Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

HCR yararonkeje igiporisi ibikoresho bifise agaciro k’amafaranga y’amarundi arenga imiriyoni 186

tttyyrreezIbikoresho bifise agaciro k’amafaranga y’amarundi arenga imiriyoni 186 vyaronkejwe igiporisi c’Uburundi na HCRIbikoresho bifise agaciro k’amafaranga y’amarundi arenga imiriyoni 186 vyaronkejwe igiporisi c’Uburundi na HCRKw’igenekerezo rya 2 Nyakanga 2018, ku cicaro c’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR i Bujumbura, uwuserukira iryo shirahamwe mu Burundi, umupfasoni Gogo Hukportie yarashikirije Ubushikiranganji bw’umutekano, igisata kijejwe abimukira n’impunzi, imfashanyo y’ibikoresho ifise agaciro k’amafranga 186.670.592. Iyo mfashanyo ikazokworohereza impunzi zitahuka ziciye mu makomine ya Giteranyi yo mu Ntara ya Muyinga, Busoni yo mu Kirundo, Kayogoro yo muri Makamba na  Komine Gisuru yo mu Ruyigi.Jimy Hatungimana ajejwe igisata kiraba abimukira n’impunzi, mw’ijambo yashikirije yarashimiye ishirahamwe HCR ryama na ntaryo rishigikira Uburundi mu bikorwa vyo kwakira impunzi z’abarundi zitahuka no mu kuzisubiza muzabo eka no mu guha inzego z’igihugu ibikoresho bifasha muri uwo mugambi. Jimy Hatungimana yabandanije amenyesha ko iyo mfashanyo baronkejwe igaragaza ugukorana neza kurangwa hagati y’iryo shirahamwe n’igiporisi. Muri iryo jambo yaramenyesheje kandi ko iyo mfashanyo yaje hageze kuko izofasha mu gikorwa co kwakirira ku mbibe impunzi zitahuka,akaba yaranibukije ko bari basanganywe ubukene bw’ibikoresho.Yaramenyesheje kandi ko iyo mfashanyo igizwe n’amapikipiki 7, imashini nyabwonko 13 n’ibikoresho vyazo, ibikoresho bikorana n’umuyagankuba, ibitabu 500, amakaye yo gufatiramwo ivyegeranyo 500, ibikoresho bifasha gushingura inyandiko 500 n’ibindi bikoresho bizofasha  ibiro vyakira impunzi mu makomine ya Busoni, Gisuru, Kayogoro na Giteranyi kurangura neza igikorwa bajejwe. Jimy Hatungimana yaboneyeho akaryo ko gusaba ko mwene iyo mfashanyo yotangwa no mu bindi bibanza kuko ngo impunzi ziri mu bihugu vyose bihana imbibe n’Uburundi. Yarasavye kandi ishirahamwe HCR gushishikara rifata mu mugongo igisata kijejwe kwakira impunzi kuko gihanzwe n’ingorane zitari nke nk’ibiro bimwe bimwe bitagira amatara, ihanahana ry’amakuru ritoroha hagati y’ibiro bikuru n’ibindi biro biri ku mbibe z’igihugu, hamwe n’abakorera muri urwo rwego bama bakenera gukarihirizwa ubwenge. Yaciye anasaba ishirahamwe HCR gushira ku mbibe z’igihugu uburyo bwo guhanahana amakuru bwitwa «AKIWACU».Gogo Hukpartie aserukira ishirahamwe HCR mu Burundi nawe yarashimye ingene bakorana neza n’igiporisi kijejwe kwakira impunzi. Ikindi yamenyesheje ni uko iyo mfashanyo izofasha gucungera uruja n’uruza ku mipaka no gukwirikirana impunzi na cane cane impunzi ziba zitahanywe n’ishirahamwe HCR. Yaranibukije ko iruhande y’iyo mfashanyo ishirahamwe HCR ryama rikarihiriza ubwenge abakora muri ico gisata. 

Nkurunziza Moïse (Yimenyereza) 

Ouvrir