Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abantu bakwiye kumenya indwara yitwa « Toxoplasmose » kugira bayirinde

 

sdfqAbavyeyi bibungenze basabwa gupimisha imbanyi mu mezi atatu ya mbere kugira bishitse bakaba bafise indwara yitwa  toxoplasmose « Toxo »mu mpfunyapfunyo  baje ku miti hakiri kare gutyo ntibanduze abana babo. Ivyo vyashikirijwe na muganga Gilbert Kayonde mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.  Abavyeyi bibungenze basabwa gupimisha imbanyi mu mezi atatu ya mbere kugira bishitse bakaba bafise indwara yitwa  toxoplasmose « Toxo »mu mpfunyapfunyo  baje ku miti hakiri kare gutyo ntibanduze abana babo. Ivyo vyashikirijwe na muganga Gilbert Kayonde mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.  Nk’uko yabimenyesheje, ngo indwara yitwa «oxoplasmose»  iva kugufungura inyama canke imboga zandujwe n’umwanda w’ubuyabu cane cane imvura yaguye aho usanga uyo mwanda wagiye ku mboga zimerera hasi canke kuvyatsi. Ngo iyo ibitungwa biciye bifungura ivyo vyatsi vyagiyeko uwo mwanda, umuntu agaca afungura inyama zidahiye neza zavuye ku gitungwa cariye ivyo vyatsi akanafungura n’imboga zitaronze neza ngo birashoboka ko bokwandura iyo ndwara. Ikindi yamenyesheje ni uko iyo ndwara ishobora gufata abantu  bose ari abagore canke abagabo. Ngo iyo ndwara iyo  umuntu ayirwaye adafise imbanyi nta kintu na kimwe yonona  ariko igatera ingorane igihe umuntu afise umugera wa SIDA  mbere ngo ikanashobora no kwonona ubwonko. Abandi bayirwara ngo ni abagore bafise imbanyi kandi ngo ishobora no kubatera ingorane aho ishobora guhindura nabi ibice bimwe vy’umubiri  w’abana bibungenze  (malformation) ugasanga bafise udutwe dutoyi canke bafise amazi mu mutwe ndetse ngo n’inda zirashobora kuvayo zikiri nto zitaragera kuvuka. Yaranamenyesheje kandi ko iyo umuntu yigeze kugira iyo ndwara afise imbanyi ntaco iheza ngo imugire asubiriye kuyigira kuko aba yaramaze gukingirwa  ariko iyo imufashe ubwa mbere afise inda niho ari bibi kuko ishobora kwandukira umwana ari mu nda, kandi rero ngo ntakimenyetso nakimwe cerekana ko umuntu ayirwaye batamupimye amaraso . Yaheraheje amenyesha abantu ko boyirinda mu kureka gufungura imboga zidateguye neza, bakazironga bikwiye, bakirinda no gufungura inyama zidahiye cane cane izokeje.Ku bavyeyi bibungenze yabasavye kwipimisha igihe cose babisabwe cane cane mu mezi atatu ya mbere, ngo bibaye ngombwa mu kwezi kugira kabiri ibice vy’umubiri  bitaraja mu bibanza  kuko hari igihe bovyibuka ugasanga ataco bigihindura, rero ngo ni ukubimenya kare kugira bafate imiti ata kirononekara kuko hariho imiti ibivura kandi ngo iyo bamaze gutora iyo ndwara  umuntu afata umuti gushika yibaruke.
Evelyne Niyonzima

Ouvrir