Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Rutwe rwa Ndanibenga yabuze umugeni kubera amarara!!!

 Harabaye umusore akitwa  Rutwe  rwa Ndanibenga akaba yarabaye ngaho ataco yibwira kugira ngo yubake urwiwe nk’abandi basore. Maze abantu bakaguma baryana inzara bamubonye kubera yazinduka ku kirabo gusegerereza aho babaga. Akirirwa kubeba  imbabura kugira aze ararya udushitwa tw’izisigara ku mugeto. Aho abandi bazinduka kurima we isuka yarabaza, yari umwe bita “maboko ndenderi abona isuka akaregarega yabona inkoko akaremarema”. Bitayeko, ishure ntiyarinywa no mu mazi, eka no kuja gusenga  wari umugani. Haciye iminsi abarongoye abandi bahimiriza abantu bose baba  ku gatumba kabako Rutwe kwigira urubatizo ni ukuvuga abato, abakuze, bose baragenda ariko, Rutwe ararahira ararengwa ko atazohonyorayo. Yigumira ari umuzirarumenyetso yibwira ko ugiye gusenga udasubira kuronka uruhusha rwo kuja aratuneza ubuhiye. Ariko uko iminsi yahera, bagenzibe bagumye bamukwegakwega.Harabaye umusore akitwa  Rutwe  rwa Ndanibenga akaba yarabaye ngaho ataco yibwira kugira ngo yubake urwiwe nk’abandi basore. Maze abantu bakaguma baryana inzara bamubonye kubera yazinduka ku kirabo gusegerereza aho babaga. Akirirwa kubeba  imbabura kugira aze ararya udushitwa tw’izisigara ku mugeto. Aho abandi bazinduka kurima we isuka yarabaza, yari umwe bita “maboko ndenderi abona isuka akaregarega yabona inkoko akaremarema”. Bitayeko, ishure ntiyarinywa no mu mazi, eka no kuja gusenga  wari umugani. Haciye iminsi abarongoye abandi bahimiriza abantu bose baba  ku gatumba kabako Rutwe kwigira urubatizo ni ukuvuga abato, abakuze, bose baragenda ariko, Rutwe ararahira ararengwa ko atazohonyorayo. Yigumira ari umuzirarumenyetso yibwira ko ugiye gusenga udasubira kuronka uruhusha rwo kuja aratuneza ubuhiye. Ariko uko iminsi yahera, bagenzibe bagumye bamukwegakwega.Umunsi umwe yaritoye aja gusenga ku w’Imana nk’abandi, niho yabona umwigeme  ateye igomwe ashogomanze yitahiye, Rutwe rwa Ndanibenga igitima ngo kwa! Atangura kumukurikira  ukuguru ku kundi. Umukobwa ahindukiye ukamengo kwa Rutwe ijuru rirururutse. Niko kwibwira ati reka nanje ndarivuge aho vyakabereye ni kera. Ca gihwa kiniga abahungu batamenyereye kuresha kiramuhagama ariko uwo munsi Rutwe yari yamaze kurya  umutima amenyo. Ni uko rero acakira ya nkumi ya barundi arayigumya ukuboko, ntiyibutse no kumuramutsa ayibwira ati, « ndagukunda, kandi nshaka ko twubakana! » Umukobwa nawe ntiyari agifise iryo asubizayo kubera yabona Rutwe icuya gica irya n’ino. Umutima wiwe watera indihagizi, wari kugira ngo ni umuvuba bariko baravuguta. Inyuma y’agacerere katari gato niho wa mwigeme yikurayo ati, « Ukaba unkunda uraze ubisabe abavyeyi banje, unyereke vy’ukuri ko uri umuhungu w’ijambo. » Rutwe yavuye ngaho yiruka agenda aratamba, atwenga wamenga acitse umusazi, ashitse muhira abwira umuryango ko yarirashe rikagema.  Ni uko rero baranezerwa bategura amashishiro n’ibisabisho bazotwara gusaba umugeni. Bukeye mu gatondo bazindutse barahunja urume banyaragasa kugira ngo ntibacererwe  iwabo na  wa mukobwa bahave baronka umwanya wo gukora amatohoza ku nyifato ya Rutwe. Bamaze gushikayo basanga iwabo w’umukobwa bamaze kwitegura, bararura imfungurwa zo kwakira umukwe, bazana n’inzoga zengetse baratereka. Rutwe ngo abibone amate atangura kwuzura akanwa, aho yicaye atangura gusutwasutwa. Serugo rero atangura araramutsa amahoro, ashikiriza ijambo ryo kwakira abashitsi yongera ababaza n’ikibagenza, abaherekeje umuhungu barashikiriza iryabazinduye nawe nyene urugo arateba arabemerera ko azobagabira nkuko babisavye. Inyuma y’aho abahereza imfungurwa n’ibinyobwa barihereza. Wa muhungu Rutwe nawe abirengerako arabiromagira nk’igisamamajonjo, icibo kingana n’urutaro agisiga cera; abari ngaho barumirwa. Bene umukobwa ngo babibone gurtyo bibwira bati: « Uwo muntu arya nk’isiha nta mugeni wacu tumuha yohava amurira munzu, canke akamurisha urubutiro.» Ni uko barikebukanya bakira inkwano zose na za nzoga bamwana yari yarungitse bazikoreza abikorezi bababwira bati gende muronderere ahandi umugeni wacu turacamukeneye. Rutwe mwene Ndanibenga aba abuze umugeni kubera amarara yiwe. Sije nohahera hohera uwo muhungu w’inda ndende yabuze umugeni kubera ubukunzi bw’inda. 

Ladislas Manirakiza

Ouvrir