Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Amatora yatunganijwe muri Kongo (RDC) ni umushinge wo gutsimbataza intwaro rusangi n’ugutsimbatatza umutekano

 

dfdeKw’igenekerezo rya 3 Nzero 2019 niho umukuru w’Inama Nkenguzamateka, Réverien Ndikuriyo yaganuka avuye mu rugendo rw’akazi mu gihugu kibanyi ca Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo (RDC) inyuma y’urugendo rw’akazi yagize muri ico gihugu aho yifatanije n’izindi ntumwa z’ishirahamwe rya Afrika riharanire demokarasi mu gikorwa co gukurikirana ka burorerezi amatora yabaye muri ico gihugu ku wa 30 Kigarama 2018. Umuvugizi w’inama Nkenguzamateka Gabby Bugaga yari ku kibuga c’indege ca Bujumbura ico gihe akaba yaramenyesheje ko ayo matora  ari umushinge ukomeye mu gutsimbataza intwaro rusangi hamwe n’umutekano.Kw’igenekerezo rya 3 Nzero 2019 niho umukuru w’Inama Nkenguzamateka, Réverien Ndikuriyo yaganuka avuye mu rugendo rw’akazi mu gihugu kibanyi ca Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo (RDC) inyuma y’urugendo rw’akazi yagize muri ico gihugu aho yifatanije n’izindi ntumwa z’ishirahamwe rya Afrika riharanire demokarasi mu gikorwa co gukurikirana ka burorerezi amatora yabaye muri ico gihugu ku wa 30 Kigarama 2018. Umuvugizi w’inama Nkenguzamateka Gabby Bugaga yari ku kibuga c’indege ca Bujumbura ico gihe akaba yaramenyesheje ko ayo matora  ari umushinge ukomeye mu gutsimbataza intwaro rusangi hamwe n’umutekano.Nk’uko Gabby Bugaga yabandanije abivuga, ngo umukuru w’Inama Nkenguzamateka yari yitavye ubutumire bw’umugwi ujejwe gutegura amatora muri Kongo (RDC), arongoye intumwa z’abarorerezi b’ishirahamwe rya Afrika riharanira intwaro rusangi.

Akaba yamenyesheje ko iryo shirahamwe ataho ryegamiye kandi rifise intumbero yo gukurikirana amatora mu bwigenge, rikongera rigasuzuma ingene amatora agenda mu nzira yo gutsimbataza intwarorusangi.  Niko guca amenyesha ko kw’igenekerezo rya 30 Kigarama 2018 ariho abanyekongo bakwije ivyangombwa bitaba amatora y’Umukuru w’igihugu, ay’abashingamateka ku rwego rw’igihugu hamwe n’abo ku rwego rw’intara. Ngo ayo matora yari afise ico yisangije kidasanzwe kuko  abahiganirwa ikibanza c’Umukuru w’igihugu bari 21, abashingamateka ku rwego rw’igihugu bagera  kuri 15358, abo ku rwego rw’intara bashika 19643, nayo igitigiri c’abiyandikishije gutora ngo bari 40024897.  Yaranamenyesheje kandi ko amatora yatunganijwe hisunzwe amategeko yongera atuma abanyekongo bashikiriza ikiri ku mutima mu kwitorera indongozi mu mwidegemvyo kandi ko ayo matora yari yategekanijwe ku wa 23 Kigarama 2018 yigizwa inyuma kubera imvo z’ubuhinga. Ngo mu burere bugera kuri butatu (Beni, Butembo, Yumbi) muri RDC, amatora ntiyashoboye kuba bivanye n’uko mu burere twa Beni na Butembo hakibonekayo indwara ya Ebola, muri Yumbi naho hari umutekano muke uterwa n’imigwi y’abitwaje ibirwanisho. Yaciye amenyesha ko muri ubwo burere amatora azotunganywa mu minsi iri imbere izo ntambamyi zahavuye, aca amenyesha kandi ko itegurwa n’itunganywa ry’amatora vyakozwe ku buryo bwa Reta ya Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo ata mfashanyo yo hanze irimwo. Yaheraheje amenyesha ko Uburundi bwahakuye icigwa co gutunganya amatora meza cane ategekanijwe mu 2020 kikaba kandi n’icigwa kuri Afrika muri rusangi.

Evelyne Niyonzima

Ouvrir