Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ukwipimisha ata gahato umugera wa SIDA nivyo bizotuma ico kiza kiranduranwa n’imizi

 

DSC 0128Icegera c’uwurongoye umugambi w’igihugu wo kurwanya ikiza SIDA(PNLS), Richard Manirakiza amenyesha ko Uburundi bwateye intambe mu kurwanya ico kiza ,ariko agatera akamo abarundi ko kwipimisha ata gahato mu ntumbero yo kukirandurana n’imizi.Ivyo akaba yabivuze ku wa 28 Munyonyo 2018 mu bikorwa vy’inama nkarishabwenge yatumiwemwo abamenyeshamakuru bahuriye kw’ishure kaminuza ryigisha ivy’ubuvuzi INSP.Icegera c’uwurongoye umugambi w’igihugu wo kurwanya ikiza SIDA(PNLS), Richard Manirakiza amenyesha ko Uburundi bwateye intambe mu kurwanya ico kiza ,ariko agatera akamo abarundi ko kwipimisha ata gahato mu ntumbero yo kukirandurana n’imizi.Ivyo akaba yabivuze ku wa 28 Munyonyo 2018 mu bikorwa vy’inama nkarishabwenge yatumiwemwo abamenyeshamakuru bahuriye kw’ishure kaminuza ryigisha ivy’ubuvuzi INSP.Richard Minirakiza akaba yaramenyesheje ko uko umwaka utashe, Uburundi burifatanya n’amakungu mu guhimbaze umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ikiza ruhonyanganda Sida. Kakaba akaryo rero ko kugira bibukanye ukugene boshira inguvu hamwe umwe wese mu vyo ashoboye canke ajejwe mu ntumbero yo kurwanya ico kiza ku rwego rw’igihugu kugira kandi bafate intumbero y’amakungu afise ihangiro ryo kurwanya no kurandurana n’imizi ivyo vyose vyotuma haboneka abandi bandura umugera wa Sida. Ni muri iyo ntumbero Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida bubicishije mu mugambi w’igihugu ujejwe kurwanya Sida hatunganijwe uruganda n’abamenyeshamakuru kugira barabire hamwe uruhara rw’ama radiyo n’ibinyamakuru mu kurwanya ikiza ruhonyanganda Sida.Uwu mwaka rero ukaba wahariwe icivugo kivuga kiti:”Naripimishije umugera wa Sida, ndiyizi. Weho?” Nk’uko yabishikirije, Manirakiza amenyesha ko igihugu cacu cateye intambwe ishimishije mu kurwanya Sida, mu cirwa cakozwe mu mwaka w’2007 cerekanye ko urugero rw’abanduye muri rusangi rwari ku bice 3,7 kw’ijana, haheze imyaka 3 harabaye ikindi cigwa aho basanze abanduye bageze kuri 1,4 kw’ijana, icigwa cakozwe mu mwaka wa 2017 cerekana ko urugero rw’abanduye Sida ari 0,9 kw’ijana muri rusangi. Ivyo vyashitsweko kuko ibisata vyose vy’igihugu vyakoze ibishoboka vyose kugira ico kiza kiranduranwe n’imizi. Ariko ngo ntawokwijajara kuko ngo naho ibitigiri vy’abandura umugera vyagabanutse, usanga hari imirwi imwe imwe canke impande zimwe zimwe zibangamirwa kuruta. Muri rusangi rero mu bisagara umugera urarwiriye cane cane i Bujumbura aho basanze handuye  2,6 kw’ijana, niho haza imbere kuruta mu mitumba aho ibitigiri vy’abanduye bingana na 0,7kw’ijana kandi urugero rw’abandura ni cane cane abigeme n’abakenyezi. Aho rero ngo umwe wese yofasha mu kurwanya no kwirinda ico kiza ca Sida. Manirakiza yamenyesheje kandi ko imigwi ibangamiwe n’umugera nk’uko ivyirwa bivyerekana ari cane cane urwaruka n’abakenyezi.  Urugero rw’abandura  mu bagabo ni 0,6 kw’ijana, abigeme n’abakenyezi bandura ku rugero rungana n’ibice  1,2 kw’ijana. Bakaba bagiye gushira inguvu mu guhimiriza abakenyezi n’abigeme n’abandi batarajijuka kugira bijukire kwipimisha kuruta kandi abanduye bagakurikiranwa kwa muganga bagahamagarirwa no kuja ku miti.

Mbere ngo hazokoreshwa ubuhinga bugezweho kugira umugera wiwe ntube ukiboneka mu maraso. Aho rero ngo niho tuzoshika kuri ya ntumbero Uburundi bwihaye izodushikana aho umugera uranduranwa n’imizi gushika mu mwaka w’2020. Muri ico gihe 90 kw’ijana y’abarwaye bazoba babizi, 90 kw’ijana y’abanduye bazoba bari ku miti, 90 kw’ijana y’abanduye umugera ntuzoba ukiboneka cane mu maraso. Ariko ubu intambwe tugezeko irashimishije kuko urugero rw’abipimisha rwariyongereye kandi abarwaye barashirwa ku miti ipfupfahaza. Manirakiza amenyesha ko abaza kwipimisha ku gushaka kwabo bageze ku rugero rushimishije kuko abarundi batari bake barumvise akamo batewe kuko mu mpera z’umwaka uheze abaje kwipimisha bagera 16.000 mu gihe mu myaka 5 iheze abari bipimishije bari hagati y’ 400 n’500.Intambamyi rero zituma batipimisha hari ukutamenya, abagabo nabo bubatse ntibagende kwipimisha kuko baba bibaza ko umugore yipimishije nabo baba bipimishije. Abagabo rero bahamagarirwa kwipimisha mbere n’igihe abakenyezi babo bagiye kwipimisha igihe bibungenze bobaherekeza bakaronkera impanuro hamwe.Abakenyezi rero basabwa gupimisha imbanyi amezi atatu ya mbere eka bakongera bakipimisha umugera wa Sida kugira basanze barwaye umwana akingirwe ntaze avukane uwo mugera. Aho rero abakenyezi bojana n’abagabo kugira impanuro bahabwa na muganga bazikurikize bose. Manirakiza arangiza amenyesha ko abarwayi bari ku miti ipfupfahaza rero bababa 62000 mu gihe abategerezwa kuja ku miti bababa 82000. Reta rero ifadikanije n’abayifata mu mugongo ntaco itakoze kugira haboneke ibigo bipima bipima umugera wa sida, ibigo bitanga imiti ipfupfahaza, ibigo bifasha abakenyezi bibungenze kugira bavyare abana bakomeye mu gihe abavyeyi babo boba bagendana uwo mugera eka nta muntu akigenda urugendo rurerure. Manirakiza ahimiriza abantu bose kwipimisha kugira bamenye uko amagara yabo yifashe.

Nzosaba Ferdinand (Uwimenyereza)

Ouvrir