Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarundi babishoboye basabwe guhiganirwa ibibanza bitanu vy’abakomiseri ba CNIDH

DSC jjk1429Kw’igenekerezo rya 30 Nzero 2019, Inama Nshingamateka yarashize ahabona itangazo rihamagarira abarundi babishoboye guhiganirwa ku bibanza vy’abakomiseri b’umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH. Umuvugizi w’umukuru w’Inama Nshingamateka, Alexis Badian Ndayihimbaze yamenyesheje ko kugira Inama Nshingamateka imenyeshe ko umugwi CNIDH ukeneye abakomiseri batanu basubirira abahahora, yisunze ingingo y’9 mu gace ka 1 n’ingingo ya 13 na 17 mu gace ka 2 z’itegeko inomero 1/04 ryo ku wa 5 Nzero 2011 rishiraho uwo murwi. Ngo ibikorwa birangurwa n’abakomiseri ari navyo bigenga uwo mugwi, biri mu ngingo za 4, 5 na 6 z’itegeko rigenga umugwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu, navyo ni ibi bikurikira : gukingira no guharanira agateka ka zina muntu. Ngo abo bose boba bipfuza guhiganirwa ivyo bibanza basabwa ibi bikurikira : kuba ari abarundi, bashikana imyaka 30 n’iyirenga, kuba bafise amateka y’ubwigenge na poritike yose yemerewe umunyagihugu, kuba batagirizwa guhungabanya agateka ka zina muntu no kurenga amategeko kiretse uwagirizwa icaha kitamuvuyeko, kuba badafise urwego na rumwe rwa poritike begamiye, kuba batarigera bahagarikwa na rimwe mu kazi. Iruhande y’ibisabwa,ngo abipfuza guhiganirwa ivyo bibanza bategerezwa kuba bashoboye kuvuga no kwandika neza cane Ikirundi, kuvuga no kwandika neza Igifaransa, kumenya ururimi rw’Icongereza koba ari akarusho. Ngo kuboba basanzwe bakora mu mashirahamwe ategamiye Reta, bategerezwa kuba bafise uburambe bw’imyaka 5 canke irenga muri ico gisatakuba barakoreye mu bindi bihugu koba ari akarusho. Ngo ababa bifuza guhiganirwa ico kibanza basabwe kuzuza idosiye irimwo : ikete ryanditswe n’iminwe ritarenza impapuro zibiri rigenewe umukuru w’umugwi washizweho n’Inama Nshingamateka,    urupapupuro rwerekana ivyo umuntu yaranguye, ifotokopi y’ikarata ndangamuntu, urupapuro rw’umwidondoro, urupapuro rwerekana inyifato n’imico, urupapuro rwerekana ivyo umuntu yaranguye, aho naho ni kubasanzwe bigisha mu mashure ya kaminuza hamwe no mu bakorera mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yitaho agateka ka zina muntu, urupapuro rwemeza ko badakurikiranwa n’ubutungane, kumenyesha abantu batatu babazi neza, basabwe gutanga amazina yabo, akazi bakora, terefone hamwe na e-mail vyabo.  Ku bava mu mashengero na madini, ngo basabwe ikete ryemeza ko barungitswe n’indongozi zabo. Ngo ibisabwa ngenderwako vy’iryo higanwa bazobisanga kw’irembo ry’ahari ingoro y’amakoraniro mu Kigobe. Barashobora kubisanga kandi ku rubuga ngurukanabumenyi www.assemblee.bi, facebook : Inama Nshingamateka hamwe na Twitter :@nshingamateka. Ngo amabahasha yugaye neza yanditseko «candidature au poste de commissaire membre de la CNIDH » azoshirwa mu gasandugu kugaye kozoba kari kw’irembo ry’ikigo c’ahari Ingoro y’Amakoraniro mu Kigobe kw’ibarabara ryitiwe Mwambutsa IV, ku minsi y’akazi kuva ku munsi  wa kane igenekerezo rya 31 Nzero 2019 gushika ku munsi wa kane igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2019, kuva isaha imwe n’igice yo mu gitondo gushika isaha cumi n’imwe n’igice z’umugoroba.Kw’igenekerezo rya 30 Nzero 2019, Inama Nshingamateka yarashize ahabona itangazo rihamagarira abarundi babishoboye guhiganirwa ku bibanza vy’abakomiseri b’umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH. Umuvugizi w’umukuru w’Inama Nshingamateka, Alexis Badian Ndayihimbaze yamenyesheje ko kugira Inama Nshingamateka imenyeshe ko umugwi CNIDH ukeneye abakomiseri batanu basubirira abahahora, yisunze ingingo y’9 mu gace ka 1 n’ingingo ya 13 na 17 mu gace ka 2 z’itegeko inomero 1/04 ryo ku wa 5 Nzero 2011 rishiraho uwo murwi. Ngo ibikorwa birangurwa n’abakomiseri ari navyo bigenga uwo mugwi, biri mu ngingo za 4, 5 na 6 z’itegeko rigenga umugwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu, navyo ni ibi bikurikira : gukingira no guharanira agateka ka zina muntu. Ngo abo bose boba bipfuza guhiganirwa ivyo bibanza basabwa ibi bikurikira : kuba ari abarundi, bashikana imyaka 30 n’iyirenga, kuba bafise amateka y’ubwigenge na poritike yose yemerewe umunyagihugu, kuba batagirizwa guhungabanya agateka ka zina muntu no kurenga amategeko kiretse uwagirizwa icaha kitamuvuyeko, kuba badafise urwego na rumwe rwa poritike begamiye, kuba batarigera bahagarikwa na rimwe mu kazi.

