Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Akarere k’ubuvuzi ka Rumonge katewe n’ikiza korera

santeMu karere k’ubuvuzi ka Rumonge, ikiza kolera cateye aho ku bantu 45 bashikanywe kwa muganga bafise ibimenyetso vy’iyo ndwara, basanze abantu 2 bagwaye, ariko umwe yaramaze gutaha yakize. Ivyatumye ikiza kolera gitera ngo n’imvura y’umwuzurira yatumye utuzu twasurwumwe twuzura turasanzara hamwe n’ubukene bw’amazi. Ivyo ni biri mw’itangazo ryashizwe ahabona n’umushikiranganji w’amagara y’abantu, Thaddée Ndikumana, ku 28 Kigarama 2018, aho yari yakoranije abakozi bakuru bakuru mu bushikiranganji hamwe n’abaserukira ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu OMS.Mu karere k’ubuvuzi ka Rumonge, ikiza kolera cateye aho ku bantu 45 bashikanywe kwa muganga bafise ibimenyetso vy’iyo ndwara, basanze abantu 2 bagwaye, ariko umwe yaramaze gutaha yakize. Ivyatumye ikiza kolera gitera ngo n’imvura y’umwuzurira yatumye utuzu twasurwumwe twuzura turasanzara hamwe n’ubukene bw’amazi. Ivyo ni biri mw’itangazo ryashizwe ahabona n’umushikiranganji w’amagara y’abantu, Thaddée Ndikumana, ku 28 Kigarama 2018, aho yari yakoranije abakozi bakuru bakuru mu bushikiranganji hamwe n’abaserukira ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu OMS.Nk’uko umushikiranganji w’amagara y’abantu, Thaddée Ndikumana yabandanije abishikiriza muri iryo tangazo, ngo abantu bagwaye indwara ya kolera bava mu makaritiye ya Teba, Kanyenkoko na Gihwanya zo mu gisagara ca Rumonge, mu mitumba ya Mututirwa, Cugaro na Kibozi ya zone ya Minago, umutumba Mwange wa zone ya Kizuka, imitumba ya Gatete, Mutambara na Makombe ya zone ya Gatete, umutumba Karonda wa zone ya Kigwena hamwe n’umutumba Bisaka wa zone Murago iri muri komine ya Burambi. Aho mu ntara ya Rumonge, ngo ku bantu 45 bashikanywe kwa muganga bafise ibimenyesto vy’indwara ya kolera, 2 basanze bagwaya iyo ndwara, ariko umwe muri abo babiri yaramaze gutaha yakize. Ivyatumye ico kiza cibonekeza aho mu ntara ya Rumonge, ngo n’imvura nyishi imaze imisi igwa yatumye utuzu twasurwumwe twuzura, turasanzara mu mihana y’abantu hamwe n’ubukene bw’amazi. Ariko ku kibazo c’amazi, ngo yamaze kuvuga n’abegwa no kuronsa amazi meza abanyagihugu, aho amabombo y’amazi yahora yugaye yamaze kwugururwa.Muri iryo tangazo, umushikiranganji w’amagara y’abantu no kugwanya ikiza sida yaboneyeho akaryo ko gutera akamo abajejwe intwaro n’abantu bose baba muri utwo turere tw’intara ya Rumonge ko bovira hasi rimwe bakagwanya ico kiza. Vyongeye, yaranamenyesheje ibintu bitera indwara ya kolera, ivyo navyo ngo ni ugufungura imfungurwa canke ibinywobwa vyanduye imigera itera iyo ndwara. Mu gihe c’ikiza ca kolera, yaranamenyesheje inyifato nziza twogira kugira duhangane n’ikiza kolera, muri izo nyifato, ngo twokaraba amazi n’isabuni imbere yo gufungura, gukaraba amazi n’isabuni igihe cose umuntu avuye mu kazu ka surwumwe, gukaraba amazi n’isabuni igihe cose uhejeje gutegura umwana canke umurwayi, gukaraba amazi n’isabuni imbere yo kwonsa umwana, gukaraba amazi meza n’isabuni imbere yo gutegura ibifungurwa, kurinda insazi ibifungurwa n’ibikoresho vyo mu nzu mu kubipfundikira, kunywa amazi meza, abatayafise nabo bakanywa ayo babanje kubiza.Muri iki gihe c’indwara ya kolera, Thaddée Ndikumana yasavye abajejwe intwaro  ngo bihanize imfungurwa zidandarizwa mu mabarabara, vyaba ibiribwa bihiye canke biribwa bikiri bibisi. Yasozereye asaba abantu bo mu ntara ya Rumonge kugira akigoro kadasanzwe mu guhimiriza abantu bose gukoresha akazu ka surwumwe no kugira isuku rya minsi yose. 
Déo Misigaro                                                                                       

 

Ouvrir