Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Prezida NKURUNZIZA ntazivuguruza ku ngingo yafashe yo kutazokwitoza mu 2020

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA amenyesha abarundi n’amakungu ko ingingo yafashe yo kutazokwitoza mu mwaka w’2020 ari ntabanduka. Ivyo yabishikirije mu ntumbero gukurira inkoni ku gishitsi aboba bacibaza ko ashobora kwivuguruza, hakaba hari mu gihe yariko yishura ibibazo vy’abamenyeshamakuru n’abanyagihugu bakoresheje iterefone, kw’igenekerezo rya 28 Kigarama 2018 ari mu ntara ya Ngozi mu kigo ca diyoseze ya Ngozi. Prezida NKURUNZIZA yarishuye rero ku bibazo bitandukanye vyerekeye poritike, ubutunzi n’iteranmbere, imigenderanire na cane cane ko imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda itifashe neza, hamwe n’ivyereke imibano, ubutungane, umutekano, amagara y’abantu, indero n’ibindi.Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA amenyesha abarundi n’amakungu ko ingingo yafashe yo kutazokwitoza mu mwaka w’2020 ari ntabanduka. Ivyo yabishikirije mu ntumbero gukurira inkoni ku gishitsi aboba bacibaza ko ashobora kwivuguruza, hakaba hari mu gihe yariko yishura ibibazo vy’abamenyeshamakuru n’abanyagihugu bakoresheje iterefone, kw’igenekerezo rya 28 Kigarama 2018 ari mu ntara ya Ngozi mu kigo ca diyoseze ya Ngozi. Prezida NKURUNZIZA yarishuye rero ku bibazo bitandukanye vyerekeye poritike, ubutunzi n’iteranmbere, imigenderanire na cane cane ko imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda itifashe neza, hamwe n’ivyereke imibano, ubutungane, umutekano, amagara y’abantu, indero n’ibindi.Umukuru w’igihugu yaboneyeho n’akaryo ko kwipfuriza abarundi bose n’abanyamahanga baba mu Burundi Noweri nziza n’umwaka mushasha muhire w’2019, aranashimira Imana yazigamye abarundi n’Uburundi mu mwaka w’2018.

buiuu
Ku vyekeye intwaro na poritike:
Ku kibazo babajije Prezida NKURUNZIZA nimba atokwitoza n’igihe umugambwe CNDD-FDD wobimusaba,yishuye ko ingingo yafashe yo kutazokwitoza mu 2020  ari ntabanduka. Ku kibazo c’uwuzomukorera mu ngata kiguma kigaruka, Umukuru w’igihugu yaratanze umuco aho yamenyesheje ko ico kibazo cobazwa umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD. Ko igihe yobisabwa n’umugambwe kwitoza naho yamenyesheje ko ari ingingo yafashe kandi atabisabwe n’umugambwe, ko yafashe ingingo ibereye Umukuru w’igihugu nyene, ariko akaba akazoguma akorera umugambwe wamureze ukamuramura.


Ku vyerekeye imigenderanire:
Ku bijanye n’ikibazo c’imigenderanire n’ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya (U.E) Prezida NKURUNZIZA yamenyesheje ko imihora yuguruye kuko Uburundi ata ngorane bufitaniye n’iryo shirahamwe ahubwo ibihugu birigize arivyo vyafashe ingingo yo gufatira ibihano vy’akarenganyo Uburundi. Ku bijanye n’uko hoba hari icizere ko imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda yosubira kugenda neza yamenyesheje ko iyo migendranire mibi ituruka ku gihugu c’Urwanda kuko arico kiguma gisotora Uburundi. Naho biri Prezida NKURUNZIZA yaramenyesheje ko icizere c’umubano mwiza kiriho ariko ko abanyarwanda bakwiye kwemenga ivyabaye vyose hagati y’ivyo bihugu gutyo hakaba intango nshasha. Izo ngorane kandi ngo si iz’ubu kuko ingorane zabayeho kuva ku ntwaro ya cami. Inyigisho zo kuzirikana igihugu nazo zikaba zatumye abarundi bategera neza ukugene igihugu cifashe. Ibibazo biri hagati y’Uburundi n’Urwanda Reta yarashikirije ibirego ariko akarere gasa n’akihojeje mu gihe Uburundi bwerekanye ko ico gihugu cavogereye Uburundi guhera mu mwaka w’2015 mbere burerekana n’ibimenyetso ariko ivyo birego ntivyigeze bisuzumwa. Akerere nako karafise amategeko ngenderwako avuga ko ata gihugu co muri iryo shirahamwe gitegerezwa gutera ikindi. Ico kibazo kandi ntakugifata minenerwe kuko hamaze kujamwo kwica abantu nko mu Ruhagarika hamwe n’ibirwanisho ari co gituma amategeko yokurikizwa. Abantu rero ntibarondere kurenzako uruho rw’amazi ibibazo biba bihari mbere bikaba vyari bikwiye ko Urwanda rutanga n’indishi y’akababaro kuko abarundi bababaye. Ikindi yamenyesheje ni uko Uburundi ata mugambi bufise wo guhungabanya umutekano w’Urwanda ariko rworwo rufise uwo mugambi. Yarongeye amenyesha ko Reta y’Uburundi itazokwigera yicarana n’abarenze amategeko bagahungabanya inzego. 
