Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umugambi wo kuja hamwe kw’ibihugu vyo mu muryango wa Afrika y’ubuseruko uriko urasigurwa n’abashingamateka batowe muri EALA

 

DSC 0vvvvf363Igikorwa co kumenyesha abarundi ibijanye no kuja hamwe kw’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko nico kigiye gukorwa n’Inama Nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko kuva kuwa 1 gushika kuwa 6 Ruhuhuma 2019. Ivyo vyashikirijwe  kw’igenekerezo rya 1 Ruhuhuma 2019 n’umushingamateka Victor Burikukiye asanzwe arongoye abashingamateka b’abarundi bahurikiye mu nama nshingamateka y’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko mw’itangazo yashikirije abamenyeshamakuru. Muri iryo tangazo, yabandanije amenyesha ko Inama  Nshingamateka yateguye ivyo bikorwa mu mice ibiri, bisigura ko kuva itariki 1 gushika 6 Ruhuhuma mu bihugu vyose bigize akarere ico gikorwa co kumenyesha ibijanye no kuja hamwe kizoba kiriko kiraba. Ngo ico gikorwa rero kizoba kijanye  no kuraba inyungu n’intambamyi buri gihugu kiriko kirakura muri uko kuja hamwe kw’ibihugu. Niko guca amenyesha ko mu Burundi  kizokorwa biciye mu  nama, imibonano, imirwi y’abamenyeshamakuru, abikorera ivyabo , abari mu mashirahamwe adaharanira inyungu za poritike, imirwi y’abapfasoni n’urwaruka hamwe n’abanyagihugu bari kumipaka aho ngo bazishikira ku kivi kugira bamenye aho abanyagihugu bageza mu gutahura ibijanye no kuja hamwe kw’ibihugu biri mu muryango wa Afrika y’ubuseruko. Ikindi naco yamenyesheje ni uko bazoganira niyo mirwi intabamyi n’inyungu babibonamwo, acamenyesha kandi ko ikindi gikorwa bazogikora mu kwezi kwa Ndamukiza.

Bimwe mu bibazo vyabajijwe n’abamenyeshamakuru, barashatse kumenya aho Uburundi bugejeje mu kwitegurira gukoresha ifaranga rimwe aho bibukije ko isango ariryo mu 2024, Victor Burikukiye acamenyesha ko ibikorwa biriko birakorwa kugira ngo Uburundi bwitegurire iryo sango ryo gukoresha ifaranga rimwe gutyo ntibuze busigare inyuma. Igikorwa co kumenyesha abarundi ibijanye no kuja hamwe kw’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko nico kigiye gukorwa n’Inama Nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko kuva kuwa 1 gushika kuwa 6 Ruhuhuma 2019. Ivyo vyashikirijwe  kw’igenekerezo rya 1 Ruhuhuma 2019 n’umushingamateka Victor Burikukiye asanzwe arongoye abashingamateka b’abarundi bahurikiye mu nama nshingamateka y’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko mw’itangazo yashikirije abamenyeshamakuru. Muri iryo tangazo, yabandanije amenyesha ko Inama  Nshingamateka yateguye ivyo bikorwa mu mice ibiri, bisigura ko kuva itariki 1 gushika 6 Ruhuhuma mu bihugu vyose bigize akarere ico gikorwa co kumenyesha ibijanye no kuja hamwe kizoba kiriko kiraba. Ngo ico gikorwa rero kizoba kijanye  no kuraba inyungu n’intambamyi buri gihugu kiriko kirakura muri uko kuja hamwe kw’ibihugu. Niko guca amenyesha ko mu Burundi  kizokorwa biciye mu  nama, imibonano, imirwi y’abamenyeshamakuru, abikorera ivyabo , abari mu mashirahamwe adaharanira inyungu za poritike, imirwi y’abapfasoni n’urwaruka hamwe n’abanyagihugu bari kumipaka aho ngo bazishikira ku kivi kugira bamenye aho abanyagihugu bageza mu gutahura ibijanye no kuja hamwe kw’ibihugu biri mu muryango wa Afrika y’ubuseruko. Ikindi naco yamenyesheje ni uko bazoganira niyo mirwi intabamyi n’inyungu babibonamwo, acamenyesha kandi ko ikindi gikorwa bazogikora mu kwezi kwa Ndamukiza. Bimwe mu bibazo vyabajijwe n’abamenyeshamakuru, barashatse kumenya aho Uburundi bugejeje mu kwitegurira gukoresha ifaranga rimwe aho bibukije ko isango ariryo mu 2024, Victor Burikukiye acamenyesha ko ibikorwa biriko birakorwa kugira ngo Uburundi bwitegurire iryo sango ryo gukoresha ifaranga rimwe gutyo ntibuze busigare inyuma. Ikindi naco babajije, barashatse kumenya ico nk’abashingamateka boba bariko barakora kugira ikibazo c’ ibirarane igihugu c’Uburundi gifise ntigitere ingorane, yaciye amenyesha ko igikorwa cabo arico kubibwira abo vyega kandi ko atangorane bizotera kuko n’ibindi bihugu bifise ibibazo naho ivyabo bitavurwa. Ikindi twobamenyesha n’uko habaye ukurabira hamwe n’abamenyeshamakuru ibijanye n’inyungu n’intambamyi ku bijanye no kuja hamwe kw’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko.

Evelyne Niyonzima

Ouvrir