Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abavyeyi bose bahamgariwe gutegera akamaro k’incanco

 

DSC05730Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, bwaratunganije indwi yahariwe amagara meza ku bavyeyi n’ibibondo. Icivugo kikaba ari : « Twese hamwe niduharanire uguteza imbere amagara y’abavyeyi n’ibibondo » .Ibikorwa bikaba vyatangujwe n’umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu Denise NKURUNZIZA, mu ntara ya Bujumbura Komine Kabezi. Ivyo bikorwa bizomara iminsi 4 kuva ku wa 20 gushika ku wa 23 Munyonyo 2018. Vyitabwe n’abategetsi batandukanye nk’uwuserukira ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu (OMS), intumwa y’ishirahamwe ryitaho abana (UNICEF ), umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA, abarongozi batandukanye bo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu, umukenguzamateka yatowe mu ntara ya Bujumbura,  buramatari w’intara ya Bujumbura, bamusitanteri b’amakomine yose agize intara ya Bujumbura hamwe n’abajejwe ubuzi butandukanye muri Komine Kabezi.Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, bwaratunganije indwi yahariwe amagara meza ku bavyeyi n’ibibondo. Icivugo kikaba ari : « Twese hamwe niduharanire uguteza imbere amagara y’abavyeyi n’ibibondo » .Ibikorwa bikaba vyatangujwe n’umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu Denise NKURUNZIZA, mu ntara ya Bujumbura Komine Kabezi. Ivyo bikorwa bizomara iminsi 4 kuva ku wa 20 gushika ku wa 23 Munyonyo 2018. Vyitabwe n’abategetsi batandukanye nk’uwuserukira ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu (OMS), intumwa y’ishirahamwe ryitaho abana (UNICEF ), umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA, abarongozi batandukanye bo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu, umukenguzamateka yatowe mu ntara ya Bujumbura,  buramatari w’intara ya Bujumbura, bamusitanteri b’amakomine yose agize intara ya Bujumbura hamwe n’abajejwe ubuzi butandukanye muri Komine Kabezi.Mw’ijambo ryiwe, Denise NKURUNZIZA  yabanje gukengurukira Imana yo idahengeshanya kuzigama abarundi n’Uburundi. Yarakengurukiye abajejwe intwaro n’abajejwe amagara y’abantu mu ntara ya Bujumbura ku kugene babakiriye. Yamenyesheje ko mu ntumbero yo gushira mu ngiro imigambi ya Reta yo guteza imbere amagara y’abavyeyi n’ibibondo, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya SIDA bwama butunganya kabiri mu mwaka, indwi yahariwe amagara meza y’abavyeyi n’ibibondo. Indwi yahariwe amagara y’abavyeyi n’ibibondo rero, itunganywa kubera ko hakiriho abana bitaba Imana batarakwiza imyaka 5. Vyumvikana rero ko hakiri urugendo rutari ruto kugira hashikirwe rya hangiro Uburundi busangiye n’amakungu ryerekeye kugabanya impfu ku bavyeyi n’abana. Vyongeye, Uburundi buri mu bihugu abana n’abavyeyi bitaba Imana ari benshi cane. Ivyo vyerekanwa n’itohoza ryerekeye amagara y’abantu ryakozwe mu mwaka w’2016 ushira uw’ 2017, aho basanze inzoya zitaba Imana zingana 78 ku bana 1000 bavuka bakomeye. Abapfa batarakwiza umwaka bangana 47 ku  1000 baba bavutse bakomeye. Abakenyezi bitaba Imana bariko baribaruka nabo bangana 334 ku gitigiri c’abavyeyi 100.000 baba bariko baribaruka. Denise NKURUNZIZA yarasavye abanyagihugu bose na cane cane abavyeyi ngo bategere ubwa mbere ko urucanco ari uburenganzira bw’umwana wese na cane cane ko urwaruka ari rwo Burundi bw’ejo. Reta iracika intege bivanye no  kwumva ko hakiri abana bicwa n’indwara zifise urucanco. Yaciye aboneraho akaryo ko gutera akamo abantu bose na cane cane imiryango imwe imwe y’abatwa itarategera akamaro ko gucandagisha abana, ngo bave i buzimu baje i buntu. Hari n’abandi bahabwa inyigisho zibabuza kujana abana babo ku ncanco nk’abari mw’ishengero ry’abasohoke, abayoboke ba Zebiya n’abandi.

