Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu mwaka w’2018, imiriro ya Nyakanga yaragabanutse cane

 

DSC bbbnnj0233Mu mwaka w’2018, imiriro ya Nyakanga yaragabanutse cane, aho yavuye ku mahegitari 47316 y’amashamba yaturirwa mu mwaka w’2015, aja ku mahegitari 9 627 mu mwaka w’2016, ubu amashamba yahiye ari ku buringanire bw’amahegitari 471. Ivyo ahanini ngo vyatumwe n’uko habaye ugukorana neza n’abajejwe intwaro n’umutekano hamwe n’uguhimiriza abanyagihugu ku ngaruka zo guturira amashamba. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuyobozi w’amashamba, Epimény Nibizi, ku wa 30 Gitugutu 2018, hari mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE, aho ni mu gihe bariko baritegurira guhimbaza umunsi wahariwe igiti mu Burundi, umunsi mukuru uzohimbarizwa mu ntara ya Ruyigi, mu kwezi kwa Kigarama.    Mu mwaka w’2018, imiriro ya Nyakanga yaragabanutse cane, aho yavuye ku mahegitari 47316 y’amashamba yaturirwa mu mwaka w’2015, aja ku mahegitari 9 627 mu mwaka w’2016, ubu amashamba yahiye ari ku buringanire bw’amahegitari 471. Ivyo ahanini ngo vyatumwe n’uko habaye ugukorana neza n’abajejwe intwaro n’umutekano hamwe n’uguhimiriza abanyagihugu ku ngaruka zo guturira amashamba. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuyobozi w’amashamba, Epimény Nibizi, ku wa 30 Gitugutu 2018, hari mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE, aho ni mu gihe bariko baritegurira guhimbaza umunsi wahariwe igiti mu Burundi, umunsi mukuru uzohimbarizwa mu ntara ya Ruyigi, mu kwezi kwa Kigarama.    Nk’uko umuyobozi w’amashamba yabandanije abishikiriza, ngo umunsi mukuru wahariwe igiti mu Burundi, urahimbazwa haciye imyaka 39, kubera watanguye guhimbazwa mu mwaka w’1979. Uwo munsi rero ngo mu bushikiranganji bariko barawitegurira, aho matuta y’ibiti vyo guteragira mu ntara zitandukanye yamaze gutegurwa. Uno mwaka, ngo Reta y’Uburundi yashize inguvu gusubira kwambika imisozi ihanamye yo mu ntara ya Ruyigi na cane cane ku misozi ya Birime na Mpungwe. Muri iyo ntara ya Rugiyi, ngo bategekanije kuhatera ibiti biri ku buringanire bw’amahegitari 300.Vyongeye, ngo iruhande y’ibiti vyategekanijwe guterwa na Reta, ngo n’abanyagihugu barabateguriye umugambi wo gutera ibiti, umugambi bise « mille collines», imitumba igihumbi iteyeko ibiti. Muri uwo mugambi, ngo baciye bategura amatuta y’ibiti bibana n’indimo «agro forestiers» mu ntara za Bujumbura, Bubanza, Cibitoke, Kirundo, Rumonge na Ruyigi, ivyo biti bikazoterwa n’abanyagihugu mu ntumbero yo gukingira isi ndimwa. Ku bijanye n’amashamba cimeza, ngo basanze hari ikibazo, aho usanga ayo mashamba ariko arononekara na cane cane ugasanga ibiti kama biriko birahona. Mu ntumbero yo gusubiriza ivyo biti kama, ngo harateguwe amatuta y’ibiti kama bigizwe n’imivugangoma, imyungo, imisave, imiyove n’imirinzi.Mu bikorwa bitegekanijwe mw’isekeza ryo gutera ibiti rizotangura mu kwezi kwa Kigarama, ngo barategekanya gutera ivyo biti kama mu mashamba cimeza. Muri ayo mashamba kama rero , ngo si vyiza kuhatera ibiti mvamakungu nk’imikaratusi kubera ko mwene ivyo biti bifise ingarukambi ku binyabuzima biri muri ayo mashamba akingiwe. Ibiti kama ngo bituma ibinyabuzima biba muri ayo mashamba bimera neza. Eka ngo ibiti vy’ikizungu aho bitewe biriganza,  ubumara bwavyo nabwo bugatuma ibinyabuzima bihona kubera n’ubwatsi usanga bwahonye.


