Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Urwaruka rurangije amashure rungana 326 rwarafashijwe kuronka aho rwimenyerereza akazi

 

PahUrwaruka rungana 326 rwarafashijwe kuronka aho rwimenyereza akazi mbere rurigishwa kwitegurira imigambi y’iterambere. Ivyo vyashikirijwe na Bienvenu Irakoze asanzwe ari umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’urwaruka, amaposita n’itumatumanako mbere akaba n’umuvugizi wabwo. Aho hari ku wa 30 Gitugutu 2018, i Bujumbura,  igihe yari aramutse ashikiriza ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu mezi atatu yambere y’umwaka w’2018 ushira uw’2019. Urwaruka rungana 326 rwarafashijwe kuronka aho rwimenyereza akazi mbere rurigishwa kwitegurira imigambi y’iterambere. Ivyo vyashikirijwe na Bienvenu Irakoze asanzwe ari umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’urwaruka, amaposita n’itumatumanako mbere akaba n’umuvugizi wabwo. Aho hari ku wa 30 Gitugutu 2018, i Bujumbura,  igihe yari aramutse ashikiriza ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu mezi atatu yambere y’umwaka w’2018 ushira uw’2019. Muri ico cegeranyo Irakoze Bienvenu yamenyesheje ko ibisata bigize ubwo bushikiranganji harimwo ubuyobozi bukuru bw’amaposita, ubuyobozi bujejwe urwaruka, ubuyobozi bujejwe ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako, ONATEL n’ibindi vyaronse amanota ashimishije hagati ya 78 n’100 kw’ijana. Ivyo biharuro rero ngo vyafatiye kuvyo igisata cose cashoboye kurangura ugereranije n’ico cari ciyemeje gushikako. Ngo nk’igisata c’amaposita carashoboye gutunganya neza ibiro bishika cumi na bitanu kugira ngo biteze imbere akazi bijejwe. Eka mbere ngo ico gisata caranateje imbere inyubakwa zaco, kiranugurura amakonti « Mbikira » ashika 2800. Ngo ubuyobozi bujejwe ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako bwarateguye ibigo bibiri bizofasha abarundi kwimenyereza no kumenya gukoresha ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako aho mbere ngo abakiri bato 100 bashobora kuzofashwa n’ivyo bigo. Ngo ubwo buyobozi kandi bwarateguye mu mashure imigwi yo kwimenyererezamwo no gutahura ibijanye n’ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako.Ngo mu buyobozi bujejwe urwaruka harashoboye gutuganywa inama nkuru y’urwaruka abashika 450 bashoboye kwitaba iyo nama. Ngo kenshi kaba ari akaryo ko kuba hafi urwaruka kugira ngo rugirwe inama ico rukwiye gukora haba mu nyifato canke mu gutegura imigambi iruteza imbere.Ngo harateguwe n’umugambi “Menya Umenyeshe” wateguriwe urwaruka mu ntara zitandukanye z’igihugu aho mbere ishirahamwe mpuzamakungu “Care International” ryaterereye cane muri uwo mugambi. Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’urwaruka, amaposita n’itumatumanako, Irakoze Bienvenu yarangije ashimira cane abarongozi bashoboye gukora bishimishije kurusha mbere aca anatera intege abashoboye kuronka amanota menshi kugira ngo biteho cane ibikorwa bajejwe maze ejo aho bukera baze bishimire umwimbu wiyongereye.

Nathan Ntahondi

Ouvrir