Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abajejwe intwaro n’umutekano barafise vyinshi vyo gukora muri ano mezi abiri asigaye kugira umwaka urangire

 

grtDSC04578Abajejwe intwaro n’umutekano basabwa guhagarika no guhana abatunganya bakanabandanya inama ata ruhusha bafise, bakizura, abasaka kugira inkozi z’ikibi zifatwe. Ivyo ni bimwe muvyo umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy Mbonimpa yasavye mu nama yari yagirishije abajejwe intwaro, umutekano, amasentare n’abandi, yo kurabira hamwe uko umutekano umeze bongere bafate ingingo zibereye zofasha guheraheza umwaka neza. Hari kw’igenekerezo rya 31 Gitugutu 2018.Abajejwe intwaro n’umutekano basabwa guhagarika no guhana abatunganya bakanabandanya inama ata ruhusha bafise, bakizura, abasaka kugira inkozi z’ikibi zifatwe. Ivyo ni bimwe muvyo umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy Mbonimpa yasavye mu nama yari yagirishije abajejwe intwaro, umutekano, amasentare n’abandi, yo kurabira hamwe uko umutekano umeze bongere bafate ingingo zibereye zofasha guheraheza umwaka neza. Hari kw’igenekerezo rya 31 Gitugutu 2018.Nk’uko yabimenyesheje, yarashimye ko umutekano ukwiye mu gisagara, ashimira abajejwe inzego z’umutekano kuko bakora uko bashoboye kugira ubandanye utsimbatara. Niko guca amenyesha ko naho biri uko hakiriho abasuma bamena ingo, abiba imiduga, n’ibindi, rero ngo bategerezwa gutuza bene ubwo busuma. Ikindi naco yamenyesheje kicibonekeza mu gisagara, ni abasegerereza basubiriye kurwira, ari naco gituma ngo bazoraba ukuntu bobitunganya gushasha kugira igisagara ntikibe ic’abasegerereza. Yarongeye amenyesha ko muri ano mezi abiri asigaye kugira umwaka urangire, abagize inyabune aho bitagenze neza bakahakosora harimwo kuguma basuzuma amakaye y’ingo. Muri iyo nama bararabiye hamwe n’ingene boshira mu ngiro itegeko ryatowe ryo kurwanya inzoga zitemewe n’amategeko bongere barabe n’ingene botuza ibidandazwa vya magendo bahereye aho babaye. Freddy Mbonimpa yarasubiriye arabibutsa ko boza bararaba ububare butubahiriza amasaha yo kugurura no kugara, bakongera bakaza barasuzuma inzu zikorerwamwo ubusambanyi. Ikindi naco yabasavye ni uko muri ano mezi abiri asigaye ata bantu boba bakidandariza ibitoro mu makaritiye hamwe n’uko irya miduga yahebwe ikunda kwibonekeza muri karitiye Buyenzi boba bayikuyeho, co kimwe na zirya modokari baba baje gukoresha zoba zavuye mw’ibarabara gushika isaha cumi n’imwe kugira amabarabara ase neza. Yasozereye amenyesha ko bimwe mu vyo kwihutirwa gukorwa muri ano mezi abiri asigaye kugira umwaka urangire ari uko abajejwe intwaro n’umutekano bobandanya bagira isuzumwa z’udukaye tw’imiryango, abajejwe umutekano bakabandanya bakizura bongera basaka kugira inkozi z’ikibi zibandanye zifatwa, kugendereza ibikorerwa mu inzu z’ingenzi, kugenzura neza aboba bagitungiye ibitungwa mu mpangu hamwe n’ibindi.

Evelyne Niyonzima

Ouvrir