Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarundi basabwa gushimira Imana yabazigamye n’igihugu cabo mu mwaka w’2018

vtreUmukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA asaba abarundi gusabiranira no gusengera igihugu cabo, bashimira Imana ku vyiza yabakoreye ikaba yarabazigamye uwu mwaka w’2018 bariko barasozera.Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA asaba abarundi gusabiranira no gusengera igihugu cabo, bashimira Imana ku vyiza yabakoreye ikaba yarabazigamye uwu mwaka w’2018 bariko barasozera.Ivyo yabimenyesheje ku wa 26 Kigarama 2018, igihe yariko atanguza igikorane  c’amasengesho yo gushimira Imana no kuyitazira catunganijwe n’umuryango w’Umukuru w’igihugu kuva ku wa 26 gushika ku wa 31 Kigarama 2018, kikaba cabereye ku musozi Buye ,muri komine Mwumba, intara ya Ngozi.Prezida NKURUNZIZA yarashimye kubona ayo masengesho atunganijwe mu gihe igihugu kiri mu mahoro n’umutekano mu mihingo yose,Imana ikaba yabahaye ukuramba hamwe no kugaruka kugirira ayo masengesho kuri uwo musozi ubugira kabiri kuko ayandi yaheruka kuhabera muri Myandagaro 2016. Yaboneyeho akaryo ko guha ikaze abatumire bahire bose bari baje muri ayo masengesho, aho yamenyesheje ko ari ku gicaniro kandi atari ubwa mbere bahaza. Yarashimiye abanyagihugu bo muri komine Mwumba babakiriye, abashitsi baje bava muri Amerika no muri Israyeri baje kubafasha ayo amsengesho. Yaboneyeho akaryo ko gusaba abari bitavye ayo masengesho kubakiriza amashi menshi yo kubashimira. Yaribukije abari aho ko bahuye mu ntumbero yo kwifurizanya Noweri nziza n’umwaka mushasha muhire w’2019 ; yaciye abifuriza Noweri nziza iruta izndi zose n’umwaka mushasha usumba iyindi yose boba bamaze kurengana. Yamenyesheje ko baje gusozera umwaka w’2018 imbere y’Imana nk’uko bawutanguye bari imbere yayo. Yasavye abarundi gusabiranira  no gusengera Uburundi. Yaramenyesheje kandi ko abarundi baje gusozera umwaka basaba umuhezagiro w’Imana bari mu masezerano mashasha. Ico gikorane cari  gifise kandi intumbero yo gusengera abafise indwara zo ku mutima, izo ku mubiri n’iz’impwemu mbi. Bisubiye ngo Imana igiye gukora ibitangaza vyayo kandi bazobona. Yarongeye amenyesha ko bazanywe no gusangira ijambo ry’Imana ariyo mpamba y’umutima. Umwaka w’2019 nawo ngo ni urugi rwagutse bagiye kwinjira bari kumwe n’Imana kandi ruzobereka ubwiza bwayo n’ibitanagaza yababikiye. Niko kumenyesha ko ayo masengesho ari akaryo keza ko gutambira Imana no kuyitazira. Yarongeye amenyesha ko ico gikorane ari akaryo ko gutanga inyigisho nkarishabwenge zitameze nka  zimwe zimenyerewe zitangwa mu buzi bwa Reta ahubwo ari inyigisho zituma Abarundi baba abanyabwenge mu kubaho kwabo. Aho niho bazobaho ari banyabwenge muri Afrika no kw’isi yose. Bisubiye ngo ubumenyi buratandukanye n’ubwenge. Yarongeye amenyesha ko ari akaryo ko gusibura amariba Imana yahaye Uburundi gutyo adudubize abere imigisha abavukanyi b’abarundi n’abazoza kubagendera. Niko kumenyesha ko ari n’akaryo ko kuramukanya kuko abari ngaho bose baturuka mu nzego zitandukanye