Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibiharuro bijanye n’ubuzima bw’igihugu bifise akamaro ntangere mu gutunganya no gukurikirana imigambi

IMG 0014Kw’igenekerezo rya 20 Munyonyo 2018, ikigo kijejwe gutorokanya ibiharuro bijanye n’ubuzima bw’igihugu ISTEEBU caratunganije uruganda rwo gusozera  ukwezi kugira 7 kwahariwe ibiharuro bijanye n’ubuzima bw’igihugu. Kuva mu mwaka w’2012, uko kwezi kwama guhimbazwa kuva ku wa 20 Gitugugu gushika ku wa 20 Munyonyo uko umwaka utashe.Umwunganirizi w’umushikiranganji ajejwe ikigega ca Reta, Lievin Gakwavu yaribukije ko ibiharuro bijanye n’ubuzima bw’igihugu bifise akamaro ntangere mu gutunganya no gukurikirana imigambi y’iterambere kugira ubuzima bw’igihugu bugende neza. Yabandanije amenyesha ko Reta y’uburundi yihaye intumbero yo gushira imbere ugutororokanya ibiharuro bijanye n’ubuzima bw’igihugu bituma ingorane zijanye n’iterambere zitorerwa unyishu hanyuma ubutunzi bw’igihugu bugatera buja imbere.Kw’igenekerezo rya 20 Munyonyo 2018, ikigo kijejwe gutorokanya ibiharuro bijanye n’ubuzima bw’igihugu ISTEEBU caratunganije uruganda rwo gusozera  ukwezi kugira 7 kwahariwe ibiharuro bijanye n’ubuzima bw’igihugu. Kuva mu mwaka w’2012, uko kwezi kwama guhimbazwa kuva ku wa 20 Gitugugu gushika ku wa 20 Munyonyo uko umwaka utashe.Umwunganirizi w’umushikiranganji ajejwe ikigega ca Reta, Lievin Gakwavu yaribukije ko ibiharuro bijanye n’ubuzima bw’igihugu bifise akamaro ntangere mu gutunganya no gukurikirana imigambi y’iterambere kugira ubuzima bw’igihugu bugende neza. Yabandanije amenyesha ko Reta y’uburundi yihaye intumbero yo gushira imbere ugutororokanya ibiharuro bijanye n’ubuzima bw’igihugu bituma ingorane zijanye n’iterambere zitorerwa unyishu hanyuma ubutunzi bw’igihugu bugatera buja imbere.Umuyobozi mukuru w’ikigo ISTEEBU, Nicolas Ndayishimiye yamenyesheje ko ingorane ya mbere ikigo ISTEEBU gifise ariyo kuronka uburyo bukwiye  bwo kugira ivyigwa bimwe bimwe bitwara uburyo bwinshi  nk’icigwa kijanye n’irwirana ry’abantu bigasaba ko Reta irondera uburyo no mubobasanzwe bafashanya. Ingorane ya kabiri ngo ijanye n’aho ikigo ISTEEBU gitororokaniriza ibiharuro. Ngo kenshi na kenshi, abarongoye amashirahamwe ntibashoka batanga ibiharuro bisabwa kugira hakorwe ivyigwa. Ngo abarundi ntibaratahura ko ibiharuro bijanye n’ubuzima bw’igihugu bikoze neza bifasha gufata ingingo ziteza imbere igihugu  no kwerekana isura y’igihugu. Ndayishimiye yamenyesheje ko ingorane igira gatatu ari uko ata bahinga bakwiye banonosoye ibijanye no gutororokanya ibiharuro. Ndayishimiye yateye akamo abarundi bose kw’iyo abakozi b’ikigo Isteebu bariko baragira amatohoza atuma bashira ahabona ibiharuro bijanye n’ubuzima bw’igihugu ko bogerageza bakaborohereza mu kubaha ivyo bakeneye vyose. Yabandanije asigura ko  ibiva mu matohoza atayindi ntumbero bifise atari iyo gufasha abafata ingingo gufata ingingo zibereye mu bijanye n’iterambere ry’igihugu. Reta y’Uburundi  ngo yobandanya yongerereza   inguvu yagize  mu gushiraho amategeko agenga ivyo gutorokanya ibiharuro bijanye n’ubuzima bw’igihugu mu kwongereza uburyo iha ikigo ISTEEBU kugira vyorohe gushira ahabona ibiharuro bijanye n’ubuzima bw’igihugu bikoze neza. Abafasha Uburundi nabo ngo bobandanya bafasha ikigo ISTEEBU bisunze ibiri muri wa mugambi wo guteza imbere ibiharuro mu Burundi.

Aline Kanyana

 

Ouvrir