Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ikiringo c’umugwi ujejwe ukuri n’ukurekuriranira CVR carongerejwe imyaka ine

 

ffrrtKw’igenekerezo rya  29 Gitugutu 2018 Inama Nkenguzamateka y’Uburundi yarihweje yongera iremeza  integuro z’amategeko zibiri, iyijanye no  gukora ibarabara inomero 3 agace ka Rumonge –Nyanza- Lac  hamwe n’iyijanye no guhinyanyura itegeko rigenga umugwi wo kumenya ukuri n’ukurekuriranira  mu Burundi  CVR. Ayo mategeko yompi akaba yemejwe ijana kw’ijana n’abakenguzamateka bari aho.Kw’igenekerezo rya  29 Gitugutu 2018 Inama Nkenguzamateka y’Uburundi yarihweje yongera iremeza  integuro z’amategeko zibiri, iyijanye no  gukora ibarabara inomero 3 agace ka Rumonge –Nyanza- Lac  hamwe n’iyijanye no guhinyanyura itegeko rigenga umugwi wo kumenya ukuri n’ukurekuriranira  mu Burundi  CVR. Ayo mategeko yompi akaba yemejwe ijana kw’ijana n’abakenguzamateka bari aho. Ivyo bikorwa bikaba vyari birongowe n’umukuru w’Inama Nkenguzamateka Réverien Ndikuriyo. Umushikiranganji w’ubutungane Aimée Laurentine Kanyana niwe yari yaserukiye Reta y’Uburundi  kugira atange imvo n’imvano zotuma izo nteguro z’amategeko zemezwa.Aimée Laurentine Kanyana akaba yatanguye gusigura integuro y’itegeko rijanye n’imvo yo  kwubaka ibarabara Rumonge-Nyanza-Lac  ripima ibirometero 52  aho yamenyesheje ko ivyo bikorwa bizokorwa n’amafaranga y’amashirahamwe OFID yiyemeje kuzotanga   imiriyoni 20 y’amadorari y’abanyamerika hamwe n’ishirahamwe BADEA .Ayo mashirahamwe rero ngo azofashanya na Reta y’Uburundi.Mu mvo n’imvano y’iryo tegeko yaramenyesheje kandi ko gukora amabarabara biri mu migambi ya Reta y’uburundi mbere na Afrika y’Ubuseruko mu ntumbero yo guteza imbere imigenderanire,uruja n’uruza , guhanahana ibidandazwa n’ibindi.Bamaze kuryihweza baciye baryemeza ijana kw’ijana. Mu nyuma yaho baciye baca hirya no hino itegeko rigenga umugwi ujejwe ukuri n’ukurekuriranira CVR  naryonyene ryasiguwe n’uwo mushikiranganji w’ubutungane Aimée Laurentine Kanyana  aho  yamenyesheje ko iryo tegeko ryahinyanyuwe mu ntumbero yo kwishura ku bibazo  vy’abashingamateka kubijanye n’uko ikiringo c’umugwi CVR kiri hafi yo kurangira kandi hari vyinshi bitararangurwa.Yaciye amenyesha ko ico kiringo kigiye kwongereza  imyaka ine kizoja kirongerezwa mu gihe bikenewe kandi  n’ikiringo co gukorerako kikaba kizohera  ku gihe c’abakoroni  kuva kw’igenekerezo rya 26 Ruhuhuma 1885 igihe haba inama y’i Berlin kubijanye no kugabura Afrika kugeza mu mwaka w’2008. Ikindi gituma nyamukuru iryo tegeko ryohinyanyurwa ngo n’uko ryojana n’ibihe tugezemwo.Mu bibazo vyabajijwe n’abakenguzamateka barabajije igituma abantu bagandaguye umukenyezi w’umuganwa Rudoviko Rwagasore n’abana biwe batigeze bamenyekana ngo bahanwe n’amategeko. Ikindi naco, babajije n’ivyerekeye urupfu rw’incungu ya Demokarasi Ndadaye Melchior yagandaguwe gushika ubu abamugandaguye bataramenyekana ngo bacirwe urubanza.  Ngo canke ni kuki zitabaye imanza z’ikibiriraho. Kuri ivyo bibazo vyose inyishu  isa n’iyabaye imwe ngo icabitumye n’uko abatumye abo bose bagandagurwa  nibo batwara ico gihe ngo rero birumvikana ko atawokora icaha hanyuma ngo yicire urubanza ngo kandi imanza z’ikibiriraho ntivyari vyoroshe kubera umutekano muke waba uharangwa.

Josélyne Ndayegamiye

Ouvrir