Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Reta iragira akigoro gakomeye mu gushiraho amategeko yubahiriza agateka k’abana

1200Umukuru w’urunani rw’amashirahamwe yitaho agateka k’abana FENADEB  Jacques Nshimirimana amenyesha ko ibijanye n’agateka k’abana vyifashe neza mu bisata bimwe bimwe ariko ahandi bicifashe nabi cane naho biboneka ko Reta y’Uburundi yagize akigoro gakomeye mu gushirahao  amategeko yubahiriza agateka k’abana. Bisubiye ngo ubu hariho ibigo vyakira abana bafitaniye ibibazo n’ubutungane, bigaragara ko muri ico gisata habaye akarusho.  Umukuru w’urunani rw’amashirahamwe yitaho agateka k’abana FENADEB  Jacques Nshimirimana amenyesha ko ibijanye n’agateka k’abana vyifashe neza mu bisata bimwe bimwe ariko ahandi bicifashe nabi cane naho biboneka ko Reta y’Uburundi yagize akigoro gakomeye mu gushirahao  amategeko yubahiriza agateka k’abana. Bisubiye ngo ubu hariho ibigo vyakira abana bafitaniye ibibazo n’ubutungane, bigaragara ko muri ico gisata habaye akarusho.  Ivyo yabimenyesheje ku wa 19 Munyonyo 2018 mu gihe urwo runani rwahimbaza imyaka 29 irangiye habayeho amasezerano mpuzamkungu yahariwe agateka k’abana CIDE mu mfunyafunyo. Yarongeye amenyesha ko hari vyinshi vyahindutse umuntu agereranije no mu myaka iheze kuko nko mu mwaka w’2012 abana bari bafitaniye ibibazo n’ubutungane  bashika hafi amajana abiri na mirongo ine (240) ariko ubu bakaba badashika 50. Yarongeye amenyesha ko no mu gisata c’amagara y’abantu hariho akarusho kuko hari ingingo yo kuvura ku buntu abana bafise munsi y’imyaka itanu ku buntu.  Amenyesha kandi  ibitigiri vy’abana bafise munsi y’imyaka itanu  bafungura nabi biri hejuru cane kuko bashika ibice 58 kw’ijana. Bisubiye ngo hari ibibazo vyinshi bigihanze abana kuko hari abana bakiri mw’ibarabara biboneka ko ari ikibazo nkoramutima. Ariko rero ayo mashirahamwe arashima ko ababijejwe bagihagurukiye naho hataraboneka neza uburyo bukwiriye bwo guhangana n’ico kibazo. Amenyesha kandi ko kugira ivyo bibazo bigabanuke ari uko abantu bokorera hamwe bakongera bakaganira baba abari mu mashirahamwe akorera muri ico gisata, abaserukira Reta. Noneho ngo biramaze kugaragara ko iyo abantu bahagurukiye ikibazo giheza kigatorerwa umuti. Ivyo bikaba vyaragaragaye igihe hari ikibazo c’abakora urudandazwa rw’abana b’abigeme babajana mu bihugu vy’abarabu aho bahagurukira ikibazo c’abana bo mw’ibarabara abana bari bafitaniye ibibazo n’ubutungane kugira habeho ibigo bibakira. Nimba hari n’ivyashobotse ntacobuza ko n’ibindi bishoboka mu gihe bobandanya basenyera ku mugozi umwe mu ntumbero yo gukorera abana b’Uburundi. Yarongeye amenyesha ko hari ikibazo c’abana bavukira mu mabohero canke bajana n’abavyeyi babo mu mabohero kitoroshe kuko atawutandukanya umwana akiri kw’ibere n’umuvyeyi wiwe kandi bakaba badashobora kurekura umuvyeyi yakoze ivyaha ngo n’uko yonsa. Abari muri ayo mashirahamwe batabariza abo bavyeyi n’abo bana kugira baronke ingaburo ibereye ituma bakura neza kandi abo bana ntibazire ivyaha vyakozwe n’abavyeyi babo.Ayo mashirahamwe rero yama ahimiriza abarongoye amabohero n’abarongoye ibisata bitandukanye mu gihugu  ngo bakore uko bashoboye kugira abavyeyi bafise abana canke bibungenze bashobore gufatwa neza naho bari mu bihano.            Yarongeye amenyesha ko mu gisata c’indero hakiri ibibazo bitandukanye bituma abana baheba amashure ku bwinshi kuko bashika ibihumbi amajana abiri (200) bitumwe no gutwara ishushu. Ibibazo vy’abana bishobora gutorerwa inyishu zihuta canke batevye ku buryo vyotuma agateka k’abana kubahirizwa. Ngo ni naho n’abo bana bamaze gukura bofasha gutorera umti ibibazo bishikira abana. Amenyesha ko kugarukira agateka k’abana bikigoye kuko hakiri abana bakiryama mw’ibarabara, abakiri mu mabohero, abatawe n’abavyeyi babo, abana b’abigeme bagikorerwa ivya mfurambi, abana batiga, abatavurwa, banyarwa amatungo basigiwe n’abavyeyi babo, abana bagishurashuzwa, abana bafatwa nk’ibidandazwa  abakoreshwa ibikorwa bibavuna bakiri bato. Ikindi n’uko bikenewe ko abana baserukirwa mu nzego zifata ingingo, ikindi ngo ugukingira  abana si igikorwa cega Reta gusa canke amashirahamwe mpuzamakungu nka Unicef n’ayandi yo mu gihugu, ahubwo ni igikorwa cega ubwa mbere na mbere abavyeyi. Ikindi gikenewe ngo n’uko itegeko rigenga imyaka yo kwubaka izabo ku bahungu n’abakobwa yoba imwe ntihabe itandukanirizo kuko ubu itegeko rivuga imyaka 18 ku mwigeme n’imyaka 21 ku bahungu. Mu kurangiza ibikorwa vy’uwo munsi ishirahamwe FVS Amade ryaronkejwe agashimwe n’urwo runani nk’ishirahamwe rimaze imyaka myinshi rikorera mu gisata co guharanira agateka k’abana kuko ryatanguye gukora mu mwaka w’1992 kandi rikora neza.

Epitace Nduwayo

 

Ouvrir