Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibikorwa vyo guha inzira uruzi Gasenyi bigeze ku rugero rw’ibice 85%

pzppppaIbikorwa vyo guha inzira uruzi Gasenyi ngo bigeze ku rugero rw’ibice 85%. Abanyagihugu bo muri karitiye Carama ubu ngo bararyama bagasinzira kubera ko amazi yahora  atera mu maparasera yabo yahawe inzira. N’aho abanyagihugu bo muri karitiye Carama baryama bagasinzira, abo mu makaritiye Mugoboka muri Mutanga y’epfo n’abo muri karitiye Kigobe y’epfo bobo iyo imvura ikuvye baraganya kubera inkombe z’uruzi Ntahangwa zibandanya zibomoka, aho n’inzu zamaze gushikirwa. Ivyo ni bimwe vyabonetse mu rugendo rw’ abamenyeshamakuru bo mu runani rw’abamenyeshamakuru bajejwe gukinga no gutabariza abahuye n’ivyago n’isibe, ku wa 27 Kigarama 2018, mu makaritiye ya Mutanga y’epfo, Kigobe na Carama.Ibikorwa vyo guha inzira uruzi Gasenyi ngo bigeze ku rugero rw’ibice 85%. Abanyagihugu bo muri karitiye Carama ubu ngo bararyama bagasinzira kubera ko amazi yahora  atera mu maparasera yabo yahawe inzira. N’aho abanyagihugu bo muri karitiye Carama baryama bagasinzira, abo mu makaritiye Mugoboka muri Mutanga y’epfo n’abo muri karitiye Kigobe y’epfo bobo iyo imvura ikuvye baraganya kubera inkombe z’uruzi Ntahangwa zibandanya zibomoka, aho n’inzu zamaze gushikirwa. Ivyo ni bimwe vyabonetse mu rugendo rw’ abamenyeshamakuru bo mu runani rw’abamenyeshamakuru bajejwe gukinga no gutabariza abahuye n’ivyago n’isibe, ku wa 27 Kigarama 2018, mu makaritiye ya Mutanga y’epfo, Kigobe na Carama.Nk’uko Benoît Nyandwi asanzwe  abaye muri karitiye Carama, akaba yari no mu barongoye ibikorwa vyo guha inzira uruzi Gasenyi akorera ishirahamwe ROBUCO ryari mu batsindiye isoko ryo gukora ivyo bikorwa, yamenyesheje ko ibikorwa vyo guha inzira uruzi Gasenyi bigeze ku rugero rw’ibice 85%. Ivyo bikorwa bigashobora kuba vyashikirijwe muri Ruhuhuma 2018. Kuva ivyo bikorwa bitangura muri Mukakaro mu 2017, ngo uno munsi abanyagihugu bo muri karitiye  Carama bararyama bagasinzira ataco binona. Eka ngo imbere y’ivyo bikorwa vyo guha inzira uruzi Gasenyi, amazi yari intambamyi ku banyagihugu kubera ko imvura iguye, amazi yabasanga mu nzu.Mu gihe ibikorwa bigeze ku ntambwe ishimishije, ngo ibintu vyifashe neza kandi n’abanyagihugu b’aho mu Carama barabishima. Imbere yo kwubaka umugende utwara amazi y’uruzi Gasenyi kuva kw’ibarabara RN1 hamwe n’ahari ikirimba c’Umukuru w’igihugu, ngo iyo imvura iguye mw’ijoro baca bavyuka abandi bakaja gusaba indaro. Ariko muri kino gihe, ngo imvura iguye mw’ijoro, bararyama bagasinzira. Inzira bahaye amazi ngo iragutse ku buryo kuva bubaka ivyo bikorwa ngo uwo mugende nturigera wuzura. Amazi yahora aja mw’ibarabara ngo ntakijayo kubera hubakiye.Inyuma y’ibikorwa vyo guha inzira uruzi Gasenyi, nk’uwubaye muri karitiye Carama, Benoît Nyandwi atera akamo abajejwe intwaro kuronsa iyo karitiye amabarabara ashashemwo amabuye. N’aho ibikorwa vyo guha inzira amazi y’uruzi Gasenyi biriko biratorerwa umuti, ngo ntihazoba heza hakiri amabarabara arimwo ivyondo igihe imvura iguye. Mu gihe inyuma y’ibikorwa vyo kwubaka uwo mugende  utwara w’amazi  y’uruzi Gasenyi, Benoît Nyandwi atera akamo abajejwe intwaro guhimiriza intwaro abanyagihugu gukora ibikorwa vyo gusibura iyo migende kugira amazi agume atemba. Ibikorwa vyo gusibura imigende y’amazi, ngo ni ivy’abanyagihugu, ivyo navyo bikaba vyokorwa mu bikorwa vy’iterambere rusangi. Abanyagihugu nabo nyene ngo bakwiye gushiramwo amaboko yabo, mu bikorwa bito bito bashoboye.N’aho abanyagihugu bo mu Carama basigaye baryama bagasinzira igihe cose imvura iguye haba mw’ijoro canke ku mutaga, abo mu makaritiye ya Mugoboka, muri Mutanga y’epfo, muri komine ya Mukaza hamwe n’ikaritiye ya Kigobe y’epfo, muri komine ya Ntahangwa, barageramiwe n’uruzi Ntahangwa kubera inkombe zaryo ziguma zibomoka. Amabarabara ya Sanzu rija ku Mugoboka riza ryarugawe kubera ata modoka zibiri zigishobora kuhahurira, aho n’inyubakwa z’abanyagihugu n’amashure bimaze gushikirwa. No muri karitiye Kigobe y’epfo niko vyifashe, aho akabarabara ka Mukarakara kamaze kwugarwa ndetse n’inyubakwa zitandukanye zigeramiwe kubera ko imvura yo muri Ntwarante na Ndamukiza umengo ntizozisiga zihagaze. Ariko bishasha aho ku ruzi Ntahangwa, n’uko ishure nshingiro ryitiriwe « école fondamentale du jardin public » ryo mu Nyakabiga hariko harakorwa ibikorwa vyo kurikingira. Tubamenyeshe ko muri karitiye Carama muri kino gihe bariko bararangura ibikorwa vyo kwubaka ikibanza kizoshikiramwo amazi gifise « bassin d’écrêtement » uburebure bw’imetero 98 hamwe n’ubwaguke bw’imetero 68, ubuduga n’imetero 4,5, ibikorwa vyo kwubaka ico kibanza bikazoba vyasozerewe mu kwezi kwa Ruhuhuma  2019. Ico kibanza gifise igikorwa co kwakira amazi yahora asanzara muri karitiye Carama. Ibikorwa vyo guha inzira uruzi Gasenyi vyaranguwe ku buryo bwatanzwe n’ibanki y’isi yose. 

Déo Misigaro                                                                                                        

 

Ouvrir