Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarundi bakwiye gutuza amabi yashikiye Uburundi muri kahise kugira bubake kazoza keza

fgbAbarundi barakwiye gutuza amabi yashikiye igihugu cabo muri kahise kugira muri kazoza ka hafi canke ka kure abantu ntibasubire gushikirwa n’ako karanda gakomeretsa abanyagihugu basangiye ugupfa n’ugukira. Ivyo vyashikirijwe n’umukuru w’umugwi ujejwe gutohoza ukuri n’ukunywanisha abarundi (CVR) Pierre Claver Ndayicariye ku wa 29 Nzero 2019 mu nyubakwa z’ihoteri «Royal Palace»igihe yariko arugurura inama uwo mugwi wagirishije abantu baturuka mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu harimwo abahoze ari abakuru b’ibihugu n’ivyegera vyabo.Abarundi barakwiye gutuza amabi yashikiye igihugu cabo muri kahise kugira muri kazoza ka hafi canke ka kure abantu ntibasubire gushikirwa n’ako karanda gakomeretsa abanyagihugu basangiye ugupfa n’ugukira. Ivyo vyashikirijwe n’umukuru w’umugwi ujejwe gutohoza ukuri n’ukunywanisha abarundi (CVR) Pierre Claver Ndayicariye ku wa 29 Nzero 2019 mu nyubakwa z’ihoteri «Royal Palace»igihe yariko arugurura inama uwo mugwi wagirishije abantu baturuka mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu harimwo abahoze ari abakuru b’ibihugu n’ivyegera vyabo.Yamenyesheje ko iyo nama bayitunganije mu ntumbero yo gusaba impanuro y’ukugene uwo mugwi wokora ku neza y’abarundi bose n’igihugu kugira ukuri ku mabi yashikiye Uburundi n’abarundi kumenyekane gutyo ushobore no kubanywanisha. Iyindi ntumbero ngo ni ukugira abarundi bafatane mu nda na kare basangiye ugupfa no gukira. Yarongeye amenyesha ko amabanga uwo mugwi ujejwe atomorwa n’ingingo ya gatandatu yo mw’ibwirizwa riwugenga. Yaboneyeho akaryo ko gushikiriza ayo mabanga. Abagize uwo mugwi basaba gushigikirwa mu kumenyesha ukuri abanyagihugu. Ivyo bikazoshoboka mu gihe abajejwe intwaro bazofasha mu kumenyesha, kurahira no kuja imbere abo barongoye mu bikorwa umugwi CVR uzoba wateguye canke watunganije mu ntara, mu makomine no mu mitumba. Uwo mugwi wabasavye kandi kuwufasha kumenyesha imirimo ushinzwe bafatiye kw’Ibwirizwa Shingiro rigenga ibikorwa washinzwe n’inzego z’igihugu.

Akamenyesha ko ivyo biraba cane cane abatowe n’abanyagihugu ngo babaserukire, abarongoye intara n’amakomine kubera bamana n’abanyagihugu. Umugwi CVR ngo si urwego rw’ubutungane, ahubwo ushinzwe gutohoza ukuri ku bibi vyashikiye igihugu c’Uburundi. Bisubiye ngo ukuri kuraronderwa kandi kuzova mu Barundi bafise ivyo babonye canke ivyabashikiye ku mitumba canke karitiye babamwo. Umugwi CVR usaba abajejwe intwaro gutegura imitima y’abo barongoye no gutanga umuco ukwiye kuko kazoza keza k’igihugu gahagaze ku mugambi wo kunywanisha abarundi. Ivyo ngo bizotuma abarundi basabana ikigongwe kandi bamenya benewabo aho bahambwe ikivunga. Umugwi CVR usaba kandi abarongoye abandi kwama basiguza mu gihe bumvise inkuru z’urusaku zinyuranye n’intumbero y’igikorwa bashinzwe. Bisubiye ngo ukuri kurakiza naho hari abo gushobora gutera ubwoba. Umukuru w’umugwi CVR yaboneyeho akaryo ko gusaba abarundi bose kwugurura imitima yabo, gukunda ukuri, kuvuga ukuri, kuvomera ukuri no gutegura kazoza k’uruvyaro rw’Uburundi. Yarongeye amenyesha ko ukuri kuzira inzigo n’ishari kugiye ahabona Uburundi buzoba bwogoroye. Bizoheza bifashe no kwandika kahise gahuriyeko abarundi benshi gutyo abanyagihugu bumve ko basangiye ugupfa n’ugukira. Yarongeye amenyesha ko intumbero yindi y’iyo nama ari uguhanahana ivyiyumviro no guhuza imitima y’abaje baturuka mu nzego za Reta, abo mu Nama Nshingamateka na Nkenguzamateka, abo mu nzego zijejwe umutekano ; abo mu migambwe, abarongoye amadini, abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike n’abajejwe ibimenyeshamakuru. Yamenyesheje kandi ko ari akaryo ko kuganira ku mabanga bajejwe yo gutohoza ukuri ku makuba yahekuye Uburundi n’abarundi. Yaboneyeho akaryo ko kwibutsa ko uwo mugwi wavuye mw’ishaka ry’abarundi bicaranye mu biganiro vy’i Arusha mu biganiro hagati y’abanyeporitike baganira indyane zashikiye Uburundi. Aho ni mu gihe mu gihugu c’Uburundi hari abanyagihugu bakubiswe, bapfungiwe ubusa, abakuweko agashambara, ababorejwe igufa, abarengewe n’ubutungane, abahunze iguhugu, abibwe ivyabo, ababuzwe irengero, abangajwe mu matongo n’abanyazwe urukombamazi. Hari kandi abishwe, abasatswe mu nzu, abakenyezi n’abigeme bagiriwe ibibi bitavugwa n’ayandi mabi menshi. Ukuri rero Uburundi bushaka kumenya ngo gufise amasanamu atandukanye yatumye abantu bahahamuka, abandi bama bicurikiye kubera amagorwa n’amakuba babonye. Uwo mugwi kandi muri kino gihe ugizwe n’abakomiseri 13 mu gihe uwahahora wari ugizwe n’abakomiseri 11. Uwo mugwi wa mbere wagengwa n’Ibwirizwa ryo ku wa 15 Rusama 2014 nayo uwo w’ubu ukuba ugengwa n’Ibwirizwa ryo ku wa 6 Munyonyo 2018. Mu biganiro vyashikirijwe muri iyo nama harimwo ibijanye n’ubutungane bunywanisha abantu inyuma y’intamabara ; ibiraba Ibwirizwa rishasha rigenga umugwi CVR. Hari kandi ibijanye n’ivyo uwo mugwi basubirije washitseko n’ibintu uwo mugwi wipfuza ko vyomenyekana naho hatabuze ivyabagoye. Umugwi nk’uwo kandi ngo warashinzwe mu bindi bihugu bishika mirongo itatu kw’isi nka Afrika y’Epfo, Côte d’Ivoire, Pérou, Timore Oriental n’ahandi hose bagendana ibikomere ku mutima. Ibikomere n’akabonge navyo bikaba biva ku vyago vy’intambara abanyagihugu baba baraciyemwo. 

Epitace Nduwayo 

Ouvrir