no mu bisata bitandukanye no mu mihingo yose. Indamukanyo ivuye ku Mana nayo ikaba ivamwo imihezagiro myinshi. No mu mico y’ikirundi kuramukanya bituruka ku bubasha bw’Imana. Muri iyo ndamukanyo kandi abativye ayo masengesho bakaba bari bizeye kuhakura urukundo n’umunezero w’Imana. Yaboneyeho akaryo ko kurarikira umwe wese kuba imbere y’Imana mu minsi mikuru yo gusozera umwaka. Abarundi ngo bifatanye mu kwegera Imana maze muri iyo minsi binjirane n’Imana mu mwaka mushasha w’2019. Yasavye abarundi gushimira Imana ku vyiza yabakoreye; basengere abo bakorana, abasengere benewabo. Bongere basabe kugenedera mu nzira nziza mu mwaka bagiye kwinjiramwo. Yarashimiye abarundi babasengera n’abandi bari hirya no hino kw’isi babasengera ijoro n’umurango kurusha n’uko basengera igihugu cabo. Muri ayo masengesho kandi ngo ni akaryo keza ko gusaba Imana kuramba, kuroranirwa no kuronka inkomezi. Niko kumenyesha ko umwaka ugiye gutangura abarundi bari mu ntsinzi, bari mu kunesha. Yaboneyeho akaryo ko kumenyesha ibiri mw’ijambo ry’urufatiro. Iryo jambo r’urufatiro naryo rikaba riri muri Yesaya ikigabane ca 42, kuva ku karongo ka mbere gushika ku karongo ka cumin a gatatu.  Aho naho bakavuga bati:”Nguyu umushumba wanje, uwo nama nshigikiye, uwo natoranije, ahimbara umutima wanje: nashize mpwemu wanje kuri we; azoshikana amateka mu banyamahanga. Uko niko Uhoraho Imana avuze, uwaremye amajuru akayasanza, uwagaranzuye isi n’ivyo imera, uwahaye abantu bo muri yo guhemuka, kandi abayigendako akabaha ubugingo…Ati jewe Uhoraho naguhamagaye mu bugororotsi;  nzogufata nkuzigame, ngutange ngo ubere abantu isezerano, n’abanyamahanga ubabere umuco;Raba ivya mbere birashitse, akandi ndabamenyesha n’ibishasha; bitaraseruka ndabibabwira».Zimwe mu nsiguro z’iryo jambo ry’urufatiro akaba ari uko abarundi bafise agaciro kadasanzwe imbere y’Imana; Imana kandi ikaba yiteguye kubigaragaza ku Burundi n’abarundi ko ari abantu badasanzwe bafise gaciro imbere y’Imana. Imana kandi igiye kubandanya ikoresha Abarundi ibihambaye bidasanzwe; bisugura ko igiye gutegura amateka mashasha ku Burundi no ku barundi. Ikigira gatatu akaba ari uko kuva abarundi  batanguye gusenga Imana mu masengesho benayo buri mwaka Imana yabakoreye ibintu vyinshi. Niko gutanagaza ko hari ikintu gishasha Imana igiye gukora ku Burundi. Imbere yaho umupfasoni w’Umukuru w’igihugu Denise NKURUNZIZA akaba yarasengeye ico gikorane, aho yasabiye Uburundi n’abarundi. Ariko ibirori nyezina bikaba vyatunguwe na defile yuguruwe n’Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ari kumwe n’umupfasoni wiwe, Umukuru w’Inama Nshingamateka n’umupfasoni wiwe, umuhuza w’abarundi n’umupfasoni wiwe, Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, abagize ibiro vy’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka, abashingamateka n’abakenguzamteka, abashikiranganji n’abandi banyacubahiro batari bake. Hakaba ahaciye hakurikira defire y’abaserukiye amakomine yose agize intara ya Ngozi, bahereye kuri komine Mwumba yabereyemwo ayo masengesho. 