Abajejwe intwaro, abaremeshakiyago n’abajejwe amagara y’abantu yabasavye gukora ibishoboka vyose kugira abo bana baronke incaco. Yasavye ashimitse ko ata muntu n’umwe yo kwaka uburenganzira abana bwo gukingirwa indwara z’ibiza. Abarundi yabararikiye kwitaho isuku ry’umubiri n’ivyambarwa, gukoresha umusegetera mu kwikingira malariya, kwitura amavuriro hakiri kare igihe cose bakitswe n’amagara. Abavyeyi nabo abasaba gusuzumisha imbanyi uko bitegekanijwe. Yarangije ashimira umuntu wese yagize ico afasha kugira izo ncanco ziboneke.Uwuserukira OMS muganga Kazadi Mulambo Walter yamenyesheje ko kuva mu 2002, igihugu kitunganya indwi yahariwe amagara meza y’abavyeyi n’ibibondo kugira ngo amagara yabo atere imbere .  Abana basivye amasango nabo bazoronka incanco. Muri iyo ndwi rero ngo n’akaryo keza ko guhimiriza abanyagihugu  ku kamaro ko gukaraba neza n’amazi meza n’isabuni. Indwi yahariwe amagara meza y’abavyeyi n’ibibondo ihuriranye n’umunsi mukuru mpuzamakungu wagenewe abana uhimbazwa ku wa 20 Munyonyo, ati rero n’amata avyaye amasoro. Uburundi rero ngo n’akarorero muri Afrika mu vyerekeye incanco. N’ubwo biri uko, haracariho abana bataronka incanco, akamenyesha ko muri iyo ndwi ari akaryo keza kugira ngo bashikire aho abo bana  nabo baronke ubwo burenganzira bwo kuronswa incanco. Ku biberekeye mu gushigikira imigambi ya Reta, bazobandanya bashigikira Uburundi kugira ngo abana bose bakingirwe maze ibiharuro vy’abana baronka incanco birenge 95 kw’ijana. Abavyeyi nabo bazohimirizwa kugira ngo bategere neza umugambi wo kwonsa ibibondo kugeza ku mezi 6. Yarangije ashimira amashirahamwe yafashije mu gutunganya  ico gikorwa  co gucandaga kugira kigende neza  nka GAVI, Ibanki y’isi yose, UNICEF,OMS, Reta y’Ubudagi hamwe na Reta ya Kanada.Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA Thaddée Ndikumana nawe yaribukije muri iyo ndwi ko hazotangwa urucanco rwa kabiri rw’agasama ku bana bafise hagati y’amezi 18 na 23 batashoboye kuronka urwo rucanco ku mwaka n’igice. Bazobaronsa kandi urucanco rugira 4 rukinga indwara z’ibigoga, inkorora y’akanira na rudadaza. Yarangije ashimira intara ya Bujumbura ku kugene yitaho ibikorwa vy’incanco n’ubwo hakiri umutumba basanze hariho abana batari bake batashoboye kuronka incanco bivanye n’uko bataronse inyigisho zikwiye. Akizera ko bagiye gushikirwa kugira ngo mu Burundi ntihasubire kubaho umwana atacandazwe. Abana bafise amezi 6 gushika ku mezi 59 bazoronka amama ya vitamine A akinga uruhumyi . Abana bafise umyaka 1 gushika kuri 14 bazohabwa ibinini vya Albendazole bivura indwara zo mu nda. Abakenyezi bibungenze uhereye ku mezi atatu nabo nyene bakazoronswa ibinini vy’inzoka zo mu nda.Imbere y’uko ibirori birangira umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu Denise NKURUNZIZA yaratanze imfashanyo igizwe n’umuceri, ibiharage n’amasuka ku miryango 200 ifise amikoro make. Inyuma yaho, ibiro vy’intara bijejwe amagara y’abantu vyaramuhaye inka yiswe « Magara meza ». Abanyakabezi nabo bakaba baramuhaye utuganuke tugizwe n’amafi hamwe n’ivyimburwa bitandukanye. 

 Gloriose Nshimirimana

Ouvrir