n’intara za Bujumbura, Gitega ba Muyinga kuko basanze ku bitigiri bafise  ariho havuye abana bo mw’ibarabara benshi kandi ngo ukazotwara uburyo bungana n’imiriyoni 3.600.000  z’amafaranga y’abanyaburaya. Ikindi yamenyesheje ni uko uwo mugambi uzoba uje gushigikira ingo zitandukanye zakiriye abo bana canke ibigo birimwo abo bana batagira imiryango bivanye n’uko uwo mugambi uvuga ko umwana ari uwo kuba mu muryango atari uwo kuba mw’ibarabara. Ngo uje kugira bagerageze kwibukanya, kwigishanya no guhanahana ivyiyumviro ku bijanye n’uruhara n’ikibanza c’umwana mu muryango bongere bibutse n’abavyeyi ikibanza c’umwana kuko hari abamaze kuvyibagira bivanye n’uko hariho n’abarungika abana gusegerereza kugira babazanire amahera baronse. Niko guca amenyesha ko, kiretse ibikorwa bahora bakora mu bushikiranganji mu bijanye n’igisata c’abana, hazoba hariho akarusho kuko n’ibikorwa bari baratanguye bijanye no gukura abana mw’ibarabara vyari vyarashizwe mu ngiro ariko ugasanga abana baragarutse canke hakaza bashasha.Ngo bakibaza rero ko bafadikanije n’ishirahamwe IRC bizokunda ko abazokurwa mw’ibarabara bazosubizwa mu miryango bakagumayo hanyuma hagahabwa inyigisho imiryango itandukanye kugirango abo bana bagumizwe mu miryango yabo. Yaheraheje amenyesha ko haruhande y’ibikorwa bariko baratunganya mu bushikiranganji muri barya bana baduganywe mu miryango iwabo, harimwo bamwe naho bari mw’ibarabara bari bafise ubwenge budasanzwe kuko basanze abana bashika 7 barabaye aba mbere mw’ishure kandi bari bavuye mw’ibarabara. Ku bw’ivyo rero ngo basanze igihugu kiriko kiratakaza abana bategerezwa kukigirira akamaro, baca babona ko arivyo bazoza barakorerako kugira barabe ko abana bavuye mw’ibarabara basubiye mw’ishure, n’ingene mu miryango vyifashe kugira bamenye ko umwana aba mu muryango vy’ukuri. 
Evelyne Niyonzima

 

Ouvrir