Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abadasigana n’abarundi bose basabwe kuguma babumbatiye Ubumwe twarazwe n’abubatse Uburundi

 

Gashatsi1Ejo aho bukera kw’igenekerezo rya 5 Ruhuhuma 2019 imyaka 28 izoba irangiye habonetse  Ubumwe bw’abarundi hari ku wa 5 Ruhuhuma 1991, igihe abarundi biyemereza biciye mu matora ata gahato kwibanira mu bumwe. Umukuru w’umugambwe UPRONA  Abel Gashatsi mu kiganiro hayahe ikinyamakuru UBUMWE ku wa 1 Ruhuhuma 2019 yamenyesheje ko intumbero y’amasezererano  y’ubumwe bw’abarundi yagumye ari yayindi naho abarundi bacanyemwo haheze iminsi mike ayo masezerano abonetse.  Abarundi ngo babanye neza mu mahoro n’ubumwe umwizero ukaba wagiye kugaruka cane cane  igihe haba inzira nziza y’ibiganiro vy’i Arusha kuko ata muntu acumva mu mashure abadasangiye ubwoko bacanamwo, co kime  no mu nzego z’umutekano.  Ngo abadasangiye ubwoko babanye neza eka n’abacungera abategetsi barizeranye kuko usanga umututsi acungera umuhutu, umuhutu nawe agacungera umututsi abarundi nabo mu butandukane bwabo babaka babanye mu mahoro akabasaba guhimbaza uwo munsi banezerewe kuko intambwe yo gutsimbataza ubumwe ishimishije. Mu mugambwe UPRONA ngo baremera uwo munsi kandi n’iyindi migambwe yagiye irakurikirana irawemera kuko ubumwe babwubahiriza bose. Ejo aho bukera kw’igenekerezo rya 5 Ruhuhuma 2019 imyaka 28 izoba irangiye habonetse  Ubumwe bw’abarundi hari ku wa 5 Ruhuhuma 1991, igihe abarundi biyemereza biciye mu matora ata gahato kwibanira mu bumwe. Umukuru w’umugambwe UPRONA  Abel Gashatsi mu kiganiro hayahe ikinyamakuru UBUMWE ku wa 1 Ruhuhuma 2019 yamenyesheje ko intumbero y’amasezererano  y’ubumwe bw’abarundi yagumye ari yayindi naho abarundi bacanyemwo haheze iminsi mike ayo masezerano abonetse.  Abarundi ngo babanye neza mu mahoro n’ubumwe umwizero ukaba wagiye kugaruka cane cane  igihe haba inzira nziza y’ibiganiro vy’i Arusha kuko ata muntu acumva mu mashure abadasangiye ubwoko bacanamwo, co kime  no mu nzego z’umutekano.  Ngo abadasangiye ubwoko babanye neza eka n’abacungera abategetsi barizeranye kuko usanga umututsi acungera umuhutu, umuhutu nawe agacungera umututsi abarundi nabo mu butandukane bwabo babaka babanye mu mahoro akabasaba guhimbaza uwo munsi banezerewe kuko intambwe yo gutsimbataza ubumwe ishimishije.

Mu mugambwe UPRONA ngo baremera uwo munsi kandi n’iyindi migambwe yagiye irakurikirana irawemera kuko ubumwe babwubahiriza bose. Abarundi ngo bawushizeho kugira  bonyene bibanire mu butandukane bwabo kugira bakurikize ubumwe bwaranze Ntare Rushatsi, Ntare Rugamba, Mwezi Gisabo, Rwagasore n’abandi bitangiye Uburundi kugira abahutu, abatutsi n’abatwa bose biyumve ko ari bene Burundi ata nyagupfa canke nyagukira. Ikijanye no gusabikanya ubutegetsi nk’uko amasezerano y’i Arusha yabisaba ngo vyarafashije cane kuko ata bwoko canke umuntu yasubiye  gukumirwa ngo afatwe nk’umunyamahanga. Ayo masezerano nyene y’i Arusha yatumye amatora ashingiye ku moko canke ku mugambwe umwe adasubira kwibonekeza kandi uwudatsinze amatora ntiyasubiriye gukumirwa mu gihugu. Akarorero ni nko mu Nama Nshingamateka aho usanga ibice 40 kw’ijana vy’ubwoko bw’abatutsi na 60 kw’ijana vy’abahutu  vyubahirijwe,  ivyo bikizeza abadasangiye ubwoko kuko umwe wese yumva ko aserukiwe mbere n’abatwa ntibibagiwe kuko naho batoba  bashikanye amajwi baheza bagashirwa muri izo nzego. Abel Gashatsi asaba abarundi kubandanya iyo ntambwe y’ubumwe bw’abarundi kugira ntisubire inyuma birinde ico cose coza kibatandukanya canke kibasubiza mw’ihumbi. Yarangije asaba abarundi kuzitira bataronerwa kugira ivyabaye igihe akagwi katashaka ko hoba ukubisikanya ku butegetsi biciye mu matora, kagandagura uwahoze ari Umukuru w’igihugu Ndadaye Melchior ntibizosubire. Icatumye ahanini ako kagwi k’abarundi gakora iryo bara ngo ni uko   iminsi yose mu Burundi mbere no mu bindi bihugu vyama bigoye iyo intwaro zihindutse kubera inyigisho z’amacakubiri ziba zaratanzwe, ariko ubu abarundi baramaze kubitahura kuko iyo amatora abaye bashira aho intahe ishize. Yasavye kandi abo vyega bose kwubahiriza ibiba vyavuye mu matora, uwatsinze akamenya ko agiye gutwarira bose ata nkunzi, amajambo y’iterabwoba ntasubire gukoreshwa ivyo bakaba bavyizeye mu mugambwe UPRONA ko bizokwama biri uko narirya intambwe Uburundi bugezeko ari nziza. 

Ladislas Manirakiza

Ouvrir