Igikorwa co guhimiriza abanyagihugu ku ngaruka zo guturira caragize akamaro
Umuyobozi w’amashamba, Epimény Nibizi arashima kubona umunsi wahariwe igiti mu Burundi uhimbajwe imiriro ya Nyakanga isa n’iyatujijwe. Ubushikiranganji rero ngo burashima inyifato y’abajejwe intwaro n’umutekano, aho igihe cose iyo miriro yadutse bafashanije n’abanyagihugu kuyizimya. Ivyo rero ngo vyatumye uburinganire bw’amashamba yaturirwa yavuye ku mahegitari 47 316 mu mwaka w’2015, aja ku mahegitari 9627 mu mwaka w’2016, mu mwaka w’2018, ngo hahiye amahegitari 471. Kubona abanyagihugu baratahuye ingaruka mbi zo guturira imisozi, ngo vyatumwe n’ihimirizwa bagiriwe n’abarongozi ku nzego zitandukanye, aho banahamagarirwa kuzimya igihe cose imiriro ya Nyakanga yadutse. Abarundi rero ngo basa n’abahinduye ingendo kubera ko mu minsi iheze,  bavuga ko amashamba yaba cimeza canke n’ibitara ari ivy’abajejwe ibidukikije. Haruhande y’igikorwa co guhimiriza, hariho izindi ngingo ziherekeza iryo himirizwa, aho akavuga ko aborozi batarekuriwe kuragira mu muyonga, ahaba haturiwe. Ababirenzeko nabo bagatozwa ihadabu ry’amafaranga ibihumbi 100 ku gitungwa kimwe cose, yaba inka canke n’ikindi gitungwa ico arico cose hamwe n’umunyororo w’amezi abiri. Ikindi ngo no ku barimyi, nabo nyene barabujijwe bimwe aho guturira ivyatsi bakangaje barimye. Eka ngo n’aboba babikora muri kino gihe, ngo amategeko arashobora kubafata.Mu bushikiranganji ngo barashima cane kubona abarundi bariko barahindura ingendo, aho batahuye ingaruka y’imiriro ya Nyakanga. Ivyo ngo ntivyavuye ku nguvu z’ubushikiranganji, ahubwo ngo habaye gushira inguvu hamwe n’abajejwe intwaro, umutekano n’abanyagihugu muri rusangi. Insiguro zitangwa ngo bishimikiza uruzuba rwigeze kwibonekza mu kiyaya c’Imbo mu mwaka w’2016, aho babasigurira ko guturira bituma hibonekeza uruzuba, imvura igatara, inzara igakurikira.Ku bijanye n’ishamba cimeza rya Kibira, ngo basanzwe bafise abaricungera, abo bita « gardes forestiers», ico gikorwa bakagifatanya n’abanyagihugu bo mu micungararo ndetse bakaba bahurikiye mu makomite yo gukingira iryo shamba. Muri ico gikorwa, ngo abo banyagihugu barafatwa mu mugongo n’amashirahamwe amwe amwe, aho banaronswa imyambaro n’akavuna musase.


Hagiye gutanguzwa umugambi wo gutera ibiti ku rwego rw’igihugu
Ku mugambi wo gutera ibiti, ngo kuva habaye inama mpuzamakungu yo gukingira ibidukikije yabereye i Paris COP 21, Uburundi bwariyemeje kuzohora butera  amahegitari 4000 y’ibiti uko umwaka utashe, kuva mu mwaka w’2015. Muri iyo nama, ngo hariho ivyo igihugu cemeye gukora n’ivyo abasanzwe bafata mu mugongo igihugu bemeye gushigikiramwo, aho nabo bemeye gufasha mw’iterwa ry’amahegitari 8000 y’ibiti. Ndetse ngo Reta iherutse gutunganya umugambi «Ewe Burundi urambaye», muri uwo mugambi ngo hazoba harimwo uburyo bwa Reta, amashirahamwe mpuzamakungu, amakomine hamwe n’amashirahamwe yo mu gihugu. Uwo mugambi uzotangurizwa mu ntara ya Ruyigi, ngo uzoshirwa mu ngiro kurya kw’urumuri rw’amahoro, aho bazogenda baratera ibiti mu ntara zitandukanye. Muri komine ya Bweru, mu ntara ya Ruyigi, ngo bagategekanya gutera ibiti bibana n’indimwo 330 808 hamwe n’ivyo ku misozi 20 204. Umuyobozi w’amashamba atera akamo abarongozi kubandanya igikorwa co guhimiriza kugira abarundi bavavanure n’ingeso yo guturira kandi bongere bijukire gutera ibiti, aho bikenewe hose. Ikindi ngo Reta yoshiramwo uburyo bukenewe kubera gutegura amatuta y’ibiti bisaba uburyo bwinshi.

Déo Misigaro                                                                                        

Ouvrir