Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Igabanywa ry’abasirikare b’abarundi 1000 muri AMISOM riratandukanye n’integuro ndangabikorwa yemejwe muri Etiyopiya

vuiUrwego rwo kwivuna abansi rw’Uburundi rwarashize ahabona itangazo ku bijanye n’urwandiko rwo ku wa 19 Kigarama 2018  umugwi w’Ubumwe  bwa Afrika wo mu gisata kijejwe amahoro n’umutekano (AMISOM) warungikiye ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rirangurira imirimo muri Somariya  ruvugwamwo igabanywa ry’abasirikare.  Urwego rwo kwivuna abansi rw’Uburundi rwarashize ahabona itangazo ku bijanye n’urwandiko rwo ku wa 19 Kigarama 2018  umugwi w’Ubumwe  bwa Afrika wo mu gisata kijejwe amahoro n’umutekano (AMISOM) warungikiye ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rirangurira imirimo muri Somariya  ruvugwamwo igabanywa ry’abasirikare.  Urwo rwego rwerekana ko intumbero y’iryo gabanywa ari ugutunganya busha ibikorwa vya AMISOM. Iryo gabanywa rikaba ryakozwe hisunzwe ingingo y’2431 y’urwego mpuzamakungu rujejwe umutekano ishingiye ku mugambi wo gushira mu minwe ya Somariya ububasha bwo kwitunganiriza umutekano w’ico gihugu. Muri iyo ngingo haravugwamwo igabanywa ry’ingabo zigize AMISOM 1000. Muri urwo rwandiko harasabwe ko ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bikorera muri Somariya bifadikanije na AMISOM vyofasha mu gushira mu ngiro igabanywa ry’abasirikare b’abarundi 1000 bisabwa ko vyoja mu ngiro kw’igenekerezo rya 28 Ruhuhuma 2019. Ku bw’umuvugizi w’urwego rwo kwivuna abansi rw’Uburundi, Floribert  Biyereke, iyo ngingo iratandukanye n’integuru ndangabikorwa yemejwe kw’igenekerezo rya 30 Munyonyo 2018 mu gihugu  ca Etiyopiya n’umugwi mpuzabikorwa ujejwe gutunganya ibikorwa vya gisirikare mu gihugu ca Somariya, aho bavuga neza ibitigiri bizogabanywa mu ngabo zigize AMISOM hisunzwe itunganywa rishasha ry’inteko n’ibitigiri hamwe n’ingene ibikorwa vya gisirikare bitunganijwe muri AMISOM. Muri iyo nteguro ndangabikorwa, baravuze neza ko hazogabanywa abasirikare b’abarundi bakorera muri Somariya bangana 341 kw’igenekerezo rya 28 Ruhuhuma 2019. Ni muri iyo nteguro nyene basaba ko AMISOM igabanya kuri iryo genekerezo nyene abasirikare 1000, abo nabo bari kuva mu nteko z’ibihugu vyose bifise ingabo ziri muri Somariya. Hisunzwe ingingo y’umugwi w’Ubumwe bw’Afrika isaba igabanywa ry’abasirikare b’abarundi 1000 bakorera muri Somariya iteye kubiri n’ingingo yafashwe n’umugwi mpuzabikorwa ujejwe gutunganya ibikowa vya gisirikare muri Somariya, ngo urwego rwo kwivuna abansi rw’Uburundi rurasaba inzego zibifitiye ubushobozi kuvugana n’inzego zifise ububasha kugira  ico kibazo gitunganywe hisunzwe intahe n’ingingo.
Aline Kanyana

 

Ouvrir