Ku bijanye n’ubutungane: Kubona Reta yarafashe ingingo yuko imanza za Reta ziburanwa n’abashingwamanza ba Reta bashasha bifise intumbero yuko ziburanwa n’abantu bakunda igihugu, atari abashira imbere inyungu zabo aho gushira imbere inyungu z’igihugu. Bisubiye abo bashingwamanza bazokarihirizwa ubwenge mu ntumbero yo kubaronsa ubumenyi bukwiye kugira baharanire inyungu z’igihugu koko. Aho naho baca bakora igikorwa cabo co kuburana imanza za Reta n’umutima ubikunze. Ku baronderwa n’ubutungane bw’Uburundi bari mu bindi bihugu badatanzwe n’ibihugu babamwo urubanza ntirubora bazobarindira. Aho akaba yariko yishura ku kibazo c’abagandaguye Prezida Ndadaye bahungiye mu bindi bihugu. Ku bijanye n’igandagurwa rya Prezida Ntaryamira Uburundi bisunga amategeko mpuzamakungu. 

   
Ku bijanye n’intwaro:
Prezida NKURUNZIZA yavuze ko kubona Reta yarafashe ingingo yuko umurwa mukuru wa poritike wokwimukira mu ntara ya Gitega yamenyesheje ko bisanzwe biri mu mategeko kandi ico ciyumviro atari ica vuba naho hari utubazo tumwe tumwa tuza turaza. Rero ingingo ya Reta yuko Gitega iba umurwa mukuru wa poritike ni nziza kandi iciyumviro si ic’ubu.Ngo bisubiye kuhashira umurwa mukuru wa poritike hazoheza hajeyo ubushikiranganji bushika butanu. Inama Nshikiranganji zose zizohora zibera i Gitega guhera mu mwaka uza w’2019. Ibijanye n’inzu navyo Reta irafise umugambi wo kuzirwiza . Hagiye no kwubakwa inyubako za Reta abakozi ba Reta bazokoreramwo. Bisubiye ngo i Bujumbiura hasanzwe hari n’ubushuhe bwinshi nayo i Gitega hakaba hapfutse bikazotuma barangura imirimo yabo neza. Bikunze hazoheza hubakwe n’ikirimba kigira kabiri muri iyo ntara. Buramatari w’intara ya Gitega nawe ngo azofatwa nka buramatari, musitanteri nawe agume afatwa nk’uko ari. Reta yasanze mu ntara ya Gitega horoshe gukorera kuko n’uruja n’uruza rworoshe kandi uwo mugambi ukaba wari waratangujwe na Prezida Bagaza naho bitabandanije nk’uko vyari biteguwe. Ku kibazo kijanye no kworohereza uruja n’uruza mu ntara ya Gitega mu kwubaka ikibuga c’indege i Bugendana Prezida NKURUNZIZA yishuye ko umugambi ukiriho kandi n’ivyigwa vyamaze guhera. Birategekanijwe kandi kwubaka ibarabara ry’indarayi muri iyo ntara hamwe n’unyubakwa y’akaranga n’imico. Ku bantu bubaka ahantu Reta yabujije kwubaka hagenewe indimo Reta yarafahse ingingo yo kubihagarika. Hari ahantu haciwe ibibanza hatari hagenewe kwubakwa inzu. Nico gituma bahagaritse amashirahamwe ya SIP na ECOSAT gutunganya ibibanza vyokwubakamwo mu bibanza bimwe bimwe kuko Reta yasanze vyohungabanya umutekano. Muri kino gihe Reta ishira imbere gutunganya ayo matongo ku mashirahamwe yubaka amagorofa gutyo abantu bakagura inzu bakwiranye. Ikibanza