Prezida NKURUNZIZA yamenyesheje ko ukwezi kwa Kigarama 2018 kwari ukwo kurenganurwa n’ugusarura
Mu gitondo co ku wa 27 Kigarama 2018,umunsi ugira kabiri w’igikorane c’amasengesho yo gushimira Imana no kuyitazira, Umukuru w’igihugu yaratanze inyigisho ku ndongozi zari zitavye ico gikorane,aho yashinze intahe amenyesha ko Imana yamweretse yuko ukwezi kwa Kigarama 2018 kwari ukwo kurenganurwa, gusarura n’ukwo gushikirizwa amasezerano y’Imana.Yarongeye amenyesha ko ari ukwezi kwo guhabwa ingero y’ibikorwa umwe wese yakoze,kukaba kandi ukwezi kw’umunezero. Ngo kukaba nkako, uwugamburukiye Imana araronka ingero bikwiranye.Yarongeye amenyesha ko abaje muri ico gikorane bafise imitima irurumba Imana izobasukako amazi akanye kugira bahembuke.Prezida NKURUNZIZA akaba yamenyesheje ko abarwanya ayo masengesho bazoterwa n’amazi. Imana nayo ngo ikubwiye kuburira bantu ukabikora ntaco iheza ngo ikubaze. Impano nayo uyihawe ukayanjanjwako iraheza ikagucika. Yahamagariye abarundi kugira imigambi n’imigabo ihimbara Imana ari nawo mutahe udahomba. Yarongeye amenyesha ko amajambo ari imfungurwa kuko hari ayakiza n’ayica arico gituma bakwiye kwitwaririka amajambo akiza. Bisubiye ngo imigabo y’umuntu iri imbere y’Imana. Uwugize imigabo myiza nayo ikaba ifise inyungu imbere y’Imana. Niko kumenyesha ko uwambaye igikundiro n’ibindi biraheza birakurikira kuko ari ubuntu bw’Imana.  Akaba rero  yasavye abarundi na cane cane abari mu nzego zirongoye igihugu kuvavanura n’ububeshi, amacakubiri, akaborerwe n’ibindi bibahumanya. Yarongeye amenyesha ko ubwenge n’ubukerebutsi arivyo vyubaka urugo nayo ubwenge bugatuma umuntu atandukanye ikibi n’iciza. Yamenyesheje kandi ko imigabo myiza imbere y’Imana itanga ingabire.Akaba rero yavuze ko ayo masengesho atandukanye n’ayandi yose amaze kuba. Yamenyesheje izo ndongozi zari muri izo nyigisho ko imigabo myiza ya Daniyeri yatumye ashingwa ayandi mabanga. Prezida NKURUNZIZA yarongeye amenyesha ko muri kino gihe atagisengera abo bari kumwe ahubwo asengera abuzukuru n’abuzukuruza. Niko gusaba abarundi kuba abanyabwenge. Yaramenyesheje ko igikundiro, imbabazi, amabanga, uburyo, gutazira Imana vyahaye Dawidi imigisha. Bisubiye ngo nta kiba munsi y’ijuru Imana itakizi.Imbere yaho, umuvugabutumwa Ferdinand Bankuwiga mu nyigisho ziwe nawe yarashikirije impfunguruzo umunani zo kwiyegerza Imana. Yamenyesheje ko ico Imana yakoreye Uburundi arico gikomeye. Yamenyesheje kandi ko Imana y’Israyeri igiye kwimukira mu Burundi gutyo abantu baze kuyironderaho. Yamenyesheje ko hari abaje gusenga kugira bibonekeze n’abandi bazanywe no gushima bongera basaba iyindi migisha Imana. Yarashinze intahe ko mu mwaka w’2008 Imana yamuhishuriye ko Uburundi bugiye kuba Edeni. Yamenyesheje ko abarundi bakwiye kuvavanura n’amacakubiri, ubusambanyi, ububeshi n’ibindi vyaha bitandukanye kuko ariho Imana iheza ikugurura imigisha. Imana ica yugururira imiryango, imigisha igacuncubuka. Yamenyesheje ko urupfunguruzo rwa mbere ari uguca bugufi, urwa kabiri ugusenga, urwa gatatu ari ukurondera Imana arico gituma abarundi bakwiye gusenga kugira ibintu bigende neza. Urupfunguruzo rugira kane narwo ni ukwubaha Imana, urugira gatanu rukaba ari ukuva mu vyaha nk’ubusambanyi, kurya igiturire, gutwaza igitugu n’ibindi. Urupfunguruzo rugira gatandatu narwo kaba ari ukurindira Imana mu gihe urugira indwi ari ukwerekwa. Urupfunguruzo rugira umunani ari narwo rwa nyuma akaba ari ukugiriranira isano na Yerusalemu. Amenyesha ko ico gisagara kigereranywa n’Uburundi. Yarangije amenyesha ko uwo wese atubaha Imana abamarayika bagiye kumwaka icubahiro. Inyuma y’umutaga naho umuvugabutumwa wo mw’ishengero ry’urutare yamenyesheje ko abarundi bakwiye kwihangana bakareka kwikwegera imikoshi. Bisubiye abo Imana yashize hejuru ikabasiga amavuta boreka gutakaza ubwizigirwa. Imigwi y’abaririmvyi yaciye ikurakuranwa mu gutambira Imana. 

 

Epitace Nduwayo   

 

Ouvrir