Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibisata vy’amahingururiro n’ubudandaji bisabwa gukorana n’igisata c’ubushakashatsi kugira bishike kw’iterambere rirama

 

DSC05ooooo924Ubushikiranganji bw’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi bwipfuza gushika ku rugero rw’aho umunyeshure azokwiga igice kimwe c’inyigisho muri kaminuza, ikindi gice c’umwanya akakimara yimenyereza akazi mu mahungiruro. Ivyo vyashikirijwe n’uwurongoye ubwo bushikiranganji  Gaspard Banyankimbona kuwa 31 Nzero 2019 mw’i hoteri Best outlook, mu ruganda rwari rwatunganijwe n’ubushikiranganji arongoye.Ubushikiranganji bw’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi bwipfuza gushika ku rugero rw’aho umunyeshure azokwiga igice kimwe c’inyigisho muri kaminuza, ikindi gice c’umwanya akakimara yimenyereza akazi mu mahungiruro. Ivyo vyashikirijwe n’uwurongoye ubwo bushikiranganji  Gaspard Banyankimbona kuwa 31 Nzero 2019 mw’i hoteri Best outlook, mu ruganda rwari rwatunganijwe n’ubushikiranganji arongoye.Muri urwo ruganda, umushikiranganji Gaspard Banyankimbona yari aramutse atanguza urunani rwo guhagurutsa abajejwe ivy’iterambere mu gihugu kugirango baze bafashanye bikoze ku buhinga busanzwe muri za kaminuza no mu bakora ubushakashatsi butandukanye kugira babushire ku kivi c’iterambere. Urwo runani rero ngo rurimwo bose ariko umwe wese agakora ibimwerekeye ariko bagakorera hamwe kugira bashike kw’iterambere. Banyankimbona afatira ko hari ubumenyi, ubwenge bwugaraniye mu makaminuza kandi bwoshoboye kugira ico buterereye mw’iterambere. Hari ibikorwa bisaba ubwo bumenyi bikorerwa mu bisata bitandukanye ariko ugasanga biriko biza gukora abanyamahanga kandi abarundi bari babishoboye.

Hariho igihe usanga abo banyamahanga baciye bakoresha abashakashatsi bo ngaha iwacu. Banyankimbona abandanya amenyesha ko baciye muri urwo runani bomenyere gukoresha abahinga bo ngaha iwacu. Nivyo ngo barashobora kugira aho batazoshika ariko ivyo bashoboye babikore hanyuma iterambere ntirituvune cane. Abandanya amenyesha ko yipfuza cane ko abikorera ivyabo canke abadandaza bo ku rwego rwo hejuru canke abafise amahinguriro yuko bokwumva ko bakenera ubumenyi bwo mu makaminuza.Hari n’abidoga ko abakozi baronka kw’isoko baba baramuwe muri ayo ma kaminuza ari muri iki gihugu baba batameze uko bipfuza ko bamera, baza badashoboye gukora ivyo bipfuza ko bakora.Umushikiranganji Gaspard Banyankimbona asaba ko abarongoye ubwo buzi boza bakamwitura bakamubwira ivyo bakeneye, bakorane hanyuma ubushikiranganji ntako butazokora kugira bubakorere ivyo bipfuza, hanyuma ivyo vyofasha ko bakorana mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu. Ngo hari henshi wumva ko bariko barakenera gukora ubushakashatsi kuri ibi na biriya ni baze bakoreshe abashakashatsi bo muri za kaminuza. Hanyuma bakoresheje abashakashatsi b’i Burundi akamaro karimwo ni uko  abikorera mu gisata c’ubushakashatsi arimwo, ni ukuvuga yuko naho uwo mushakashatsi yoba atari hafi, ivyo yakoze biguma bibitswe, ariko uhitanye umuntu ukamukura hanze, uwo muntu aragukorera ico gikorwa, uhejeje kumuha amahera aca afata indege, agiye urashobora no kutazosubira kumuronka.Banyankimbona abona ko mu vyukuri abantu bose bohaguruka kubera iterambere, rirama rishoboka bakoreye hamwe. Vyoba vyiza intumbero y’iterambere rirama y’umwaka 2020-2030 ifatiye no kuri uwu mugambi mushasha w’igihugu w’iterambere w’2018-2027 kuko vyose bihamagarira abahinga batandukanye  gukorera hamwe.Banyankimbona amenyesha kandi ko ubushikiranganji ahagarariye bwofata iyambere nk’abitwa yuko bahagararira abandi mu bijanye n’ubumenyi kugira ngo bereke abarundi yuko bishoboka ko ibintu bikorwa ukundi ariko bagashika ku ntumbero y’iterambere rirama ku neza y’abarundi n’uburundi.Banyankimbona arahumuriza akamenyesha ko bagiye kwerekana uko vyokorwa kandi akizera ko bazovyemera kuko amashirahamwe n’amahinguriro arimwo abantu bafise ubuhinga n’ibikoresho amakaminuza yokenera , ari naco gituma ngo bazoshika ku rugero aho bazokwigisha umunyeshure yiga igice kimwe muri kaminuza ikindi gice c’umwanya akacigira aho asanzwe azokorera akazi agize amahirwe yo kukaronka kugira asohoke kaminuza ashoboye guca aja mu kibanza c’umukozi azi akazi kandi amenyereye akazi ace abandanya ateza imbere iryo shirahamwe agiye gukorera.Muri urwo ruganda kandi abashikirije ibiganiro, uhereye ku wurongoye igisata c’ubudandaji n’iterambere  (ISCO)  muri kaminuza y’Uburundi , Aloys Misago barashoboye gushikiriza ibikorwa vy’ubuhinga aho bererekanye ko hakwiye kujaho ubucuti bukomeye hagati y’amakaminuza, Ibikorwa vya Reta hamwe n’abigenga. Ivyo rero vyofasha gushika kuri wa mu gambi w’iterambere rirama, mbere abanyeshure b’amakaminuza bakaronka aho bimenyerereza vyoroshe, ababa bagiye kwimenyereza bakoroherwa. N’abakoresha boca bazirikana uruhara rwabo bimenyereza. Abarongoye ibisata vy’ubushakashatsi nabo nyene bokorera hamwe kuko usanga bafise ubuhinga butandukanye kandi ivyo bisata bikaba navyo bifise uruhara rukomeye mw’iterambere ry’igihugu.     Nzosaba Ferdinand  (Uwimenyereza)

Ouvrir