cahoramwo ikibuga c’umupira w’amaguru « FFB » bavuga ko hoba hari inyubakwa ziri munsi yaco, Reta ikaba ifise intumbero yo gukuraho ico kibazo kugira ivyitwazo bihere. Ibijanye n’amahera amaradiyo ariha mw’ishirahamwe riijejwe gutanga imihora no kuyiganzura (ARCT) ngo ababijejwe bariko barakora kugira intambamyi zihere, ariko bimenyeshamakuru bigenzurwa na ARCT navyo bimenye kworohereza ikigo OBR gitoza amakori n’amatagisi. Ivyo bimenyeshamakuru birondere kworoherezwa ariko navyo vyisunge amategeko.Naho biri uko Reta yaremeye ikigega co gufasha ibimenyeshamakuru aca amenyesha ko ikindi kiganiro nk’ico kizoba vyavuye mu nzira.Ku bijanye na bamusitanteri bakora amakosa bakibaza ko badakurwa Umukuru w’igihugu yamenyesheje ko ata muntu n’umwe ari hejuru y’amategako. Inama ya komine ibakuye ikurikije amategeko ubushikiranganji bw’intwaro hagati mu gihugu buravyihweza bukamutunganiriza akuwe hatubahirijwe amategeko. Mbere na buramatari araraba ko ugukura musitanteri vyakurikije amategeko. Ingingo imaze gufatwa na buramatari itandukanye n’iyo inama ya komine ubushikiranganji bw’intwaro hagati mu gihugu buca bubiraba neza kugira ntihagire icononokera. Ibijanye n’ukugene umugambwe witunganya kugira wemererwe gukora ku mugaragaro ikosa si irya Reta riri ku bashaka kwemererwa, ni batunganye neza ivyo basabwe n’ubushikiranganji bw’intwaro hagati mu gihugu gutyo bisunge amategeko.  Ibijanye n’ivyandiko vyo ku ntatemwa ya Ragasore iri ku musozi Rwagasore vyabaye mu ntumbero yo kugarukana amateka y’uwiguze igihugu. Intahe yo kwikukira yabonetse mu mwaka w’1962 kandi ivyandiko vyari vyahindutse kuva intwaro ya cami itemabagajwe. Ni mu ntumbero yo kwubahiriza amateka ; ni nk’uko hari amazina y’amabarabara agiye gufutwa kuko yitirirwa intwaro z’imisumiranyo mbere bikaba ari impwemu mbi kugira ikintu co kwiyumvira gutembagaza ubutegetsi giherengetere.  Kuri iyo ntatemwa ubu hakaba handitse icivugo «Imana -Umwami-Uburundi » ariko hamaze gukurwa intwaro ya cami bakaba baciye bahindira izo nyandiko hakandikwa icivugo »Ubumwe Ibikorwa Amajambere». 
Guterera mu matora yo mu 2020 bigaragaza umutima wo gukunda igihugu
Ku bijanye n’intererano y’amahera yo gutegura amatora yo mu 2020 Prezida NKURUNZIZA yamenyesheje ko hamaze gutangwa imiriyaridi 40 hakaba hasigaye gutangwa imiriyaridi 30 ku buryo babona ko mu mwaka uza iyo ntererano izokwira. Kubona naho abanyeshure basabwa guterera muri ayo matora ngo ni ibintu bisanzwe kuko ni nabo basigaje imyaka myinshi yo gutunganya igihugu. Bisubiye abavyeyi bakwiye kwumva ko Reta ibakorera vyinshi kugira abana babo bige canke bavuzwe, ni ukwerekana ko yaba umuvyeyi canke umunyeshure akunda igihugu.

