Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Urwaruka ruhamagarirwa gushira ahabona impano rufise kugira rushobore kwiteza imbere

momùgUkwitunganiriza imigambi yo kwiteza imbere biri mu bisabwa urwaruka kuko Reta itagishoboye gutanga akazi kuri bose. Ukwitunganiriza imigambi yo kwiteza imbere biri mu bisabwa urwaruka kuko Reta itagishoboye gutanga akazi kuri bose. Mu ntumbero yo guhimiriza urwaruka ngo rwitunganirize imigambi y’iterambere, ikinyamakuru UBUMWE caragiriraniye  ikiganiro n’umwigeme ahingura ibirato akoresheje inyuzi, Viola Niyonkuru. Uwo muyabaga yahejeje ishure kaminuza nderabigisha (ENS) mu gisata c’ubuhinga yamenyesheje ko umwuga wo gukora ibirato n’ibindi bambara mw’izosi, ku maboko no ku matwi yawutanguye arangije amashure. Niyonkuru akaba  yamenyesheje ko uwo mwuga  atawigiye mw’ishure ariko yari asanzwe azi  kujisha  kuva akiri mu mashure mato kuko we  n’abanyeshure bigana bahora bakunda  kujisha udutambara bambara mw’izosi iyo hakanye n’ibindi.  Yabandanije amenyesha ko amaze kurangiza amashure yaciye abona ko atoguma yicaye aca atangura kurondera ukungene yokwiteza imbere akoresheje impano yari asanganywe yo kujisha. Ngo amaze kubona ko  inyuzi z’ibirato z’amabara zibaho, yaciye atangura kwibaza ko yotangura gukora ibirato kuko yari asanzwe akora ibintu bambara mw’izosi , ku maboko no ku matwi, naho yabona ko inyungu atari ikirenga. Ngo akigira iciyumviro co gukora ibirato yaribajije  aho azokura itaro y’ivyo birato, niho yabona abandi bafundi itaro ijako ikirenge , bakoresha aca abona ko nawe ariyo yokoresha. Ngo  ikirato ca mbere yakoze yagishize ahabona akoresheje ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru bita whats upp aho abakibonye baza baramubaza aho yagikuye nawe agaca abamenyesha ko arico yakoze. Ngo yaranakoreye ikirato umuntu hanyuma abagenzi bakibonye baca bamusaba ngo nabo abakorerere. Ngo abantu baragiye barabihanahana bituma amenyekana ubu akaba afise abamushorera mu gisagara  batari bake. 
 Umwigeme Niyonkuru yamenyesheje ko bitamworohera  kuronka itaro z’ibirato kuko ari abantu babiri bayikura mu Buganda bakaza kuyidandariza mu Burundi, ivyo bituma azironka ku giciro kinini. Iyindi ngorane, ngo ni uko inyuzi z’amabara menshi zitaboneka vyoroshe. Niyonkuru yamenyesheje ko ibiciro vy’ibirato abishinga yisunze itaro yakoreresheje nimba ari iyavuye mu Buganda canke yakozwe mu mapine y’imodoka canke umuderi w’ico kirato. Ngo ibiciro biri hagati y’10000 na 15000. Niyonkuru yamenyesheje ko yatanguje umutahe uri munsi y’amafaranga 20000, ubu akaba yaranaboshoye kwigurira imashine ikora ibirato igurwa amafaranga 200 000.  Ubu ngo afise abo yigishije uwo mwuga bashika batanu bakorana, abigeme bamufasha kujisha n’abahungu bakora akazi ko kuringaniza itaro z’ibirato. . Ku bijanye n’isoko ashoreramwo, Niyonkuru yifuza ko ivyo ahingura vyoshoka no mu mahanga. Ubu, Niyonkuru akorera ibirato  ababa babimusavye kugira bavyambare, hari n’abamusaba ngo abakorere ibirato baja kudandaza mu masoko.  Yabandanije amenyesha ko muri kazoza yifuza kuzoshinga ihinguriro rinini hamwe azoshobora gutanga akazi ku batari bake. Niyonkuru ahanura urundi rwaruka  ko rwoshira ahabona impano ruba rufise kugira zibafashe kwiteza imbere.

Aline Kanyana

 

Ouvrir