Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibiti cimeza bigiye kugarukirwa

nanananUbushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi bufise umugambi wo gutera ibiti cimeza, bigizwe n’umuremera, umukererwa, umusave, umugimbu, umuyove, umwungo, umushwati, umwufe, umuvugangoma, umurinzi n’umuhumuza, mu ntumbero yo kugarukira ivyo biti cimeza biriko birahona.Ubushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi bufise umugambi wo gutera ibiti cimeza, bigizwe n’umuremera, umukererwa, umusave, umugimbu, umuyove, umwungo, umushwati, umwufe, umuvugangoma, umurinzi n’umuhumuza, mu ntumbero yo kugarukira ivyo biti cimeza biriko birahona. Muri kahise, ngo abarundi barakoresha mwene ivyo biti mu buvuzi kama, mu mashamba cimeza naho ibinyabuzima biriyo bigafungura ivyamwa bikoroka bivuye kuri ivyo biti.

Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuyobizi w’amashamba, Epimény Nibizi, ku wa 26 Kigarama 2018, hari mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Nk’uko umuyobizi w’amashamba, Epimény Nibizi yabandanije abishikiriza, ngo mu bushikiranganji bw’ibidukikije basanze hari ikibazo c’ibiti vy’ibizanano, aho abanyagihugu babitera batabanje gutohoza. Ivyo biti vy’ibizanano, ngo aho kutugirira akamaro, usanga hari ivyo biriko bironona, agatanga akarorero k’igiti c’umukaratusi kiri mu biti bituma amasoko y’amazi akama, iyo biteragiye ahari amasoko y’amazi. Muri komine ya Gatara, mu ntara ya Kayanza, ngo basanze ico giti kigumye giteragirwa gishobora gutuma amasoko y’amazi akama.Mu bushikiranganji bw’ibidukikije niho bafata ingingo yo kugarukira ibiti bidafise ingaruka ku mazi no kw’isi ndimwa. Muri ivyo biti, ngo hariho ibiti kuva kera na rindi vyibonekeza, ivyo navyo ni imivugangoma, imiyove, imirinzi, umwungo, imishwati, n’ibindi. Ivyo biti rero, ngo naho vyotegerejwe kuba ntabikihari. Aho vyotegerejwe kuba naho ngo ni mw’ishamba cimeza rya Kibira, naho muri iryo shamba, ivyo biti cimeza ngo biriko birahona. Mu bushikiranganji bw’ibidukikije baciye bafata ingingo yo gutorokanya imbuto z’ivyo biti cimeza kugira bashobore kubigwiza, mu ntumbero yo gusubiriza ivyo biti cimeza mw’ishamba biriko birahona. Ibindi biti navyo, ngo bigashobora guterwa mu ndimiro kubera bisanzwe bibana n’indimo.


Igiti c’umuvugangoma kiri mu  bgize akaranga k’Uburundi
Vyongeye, ngo abakera, barabikoresha mu kubironderamwo imiti mu buvuzi kama, ivyamwa vy’ivyo biti kama bigafasha gufungurira ibinyabuzima biri mu mashamba cimeza nka Kibira. Ikindi, ngo kubona ivyo biti cimeza bigiye kugarukirwa, harimwo no kugarukira akaranga k’igihugu kubera ko umuvugangoma ariwo ukorwamwo ingoma, izo nazo zibaka ziherutse gushirwa ku rutonde rw’ubutunzi bw’isi « patrimoine mondial de l’UNESCO ». Muri kino gihe, ngo amatuta ya mwene ivyo biti yarateguwe, ayo nayo ngo ari muri zone ya Bugarama, muri komine n’intara ya Muramvya. Ayandi matuta ya mwene ivyo biti ngo ari mu Rwegura, ahasanzwe hari ikiyaga gifasha urugomero rutanga umuyagankuba rwo mu Rwegura. Eka ngo no mu ntara ya Mwaro, ngo baratunganije amatuta, aho bagwije cane igiti c’umurera, ndetse ngo n’abanyagihugu bakaba babishima cane kubona bariko baragarukira ibiti cimeza. Abo banyagihugu baremeza ko ivyo biti vyari bifitiye akamaro abarundi muri kahise.Mu gihe ivyo biti bitamera ahariho hose, ngo bazobitera mu mashamba cimeza, mu mashamba ya Reta hamwe no mu ndimiro z’abanyagihugu, ivyo biti bikuze ngo biravamwo n’imbaho nziza cane.Ku kibazo co kumenya ko ivyo biti bitazoterwa mw’ishamba cimeza rya Ruvubu, Epimény Nibizi yamenyesheje ko iryo shama rifise ibiti bito bito, ivyo biti rero ngo bikunda bivanye n’isi ndimwa biteragiweko, aho iryo shamba riri hamwe n’ibihe vyaho riherereye « climat ». Vyinshi muri ivyo biti cimeza ngo bizoteragirwa mw’ishamba cimeza rya Kibira, niho ngo bikura cane bikaba binini. 


Igwirirana ry’abantu riri mu vyatumye ibiti cimeza bigenda birahona
Eka ngo kubona ibiti cimeza vyagiye birahona, ahanini ngo birafitaniye isano n’igwirirana ry’abantu, aho amashamba yagiye arahona, ariko ngo n’aho umuryango umwe wose wotera ibiti cimeza 5 ngo vyofasha kunagura ubwo bwoko bw’ibiti. Bisubiye, ngo n’amikoro mato y’abanyagihugu yatumye bijukira guteragira ibiti vy’ibizanano kubera ko bikura ningoga, gutyo bikaza kubasahiriza mu miryango yabo, bataravye ingarukambi yavyo kw’isi ndimwa n’amasoko y’amazi.Ukwo kunagura ivyo biti kama, ngo ni umugambi munini, aho bariko bararaba ukuntu hoba kugabanya gukoresha igiti c’umukaratusi haba mu guca amakara, kwubaka n’ibindi. Ababijejwe ngo bariko bararaba ukuntu hoba ukworohereza abagwizatunga kugira bashobore kuzana umwuka  «gaz» wo koreshwa mu gukinjika hamwe n’ibikoresho bijana. Mu gisata co kwubaka naho nyene, ngo abagwizatunga bo kworoherezwa kuzana ivyuma vyofasha kwubaka inyubakwa z’amagorofa.Ivyo ngo vyotuma igiti c’umukaratusi gisanzwe gifise ingarukambi kw’isi ndimwa n’amasoko y’amazi kidasubira guhurumbirwa kubera ata mafaranga coheza ngo cinjirize abakirima.Umuyobozi w’amashamba, Epimény Nibizi, atera akamo abanyagihugu ko bigira uwabo uwo mugambi, ivyo biti cimeza ngo biragoye gutegura kubera bisaba ubuhinga n’uburyo bwinshi abanyagihugu badafise. Imbuto zavyo ngo bazitoraguye mu mashamba cimeza, aho no kuzitegura mu matuta naho nyene bisaba uburyo n’ubuhinga. Ku mu nyagihugu wese, ngo n’uko yoza gutora imivyaro y’ivyo biti iri hagati y’5 na 10 kugira aje kuyitera mu ndimiro ziwe. 

  Déo Misigaro                                                                                                  

 

Ouvrir