Ku bijanye n’ubutunzi n’iterambere
Prezida NKURUNZIZA yaramenyesheje ko ikibazo c’igitoro ngo atari ic’ubu kandi kidahaye kirahera ; bisubiye ubuzima bugizwe n’ivyoroshe hamwe n’ibigoye. Reta nayo ijejwe gutorera inyishu ibibazo vyose biba bigoranye atari uko n’ubushikiranganji bubijejwe bwoca buhava.Ikibazo c’igitoro rero ngo kiriho ariko Reta iguma ikora mu ntumbero yo kugitorera inyishu Ibibazo vy’ubutunzi ngo ntibihera ahandi hoho ngo abarundi boba bari mw’ijuru ; noneho igwirirana ry’abarundi riri ku murindi munini, mu myaka iza ibitigiri vyabo bizoba ari umurengera. Hari nk’abana bashika ibihumbi bine canke bitanu, abo bobo bazotunganirizwa na nde? Bisubiye ngo nta gihugu na kimwe catejwe imbere n’amashirahamwe mpuzamakungu, gusa arashigikira. Uburundi rero sibwo bubikoze bwonyene n’ibindi bihugu vyarabikoze. Ku basaba guha akazi abantu bo mu bwoko bwose naho Reta ntiyemera ko bagendera amacakubiri babivye mu gihugu. Ibijanye n’amashirahamwe mvamakungu yasabwe kwisunga amategeko yamenyesheje ko nayo ateegrezwa kwisunga amategeko y’Uburundi aba ashaka gukoreramwo. Iyo ngingo yafashwe kuko basanze hari n’ayakora atazwi, intumbero akaba ari ukugosora ibihumbwa bikaja ukwavyo nayo imbuto nziza zikaja ukwazo.Ikibazo ca INSS na MFP nticega abasirikare n’abaporiosi gusa cega abakozi bose ba Reta
Ku bijanye n’ibibazo vyo gutegekaniriza kazoza abakozi mw’ishirahamwe INSS no kuvuza abakozi mw’ishirahamwe MFP ngo ntibizokorwa ku basirikare n’abaporisi gusa bizokorwa ku bakozi bose ba Reta. Ni vyanka naho Reta izofata izindi ngingo kuko intumbero ya Reta ari uko vyova mu nzira.Ku bijanye no gukura ubusumbasumbane bw’imishahara biriko bigenda neza kugira mu nyuma babone kuraba ko uburusho bwosubiraho. Reta kandi yarafashe ingingo yuko abakozi ba Reta berekana neza ko ivyo bakoze babikoze ku neza y’igihugu n’abanayagihugu. Hari n’intumbero yo kurewanya ubunebwe ku kazi kuko vyibonbekeje ko hari abaja ku kazi bakigumira ku materefone . Hari no gutuza abarya ibiturire mbere bamwe bamwe bakaba bamaze iminsi bafatwa harimwo abacamanza n’abakozi b’ikigo OBR.Ku bijanye n’umutekanoYarongeye amenyesha ko naho abasirikare n’abaporisi bashimiwe ko bakora neza bizwi neza ko hari abaporisi barenganya abanyagihugu mbere bakabaka n’ibiturire. Arashima kubona uwu mwaka amasanganya yabaye make, ivyo navyo bikava ku mvo nyinshi nk’abaporisi batabahasha, abashoferi batwara abantu batemerewe kugendesha imodoka n’abatwara imodoka baborewe canke imodoka zidakwije ibisabwa. Ingingo zigiye gufatwa mu ntumbero yo kugabanya amasanganya yo ku mabarabara. Indero n’imibanoAbigisha baja kunonosora amashure bakagaruka mu kazi bivana n’ukugene bagiye. Bagiye bakurikije amategeko ubushikiranganji bukabarekura bagaruka mu kazi ariko uwijanye aba asa n’uwataye akazi ku buryo ataco agaruka  gusaba.Ku bijanye n’ikibazo c’amatongo yamenyesheje yuko ubwa mbere abantu  bakwiye kumenya ko amatongo yose ari aya Reta, ariko rero hakaba hari bantu baguye mw’isanganya bakagura amatongo n’abantu batari beneyo. Abo Reta izosanga barenganijwe nabo izoheza ibitanganirize, bashumbushwe mu gihe Reta izoba ikeneye kuhakorera imigambi y’iterambere canke basubizwe amatongo yabo. Ibibazo vy’abanyagihugu Hari ibihugu vyasavye Uburundi abakora imyuga itandukanye nka Guinée Equatoriale na Arabie Saoudite, akaba yamenyesheje ko ubushikiranganji bw’imigenderanire bwasabwe gutegura amsezerano yo guhanahana abantu.  