Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ugufungurira abanyeshure ku mashure vyarongereje igitigiri c’abayahurumbira

 

amashIshure  ni ikibanza ciza kirera umwana havuye  umuryango, kw’ishure umwana ashobora kuhakura ubumenyi butandukanye, ariko n’aho biri uko kugira ubumenyi bushoboke bisaba ko umwana aba yafunguye neza. Ni muri iyo ntumbero Reta y’Uburundi yashizeho umugambi wo kugaburira abana ku mashure hamwe no gutegura integuro y’igitabu  cerekana ibijanye no gufungura neza hamwe n’isuku. Ivyo vyamenyeshejwe n’umwunganizi w’umushikiranganji w’amashure y’intango n’inyigisho z’imyuga Hermenegilde Burikukiye, mu gihe hariko hemezwa igitabu canditsemwo ibijanye no gufungura neza n’ isuku ku mashure.Ishure  ni ikibanza ciza kirera umwana havuye  umuryango, kw’ishure umwana ashobora kuhakura ubumenyi butandukanye, ariko n’aho biri uko kugira ubumenyi bushoboke bisaba ko umwana aba yafunguye neza. Ni muri iyo ntumbero Reta y’Uburundi yashizeho umugambi wo kugaburira abana ku mashure hamwe no gutegura integuro y’igitabu  cerekana ibijanye no gufungura neza hamwe n’isuku. Ivyo vyamenyeshejwe n’umwunganizi w’umushikiranganji w’amashure y’intango n’inyigisho z’imyuga Hermenegilde Burikukiye, mu gihe hariko hemezwa igitabu canditsemwo ibijanye no gufungura neza n’ isuku ku mashure.Hermenegilde Burikukiye yamenyesheje ko ugufungurira abana ku mashure biri mu bituma ubumenyi bwiyongera mu mashure,  vyarongereje bimwe biboneka abana biyandikisha kugira bashobore gutangura ishure, mu karere basanzwe bagaburira abana ku mashure birongera biragabanya  abana baheba amashure.

Umunganizi mu bushikiranganji bw’indero yabandanije amenyesha ko Reta y’Uburundi ariyo mpamvu yayitumye ishira inguvu ziboneka mu kugaburirira kw’ishure abanyeshure mu karere  hibonekeza indwara zo gufungura nabi hamwe n’ubukene mu miryango.  Uwo mugambi wo kugaburirira abanyeshure ku mashure, ukaba ukorerwa mu ntara 7 z ‘igihugu. Izo ntara zikaba zatowe baravye ahari inzara gusumba ahandi, uwo mugambi rero ntiwakorewe ku mashure yose, bagiye bararaba aho hari  abana benshi  barwaye indwara zo  gufungura nabi.  Yabandanije amenyesha ko iyo nteguro iri mu gitabu izofasha cane ku bigisha mu gihe boyikoresha neza, gutanga ubumenyi bukwiye kugira bashobore kubuha urwaruka  bashobore  kumenya neza  ico arico ugufungura neza, kugira isuku ku bifungurwa n’aho  ku mashure basanzwe bigira bikazotuma bagira amagara meza. Abo banyeshure bavyize bakaba bazoshobora kubijana mu mihana iwabo kuko bariko barakura bagashobora no kubikwiza hose aho bagiye, bakongera bakazovyigisha  abana muri kazoza, bikazotuma igihugu cose gishika kw’iterambere rirama gifise abanyagihugu bafise amagara meza kuko ishure ari ihuriro. Hermenegilde Burikukiye yasozereye atumirira abigisha kugira inguvu mu gutanga ubumenyi bukwiye ku banyeshure kuko biba mu kubigisha no kubafungurira neza kugira bagire amagara meza hamwe n’ubumenyi mu mashure butere imbere.

Anitha Bizimana

Ouvrir