Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Amakoperative acukura ibikoresho vyo kwubabaka asabwa gukora yisunze amategeko

 

LEO01Muri aya mezi ya Gitugutu na Munyonyo 2018, abariko barubaka inzu baridoga ko bataronka canke baronka bigoranye ku giciro kinini amabuye n’umusenyi. Ivyo vyatumye abari batanguye kwubaka bahagarika. Abandi bafise ingorane n’abasanzwe badandaza ibikoresho vyo kwubaka bacukura mu nzuzi canke ku misozi bavuga ko inzara ibishe kubera akazi kabo kahagaze. Ni muri iyo ntumbero kw’igenekerezo rya 20 Munyonyo 2018, ikinyamakuru UBUMWE cegereye umuvugirizi w’ubushikiranganji bujejwe ubutare n’agataka, Léonidas Sindayigaya kugira amenyeshe icatumye ivyo bikoresho bibura. Muri aya mezi ya Gitugutu na Munyonyo 2018, abariko barubaka inzu baridoga ko bataronka canke baronka bigoranye ku giciro kinini amabuye n’umusenyi. Ivyo vyatumye abari batanguye kwubaka bahagarika. Abandi bafise ingorane n’abasanzwe badandaza ibikoresho vyo kwubaka bacukura mu nzuzi canke ku misozi bavuga ko inzara ibishe kubera akazi kabo kahagaze. Ni muri iyo ntumbero kw’igenekerezo rya 20 Munyonyo 2018, ikinyamakuru UBUMWE cegereye umuvugirizi w’ubushikiranganji bujejwe ubutare n’agataka, Léonidas Sindayigaya kugira amenyeshe icatumye ivyo bikoresho bibura. Sindayigaya yamenyesheje ko ivyo bikoresho vyabuze kubera mu kwezi kwa Gitugutu 2018, inama y’igihugu ijejwe umutekano yafashe ingingo yo guhagarika gucukura ubutare  n’ibikoresho vyo kwubaka bicukurwa mu nzuzi no ku misozi mu kiringo c’ukwezi. Yabandanije amenyesha ko amashirahamwe akoresha uburyo buhanitse eka n’amakoperative yarahagaritse ibikorwa kugira amasezerano bari bagiriraniye n’ubushikiranganji bujejwe ubutare n’agataka asubirwemwo hanyuma ayo mashirahamwe n’amakoperative asubire yiyemeze kwubahiriza ibidukikije.  Ubushikiranganji bujejwe ubutare  bwaragirishije inama abo vyega bose bo mu gihugu cose, ngo ubu abantu bose barahimirijwe gukora neza muri ico gisata kuko ibihano  birategekanijwe mu gihe umuntu atubahirije amasezerano. Ikigo kijejwe kugenzura ubutare n’agataka OBM ngo cari gifise umukozi umwe ku ntara bigatuma bitoroha kugendura amashirahamwe 240 ajejwe gucukura ubutare n’amakoperative 180 ajejwe gucukura ibikoresho vyo kwubaka kubera abakozi badakwiye. Ikigo OBM ngo kigiye  kwongereza abakozi  kugira  mu ntara  ibikorwa ntibikurikiranwe n’umuntu umwe nk’uko vyahora. Ngo abantu bose bashize inguvu hamwe amashirahamwe acukura ubutare atahora agarukana mw’ibanke nkuru y’igihugu BRB  amafaranga y’agaciro azoyagarukana, eka n’amakoperative acukura ibikoresho vyo kwubaka azoheza arihe amakori n’amategisi ategekanijwe n’amategeko. Sindayigaya yamenyesheje ko 90% y’amashirahamwe acukura ubutare yamaze gusubira kwiyandikisha n’ayo  70% y’amakoperative acukura ibikoresho vyo kubaka mu mazi canke ku misozi amaze gusubira kwiyandikisha. 

Aline Kanyana

Ouvrir