Iruhande y’ibisabwa,ngo abipfuza guhiganirwa ivyo bibanza bategerezwa kuba bashoboye kuvuga no kwandika neza cane Ikirundi, kuvuga no kwandika neza Igifaransa, kumenya ururimi rw’Icongereza koba ari akarusho. Ngo kuboba basanzwe bakora mu mashirahamwe ategamiye Reta, bategerezwa kuba bafise uburambe bw’imyaka 5 canke irenga muri ico gisatakuba barakoreye mu bindi bihugu koba ari akarusho. Ngo ababa bifuza guhiganirwa ico kibanza basabwe kuzuza idosiye irimwo : ikete ryanditswe n’iminwe ritarenza impapuro zibiri rigenewe umukuru w’umugwi washizweho n’Inama Nshingamateka,    urupapupuro rwerekana ivyo umuntu yaranguye, ifotokopi y’ikarata ndangamuntu, urupapuro rw’umwidondoro, urupapuro rwerekana inyifato n’imico, urupapuro rwerekana ivyo umuntu yaranguye, aho naho ni kubasanzwe bigisha mu mashure ya kaminuza hamwe no mu bakorera mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yitaho agateka ka zina muntu, urupapuro rwemeza ko badakurikiranwa n’ubutungane, kumenyesha abantu batatu babazi neza, basabwe gutanga amazina yabo, akazi bakora, terefone hamwe na e-mail vyabo.  Ku bava mu mashengero na madini, ngo basabwe ikete ryemeza ko barungitswe n’indongozi zabo. Ngo ibisabwa ngenderwako vy’iryo higanwa bazobisanga kw’irembo ry’ahari ingoro y’amakoraniro mu Kigobe. Barashobora kubisanga kandi ku rubuga ngurukanabumenyi www.assemblee.bi, facebook : Inama Nshingamateka hamwe na Twitter :@nshingamateka. Ngo amabahasha yugaye neza yanditseko «candidature au poste de commissaire membre de la CNIDH » azoshirwa mu gasandugu kugaye kozoba kari kw’irembo ry’ikigo c’ahari Ingoro y’Amakoraniro mu Kigobe kw’ibarabara ryitiwe Mwambutsa IV, ku minsi y’akazi kuva ku munsi  wa kane igenekerezo rya 31 Nzero 2019 gushika ku munsi wa kane igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2019, kuva isaha imwe n’igice yo mu gitondo gushika isaha cumi n’imwe n’igice z’umugoroba. 

Vyatororokanijwe na Aline Kanyana

Ouvrir