Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umudandaza wese ahamagariwe gutanga inyandiko ndangabuguzi ku kidandazwa cose agurishije

ooplIkigo kijejwe gutororokanya amakori n’amatagisi OBR carafashe ingingo isaba umudandaza wese  gutanga inyandiko ndangabuguzi «fagitire» ku kidandazwa cose agurishije. Mu kiganiro yatanze mu kinyamakuru UBUMWE,kw’igenekerezo rya 2 Nzero 2019 i Bujumbura, umuyobozi  ajejwe kumenyesha amakuru no kwigisha abatangakori muri OBR, Stany Ngendakumana yamenyesheje ko umudandaza wese uko angana kwose asabwa gutanga inyandiko ndangabuguzi.  Ngo ubu hari abakozi ba OBR bariko barasuzuma ko hari abadandaza badatanga inyandiko ndangabuguzi, uwuzofatwa atayitanga azotanga ihadabu ingana n’ibice 20% y’ikiguzi c’ivyo aba yagurishije ata nyandiko ndangabuguzi. Ngendakumana yamenyesheje ko umuntu wese agomba gutangura urudandaza, ategerezwa kwiyandikisha mu kigo  OBR mu kiringo kitarenze iminsi 15. Ikigo kijejwe gutororokanya amakori n’amatagisi OBR carafashe ingingo isaba umudandaza wese  gutanga inyandiko ndangabuguzi «fagitire» ku kidandazwa cose agurishije. Mu kiganiro yatanze mu kinyamakuru UBUMWE,kw’igenekerezo rya 2 Nzero 2019 i Bujumbura, umuyobozi  ajejwe kumenyesha amakuru no kwigisha abatangakori muri OBR, Stany Ngendakumana yamenyesheje ko umudandaza wese uko angana kwose asabwa gutanga inyandiko ndangabuguzi.  Ngo ubu hari abakozi ba OBR bariko barasuzuma ko hari abadandaza badatanga inyandiko ndangabuguzi, uwuzofatwa atayitanga azotanga ihadabu ingana n’ibice 20% y’ikiguzi c’ivyo aba yagurishije ata nyandiko ndangabuguzi. Ngendakumana yamenyesheje ko umuntu wese agomba gutangura urudandaza, ategerezwa kwiyandikisha mu kigo  OBR mu kiringo kitarenze iminsi 15. Inyuma y’iryo yandikwa, ikigo  OBR gica kimuha inomero ndangamutangakori (NIF). Iyo nomero ni imwe rudende ku bintu vyose umudandaza aja arakorana na OBR. Ngo umudandaza wese ategerezwa kandi kumenyekanisha amakori n’amatagisi mu gihe gitekanijwe n’amategeko. Mu gihe ata na kimwe yakoze canke yarakoze agahomba, ngo itegeko ry’ukumenyekanisha urudandaza rigumaho kandi uwutabikoze araronka ibihano. Ihindagurwa ry’ivyo umutangakori akora canke ikibanza, ngo bitegerezwa kumenyeshwa mu gihe. Iminsi 15 kuva iryo hinduka ribaye.Ingene baharura amakoriKu mashirahamwe, ikori ricibwa ku nyungu ringana ibice 30%, rishobora kuba igice 1% ku mafaranga yadandajwe mu gihe atungutse. Ku bakora ku giti cabo nabo, ikori riharurwa baravye uko inyungu yabonetse. Ku nyungu iri hagati y’amafaranga y’amarundi 0 na 1. 800. 000 ntako n’iriyitozwa (0%), ku nyungu iri ritozwa hagati y’amafaranga y’amarundi 1 800 .001 na 3. 600. 000, ikori ritangwa ku bice  20%, kuva ku nyungu y’amafaranga y’amarundi 3 600 001 n’ayarenga, ikori ritangwa ku bice  30%. Ubwo buryo bwo guharura ikori kubakora ku giti cabo bugengwa n’ingingo ya 21 y’ibwirizwa inomero 1/02 ryo ku wa 24 Nzero 2013. No k’uwigenga, ikori rishobora kuba igice 1% ku mafaranga yadandajwe mu gihe atungutse canke ataronse inyungu ikwiye. Butike nyinshi ngo ziregeranya ku munsi amafaranga arenga 65 575 ni ikuvuga ko izirenza imiriyoni 24 ku mwaka  zotangaza ikori ku nyungu umwaka uheze muri OBR. Ngo hakenewe  ko abadandaza benshi batangaza ibiharuro vyagizwe n’abahinga.
Aline Kanyana

 

Ouvrir