Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Imigwi Berco Star na Dynamo ni yo yatsindiye igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu

124Inkino zo gusozera ihiganwa ry’umupira w’amaboko (basketball) ryitiriwe Umukuru w’igihugu ku bagabo n’abigeme zabereye mu ntara ya Gitega ku wa 22 Kigarama 2018.Hakaba ico gihe hatanye mu mitwe imigwi  Dynamo  n’Urunani ku ruhande rw’abagabo hamwe n’imirwi Les Gazelles na Berco Star ku ruhande rw’abigeme.Umugwi Dynamo ukaba ariwo watahukanye igikombe  citiriwe Umukuru w’igihugu urushije Urunani ku bitsindo 51 kuri 36.Ku ruhande rw’abigeme, umugwi Berco Star ukaba ariwo watahukanye igikombe citiriwe Umukuru w’igihugu urushije Les Gazelles ku bitsindo 47 kuri 39.Inkino zo gusozera ihiganwa ry’umupira w’amaboko (basketball) ryitiriwe Umukuru w’igihugu ku bagabo n’abigeme zabereye mu ntara ya Gitega ku wa 22 Kigarama 2018.Hakaba ico gihe hatanye mu mitwe imigwi  Dynamo  n’Urunani ku ruhande rw’abagabo hamwe n’imirwi Les Gazelles na Berco Star ku ruhande rw’abigeme.Umugwi Dynamo ukaba ariwo watahukanye igikombe  citiriwe Umukuru w’igihugu urushije Urunani ku bitsindo 51 kuri 36.Ku ruhande rw’abigeme, umugwi Berco Star ukaba ariwo watahukanye igikombe citiriwe Umukuru w’igihugu urushije Les Gazelles ku bitsindo 47 kuri 39. Inyuma y’aho Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza yaciye atanga ubushimwe butandukanye ku bakinyi  barushije abandi . Umugwi Berco Star  w’abakobwa ukaba rero waronse igikombe , abakinyi nabo barambikwa imidari y’inzahabu  yongera aha uwo murwi ibahasha y’imiriyoni z’ibiri hamwe n’ikarata SIM 15 za  ONATEL (4G),umupira hamwe n’ikarato zine  z’amata « NATURA ». Umugwi   Dynamo w’abahungu nawo nyene waronse igikombe c’Inzahabu n’amafaranga imiriyoni zibiri, bongera bambikwa inzahabu bose hamwe n’amakarata SIM 15 ya ONATEL (4G),umupira hamwe n’amakarato ane y’amata « NATURA ».Ababaye aba kabiri baronkejwe ibahasha y’umuriyoni n’igice,imidari y’ifeza,ikarata SIM ya ONATEL (4G), umupira hamwe n’ikarato zine z’mata « NATURA ».Ababaye aba gatatu n’aba kane nabo baronkejwe ibahasha y’umuriyoni hamwe n’umupira wo gukina. Hari n’abandi baronkejwe impapuro z’iteka, nk’amashirahamwe yaterereye hamwe n’abaterereye ku giti cabo. Hakaba kandi n’abakinyi bakinye neza gusumba abandi abo n’abo  ni Elsa Niyonkuru , Shabani Vyamungu ,Gyslaine Gakima umwe wese akaba yaronkejwe ibahasha y’amafranga ibihumbi 50000 hamwe n’itara bita waka waka.  Prezida NKURUNZIZA akaba yaciye yemerera abo bakinyi kuzobaha umwaka mushasha mu ntara ya Ngozi ari naho bazobonanira.Tubamenyeshe ko ku muhingamo wo ku musi wa gatanu itariki 21 Kigarama 2018.Umukuru w’igihugu yarungitse imfashanyo y’imifuko 44 y’umuceri kuri ba ntahonikora b’abatwa bari i Zege ku musozi Rukoba, mu Ntara ya Gitega hamwe n’abamugariye ku rugamba , aho ku miryango 89 y’abatwa umwe wese waronkejwe ibiro 10 vy’umuceri, imiryango munani 8 y’abamugariye ku rugamba umwe wese waronse ibiro 25. Iyo mfashanyo ikaba yatanzwe n’intumwa y’Umukuru w’igihugu  Nicaise Ndibadibe asanzwe ari umuhanuzi mu biro vy’Umukuru w’igihugu. Yaciye abamenyesha ko ari agaseke  Umukuru w’igihugu yari yabemereye kugirango nabo bashobore   guhimbaza umunsi mukuru wa Noweri n’uwo kurangiza umwaka w’2018.
Christine Manirambona

 

Ouvrir