Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abakenyezi n’abigeme bahamagariwe kw’ipimisha indwara ya Kanseri y’urwinjiriro rw’igitereko

 

IMG 2052Indwara ya kanseri y’urwinjiriro rw’igitereko irabangamiye abakenyezi n’abigeme cane cane abakoze  imibonano mpuzabitsina bakiri bato, abahuza ibitsina n’abagabo benshi canke abavyeyi bamaze gushika ku mvyaro nyinshi.Ivyo vyamenyeshejwe na Régine Mbonindavyi  akora mu kigo c’ishirahamwe ryitaho ineza ry’imiryango ABUBEF kw’i Jabe muri Komine Mukaza   mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Indwara ya kanseri y’urwinjiriro rw’igitereko irabangamiye abakenyezi n’abigeme cane cane abakoze  imibonano mpuzabitsina bakiri bato, abahuza ibitsina n’abagabo benshi canke abavyeyi bamaze gushika ku mvyaro nyinshi.Ivyo vyamenyeshejwe na Régine Mbonindavyi  akora mu kigo c’ishirahamwe ryitaho ineza ry’imiryango ABUBEF kw’i Jabe muri Komine Mukaza   mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE. Yamenyesheje ko igikorwa co gupima indwara  ya kanseri y’urwinjiriro rw’igitereko kimaze imyaka 4 gitunganywa ariko ngo intango yama igora.Habanje kuba ingorane yo kubitahura n’ubwoba,  ariko ngo barakoze amasekeza yo guhimiriza no kwigisha ibijanye n’iyo ndwara n’ubu bikibandanya kuko iminsi yose imbere y’uko batangura akazi  baratanga inyigisho ku baba baje kubitura ari mu kwivuza, gucandagisha abana n’ababa baje gusaba impanuro  ku bijanye  no gutandukanya imvyaro. Ivyo ngo vyarafashije kuko baca bavyumviraho bagataha bipimishije. Iyo ndwara rero ngo nta mukobwa atarakora imibonano mpuzabitsina ayirwara kuko ngo iterwa n’uko umukobwa yatanguye gukora imibonano mpuzabitsina akiri muto,kuba yahuje ibitsina n’abagabo benshi,canke umukenyezi yavyaye kenshi.Gushika ubu rero ngo bamaze gupima abakenyezi barenga 1424  aho basanze mu bo bapima   mu kwezi kumwe bashobora gusangamwo 2 barwaye iyo ndwara. Ariko n’aho biri uko ngo haracari agahaze kuko kenshi haza kwipimisha abakenyezi bubatse ,abakobwa haza abamaze kugira ibimenyetso vy’uko bayirwaye aho bica bigorana kubavura kuko indwara uko imara iminsi myinshi iguma irandagata no mu bindi bice vy’umubiri ariko mu gihe bayibonye hakiri kare iravugwa neza babifashanije n’abaganga babifitiye ubumenyi igakira neza. Régine  Mbonindavyi yarangije ahimiriza abakenyezi  n’abigeme kwitabira uwo mugambi bakipimisha batarabona ibimenyetso kugira bamenye umubiri wabo uko umeze hamwe basanze barwaye bivuze hakiri kare bigishoboka kuko indwara yica abantu benshi kw’isi kandi itagira umuti iyo imaze gusanzara mu mubiri. Yaboneyeho n’akaryo ko gusaba Reta yo muvyeyi w’abarundi ko yobashigikira ikabafasha mu bijanye n’ibikoresho kuko ubu barashobora gupima ariko hageze kubavura bakabarungika ku bandi baganga usanga basaba uburyo bwinshi abarwayi bataronka  mbere bakanapfa kubera ubushobozi buke.

 Josélyne Ndayegamiye                                                

Ouvrir