Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abitura ubutungane bagiye kworoherezwa kurusha

 

DwEfU3YWoAEePe6Umushikiranganji w’ubutungane no gushingura ikimangu ca Reta Laurentine Kanyana asaba abarongoye amasentare kwijukira ingendo nshasha yo kworohereza abenegihugu babitura kugira ngo babatunganirize neza. Mbere ngo mu kwubahiriza iyo ngendo hazoba ugusinya amasezerano yemeza urugero rw’ivyo umwe wese azoba yerekanye ko azorangura mu kiringo kizwi. Ivyo yabishikirije ku wa 4 Nzero 2019 ku cicaro ca Sentare Ntahinyuzwa mu nama yamuhuje n’abarongozi b’amasentare atandukanye akorera mu gisagara ca Bujumbura n’ahandi. Umushikiranganji w’ubutungane no gushingura ikimangu ca Reta Laurentine Kanyana asaba abarongoye amasentare kwijukira ingendo nshasha yo kworohereza abenegihugu babitura kugira ngo babatunganirize neza. Mbere ngo mu kwubahiriza iyo ngendo hazoba ugusinya amasezerano yemeza urugero rw’ivyo umwe wese azoba yerekanye ko azorangura mu kiringo kizwi. Ivyo yabishikirije ku wa 4 Nzero 2019 ku cicaro ca Sentare Ntahinyuzwa mu nama yamuhuje n’abarongozi b’amasentare atandukanye akorera mu gisagara ca Bujumbura n’ahandi. Muri iyo nama, Laurentine Kanyana yamenyesheje abarundi ingene ibijanye n’inzego z’ubutungane zitunganijwe gushasha. Kabaye n’akaryo ko kwerekana ingendo nshasha kugira ngo haboneke ingaruka nziza igaragara ku munyagihugu asaba gutunganirizwa,no kwerekana ingene amasentare mashasha atunganijwe n’akarusho iyo nteguro nshasha izozanira abenegihugu bari mu turerere turimwo ayo masentare.Ngo Sentare ikukira intara ya Bujumbura- Mairie  izokwakira imanza zivuye muri komine Mukaza, izivuye muri sentare y’ubudandaji n’imanza z’akazi. Ivyo ngo vyakozwe kubera sentare isubiramwo imanza mu gisagara ca Bujumbura yarifise akazi kenshi. Ngo imanza z’akazi, imanza z’ubudandaji zarateba kandi zategerezwa kunyarutswa kugirango ibikorwa vy’amashirahamwe y’ubudandaji bibandanye eka n’abadandaji babandanye bakora. Ngo Iyo sentare rero izofasha cane. Ngo haragiyeho kandi sentare isubiramwo imanza izokwakira imanza zivuye mu ntara za Cibitoke, Bubanza, Muramvya na komine Ntahangwa. Ngo ivyo bizofasha guca imanza hakiri kare kugira ngo abenegihugu bayitura boroherwe. Iyo sentare ngo izoba iri muri komine Ntahangwa hafi y’ahitwa «Iwabo n’abantu» kw’ibarabara riduga mu ntara zo  hagati mu gihugu RN1.Ngo hariho n’iyindi sentare izoba iraba abakeneye kwunguruza abava mu ntara ya Mwaro, komine Muha iri mu gisagara ca Bujumbura hamwe n’intara ya Bujumbura. Ngo icicaro c’iyo sentare kizoba kiri muri komine Muha.  Aha rero akarusho ngo ni uko abantu benshi banashize mu mico ko igikorwa c’ubutungane ari ugukwegura. Ngo uwutanguye urubanza yama azi ko uwo baburana azopfa canke agasaza urwo rubanza rutaracibwa. Ngo hari na Sentare isubiramwo y’i Makamba izokwakira imanza zo mu ntara za Rutana na Makamba. Eka ngo n’i Bururi isentare nk’iyo izoca ifasha abanyabururi n’abanyarumonge.Ngo iyo ngendo ya kera rero igiye guhera, ngo abantu baramenyereye ko urubanza rutanguye rumara n’imiburiburi imyaka 30 canke 40. Ngo harabonetse ko hari ingeso yo kwama kuri vya bindi, ntiharabwe inyungu y’umwenegihugu kandi ariwe atuma ubwo butungane bukora. Yasavye abakuru b’amasentare, ab’amaparake gukora ningoga kugirango batunganirize ababituye. Ngo hari abadindiza imanza kubera inyungu zabacamanza bamwe bamwe. Ivyo rero ngo nibisezerwe.


Ico iyo intumbero nshasha izoba ihagazeko
Ngo sentare imwe imwe yose izokora icegeranyo c’amadosiye ifise kugira ngo umwenegihugu amenye imanza uko zingana mu butandukane bwazo. Ngo UMUCAMANZA wese agiye kwerekana akazi afise uko kangana. Ngo mbega hari abakozi bangana gute ? Ngo umucamanza wenyene yihweje yibaze ati :mbega izi manza mfise nzozica mu mwanya ungana gute. Ngo azosabwa kwerekana ivyo akeneye vyose kugira ngo ashike kuri iryo hangiro mbere ngo hazotegurwa na kontara yo guteza imbere akazi. Ngo ikibazo kihari ni abarongoye amasentare batagira integuro y’akazi bajejwe.Ngo ubu ubuyobozi bukuru bw’ubugenduzi bw’ubutungane ntibuzokorera mu biro ariko ngo buzokwama bushika ku kivi. Ngo abenegihugu bazoronswa udusandugu bama bashiramwo ivyabagoye iyo bagiye kurondera gufashwa n’ubutungane n’ibindi. Ngo hazoshirwaho ibiro vyakira abenegihugu vyumviriza ingene bariko barafashwa n’ubutungane. Ngo hazoba kandi igikorwa co gushikiriza abenegihugu aho bashobora kwitura mu gihe bafise ibibazo. Ngo hazokwama hategurwa irimburwa ry’ivyaranguwe uko amezi atatu aheze.
Nathan Ntahondi

Ouvrir