Gufasha abantu batishoboye Reta irafise igisata kibafasha kwubaka uburaro ariko ntiyobikorera abantu bose. Uwasabwe gushigikirwa akaba yamwishuye ko niyerekana ko yitanze bashobora kumwunganira bakamuha amabati. Ivyo gufasha abatishoboye n’abahoze ku rugamba bizobandanya kandi bitazohagarara ngo n’uko atoba akirongoye igihugu. Abanyagihugu basaba amabati yo gusakara inzu yamenyesheje ko bandika ikete, musitanteri akarishirako umukono kugira yemeze ko iyo nzu iriho kuko basanze hari ababesha abagaca badandaza ayo mabati.Kaminuza zidakwije ibisabwa bikenewe zizokwugarwaAkarusho ku bigisha bakorera kure y’iwabo basanze yemejwe vyogora urukwegane ku buryo Reta itoheza ngo ibivemwo. Ahubwo abantu ngo ni bamenyere gukorera aho baronse akazi kose. Abasirikare, abaporisi, abacamanza n’abaganga bose baca basaba ako karusho. Abarundi bari hanze bahabwa ikibanza ciza kuko Reta yashinze n’umunsi wabahariwe mbere nabo bakaba barafasha igihugu kwiteza imbere. Iyo baje mu gihugu barabatembereza bakabashikana n’iwabo. Yabasavye kuzana imigambi yo guteza imbere amakomine yabo n’igihugu. Kuba mu mahanga naho, uwuronse akarusho yoheza agataha mu gihugu c’amavukiro. Umukuru w’igihugu arashima ukugene abakinyi bo mu mugwi nserukiragihugu bariko barigenza, abo vyega nabo bagasabwa kubakurikiranira hafi. Reta ahayo ngo ntaco itazokora kugira iborohereze. Ku bijanye n’amakaminuza ubushikiranganji bwarafashe ingingo mu ntumbero yo guha akanovera inyigisho. Abiga mw’ijoro nabo basanze batofatwa co kimwe n’abanyeshure biga ku murango kuko amasaha biga ataba ari amwe. Kumenya muri kaminuza y’Uburundi biragoye ariko muri za kaminuza zigenga bamenya kubera inoti zabo mbere bakaronka n’ibice 97 kw’ijana mu gihe muri kaminuza y’Uburundi kuronka 60 kw’ijana uba wakobeje. Ivyo ngo vyotuma abanyeshure basohoka ata bumenyi bukwiye abafise arico gituma hariko harategurwa itegeko rigenga kqaminuza zigenga. Bisubiye ngo n’abigisha bategerezwa kuba bafise ubumenyi busabwa mu ntumbero yo kwubahiriza inyigisho zitangwa. Yamenyesheje ko bibaye ngobwa hari na kaminuza zizohagarikwa. Uwize amashure akaja kudandaza canke kurima akimbura, agakora umwuga ntiyitwa umushomeri abantu rero bareke kuvyiyitirira. Kuba umushomeri ni ukuba umuntu adafise ico akora. Iryo jambo ryugara umutwe kuko akazi gatangwa na Reta n’abikorera utwabo. Reta ico yemeye n’ishingwa ry’ibanki y’urwaruka yunganira abariko barakora imigambi kandi bari mu makoperative, atari ku giti c’umuntu. Bazoraba urugero bafatirako mu kwunganira amakoperative y’urwaruka kandi iyo banki ikazotangura gukora mu mwaka uza w’2019. Abatwa basaba kworoherezwa n’Ibwirizwa Shingiro yamenyesheje ko amarembo yuguruye bashobora kuja mu mashirahamwe no mu migambwe yose bipfuza aho kuguma basaba uburusho batabanje gukora. Abasaba ko imigwi igikora ivyo kwinonora imitsi mu migwi yamenyesheje ko  hari impamvu zatumye bihagarikwa ariko ni basanga izo mvo zarahavuye bizokwigwa basubire kubirekura. 

Epitace Nduwayo

 

Ouvrir