Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umugambi wo kwigisha abakuze gusoma no kwandika urabandanya kandi ufitiye akamaro kanini abawitaba

 

nbaMu Burundi, ngo hamye kandi haracariho abanyagihugu batari bake batazi gusoma no kwandika, arico gituma umugambi wo kwigisha urwaruka n’abakuze gusoma, kwandika no guharura  ubandanya kuko ubafitiye akamaro kanini. Mu Burundi, ngo hamye kandi haracariho abanyagihugu batari bake batazi gusoma no kwandika, arico gituma umugambi wo kwigisha urwaruka n’abakuze gusoma, kwandika no guharura  ubandanya kuko ubafitiye akamaro kanini. Ivyo ni ivyashikirijwe  ku wa 31 Gitugutu 2018  n’umuyobozi mfatakibanza w’ikigo kijejwe kwigisha abakuze gusoma , kwandika no guharura ku rwego rw’igihugu, Spès Irambona mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE. Nk’uko yabandanije abimenyesha ngo mu gihugu harangwa abantu bakuze benshi harimwo mbere n’urwaruka batazi gusoma no kwandika. Ivyo navyo ngo mu minsi iheze bikaba vyava cane cane ku muco w’ikirundi utarekurira abana b’abigeme kuja mw’ishure kuko mu bo uwo mugambi ukoranya usanga ahanini bagizwe n’abakenyezi. Ubu naho ngo birashobora kuva ku bana bamwe bamwe usanga ari ibigaba ntibashake kwiga canke ugasanga vyatewe n’ubukene. Uwo mugambi rero ngo urangurirwa mu gihugu cose. Kugirango abanyagihugu bipfuza kwiga gusoma no kwandika bitabe ako kamo ngo habanza kubaho ihimiriza, gutyo bakamenya ivyo vyigwa ko biriko biraba. Ngo hariho n’amashirahamwe amwe amwe asanzwe afashanya n’ico kigo kijejwe kwigisha urwaruka n’abakuze gusoma no kwandika. Ayo nayo ngo ni nka ICODE, CEPBU, n’ayandi. Spès Irambona yamenyesheje ko uwo mugambi ushitse ku ntambwe ishimishije aho ngo ibice bishika 68% bamaze kumenya neza gusoma, kwandika no guharura kuva uwo mugambi utanguye. Spès Irambona yarongeye aributsa akamaro k’uwo mugambi ko ari ntangere. Iyo umuntu akuze akamenya gusoma no kwandika ngo ntawe asubira kwinginga amusomera ikete kuko aheza akaryisomera gutyo amabanga yiwe akayamenya wenyene, iyo atembereye ahantu atazi ntashobora kuzimira. Umuntu ntashobora gushika ku migambi yo kwiteza imbere atazi gusoma, kwandika no guharura. Mu ntwaro zo ku mitumba ngo ntibashobora gutora umuntu atazi gusoma no kwandika, eka ngo no mu mashirahamwe hari igihe batanga akazi kabayabaye ariko bakagaha abazi gusoma no kwandika, Ivyo vyose rero ngo bica bituma abantu batazi gusoma no kwandika bitabira uwo mugambi. Ngo abitabiriye uwo mugambi baraheza bakiga amezi 3 canke 4 gusa ngo bakaba bamenye neza gusoma, kwandika no guharura kuko bobo ngo mu kwigisha bakoresha ubundi buryo bita “Méthode Andragojie” atari burya busanzwe bukoreshwa mu mashure. Ku bwa Spès Irambona ngo umuntu wese yoba agifata minenerwe uwo mugambi atazi gusoma no kwandika ngo yogerageza akawitaba kuko ngo ufise akamaro haba kw’iterambere ry’urugo, ry’umuryango ndetse n’iry’igihugu cose. 

Estella Niyongere

Ouvrir