Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abatwara abantu n’ibintu ku mapikipiki n’amakinga basabwa gukora umwuga wabo bakurikije itegeko ribagenga

 

Céléstin Nsabimana arongoye urunani rw’amashirahamwe akorera mu gisata co gutwara abantu n’ibintu, FNTT-SI akaba n’icegera c’umukuru wa sendika y’abakozi, COSYBU asaba abatwara abantu n’ibintu ku mapikipiki, amakinga n’ibindi kwubahiriza amategeko abagenga kugira ngo birinde amasanganya atuma benshi batakaza ubuzima. Ivyo yabishikirije mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE ku wa 4 Kigarama 2018, i Bujumbura.Céléstin Nsabimana arongoye urunani rw’amashirahamwe akorera mu gisata co gutwara abantu n’ibintu, FNTT-SI akaba n’icegera c’umukuru wa sendika y’abakozi, COSYBU asaba abatwara abantu n’ibintu ku mapikipiki, amakinga n’ibindi kwubahiriza amategeko abagenga kugira ngo birinde amasanganya atuma benshi batakaza ubuzima. Ivyo yabishikirije mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE ku wa 4 Kigarama 2018, i Bujumbura.Muri ico kiganiro yamenyesheje ko  abagendesha amapikipiki n’amakinga bakoze uwo mwuga bataronswa inyigisho zo kubahubura. Ubu rero ngo harashinzwe amakomite azokwama abafasha kuronswa inyigisho zituma bakora neza umwuga wabo. Yasavye ko ayo makomite akomezwa kandi agakora neza. Yasavye ko uwurenganijwe wese yitura inzego zibijejwe kugira ngo zimutunganirize. Ngo abunguruza abantu n’ibintu ku mapikipiki n’amakinga mu minsi yambere wasanga badafise ubumenyi bukwiye bwo gutwara ivyo bigendeshwa eka mbere ngo wasanga ata mategeko mbere abagenga ariho.  Ngo igihe haba itunganywa ry’amashirahamwe bashobora gukoreramwo ngo baciye basaba Reta gushiraho itegeko rigenga abatwara ivyuma bitobito nk’amapikipiki, amakinga n’ibindi. Ngo iryo tegeko rero  rinaraba abo bose bagenda n’amaguru ryarashizweho. Ngo abo ryega bose bokwama barisoma kugira ngo ribafashe kwirinda amasanganya atuma batakaza vyinshi harimwo n’ubuzima bw’abantu.  Céléstin Nsabimana yaranakebuye abajejwe gucungera umutekano ku mabarabara ngo bakore neza akazi bajejwe. Yamenyesheje ko harimwo bamwe muri abo usanga aho gucungera uwo mutekano usanga ahubwo baba imvo yo kuwugira muke kubera inyifato mbi ibaranga.
Nathan Ntahondi

Ouvrir