Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ishirahamwe «Ntabariza» risaba ko abanyororo begwa n’ingingo y’ ikigongwe c’Umukuru w’igihugu borekurwa

 

bnvcKw’igenekerezo rya 3 Nzero 2019, ishirahamweriharanira  agateka k’abapfungwa «Ntabariza» ribicishije  k’uwurirongoye     Jean Marie Nshimirimana ryarahaye ikiganiro abamenyeshamakuru mu ntumbero yo kubamenyesha uko muri iryo shirahamwe bakiriye ingingo y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yo  kugirira ikigongwe abanyororo bakatiwe  imyaka 5, abapfasoni bapfunzwe bibungenze, abamaze ica kane c’umunyororo baciriwe hamwe n’abagendana ubumuga. Kw’igenekerezo rya 3 Nzero 2019, ishirahamweriharanira  agateka k’abapfungwa «Ntabariza» ribicishije  k’uwurirongoye     Jean Marie Nshimirimana ryarahaye ikiganiro abamenyeshamakuru mu ntumbero yo kubamenyesha uko muri iryo shirahamwe bakiriye ingingo y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yo  kugirira ikigongwe abanyororo bakatiwe  imyaka 5,abapfasoni bapfunzwe bibungenze,abamaze ica kane c’umunyororo baciriwe hamwe n’abagendana ubumuga. Jean Marie Nshimirimana  yamenyesheje ko  ishirahamwe «Ntabariza»  rikenguruka cane iyo ngingo y’Umukuru w’igihugu ariko bagasaba  umushikiranganji w’ubutungane ko yonyaruka kuja mu ngiro ntibibe nk’uko vyahora kuko harabaye aho nk’umugore apfunguwe afise inda y’amezi atatu umwana arinda avuka nyina atarasohoka  ibohero. Yarongeye asaba n’umugwi w’amaho ujejwe kuraba ibibazo vy’abanyororo ko wokora vuba na bwango kugira uku kwezi kwa Nzero guhere batashe mu miryango yabo.Yabandanije amenyesha ko mw’ishirahamwe Ntabariza biteguye kugira ico bafashije mu gusubiza mu zabo abo barekuwe mu kubafasha mu bijanye n’inyigisho, uburyo, uduhuzu, ngo kuko arahazi yarahamaze imyaka 12, iyo umupfungwa avuye mw’ibohero   mu muryango ntibiba vyoroshe. Jean Marie Nshimirimana yaboneyeho akaryo ko gusaba imiryango izokwakira  abo barekuwe kubaraba ryiza bakabafasha, yongera aragabisha n’abazoshaka kwihanira hakagira abahasiga ubuzima ko amategeko azobahana vy’akarorero. 
Yarangije ahanura abo bafunguwe kuzogenda bakabana neza n’imiryango yabo hagize ikibagora bakitura ishirahamwe Ntabariza. Yaranaremesheje abatagirize amahigwe yo kurekugwa abasaba kuguma bigenza neza kuko nabo umunsi wabo uzogera bakarekurwa.                                                                                                                    
Josélyne Ndayegamiye

Ouvrir