Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Inama Nkenguzamateka yaremeje integuro z’amategeko 8 kuri 17 zari zarungitswe na Reta

DSccvcvcvC05215Kw’igenekerezo rya 31 Gitugutu 2018, Inama Nkenguzamateka yarasozereye ibikorwa vy’isasa risanzwe vyo mu kwezi kwa Myandagaro 2018. Umukuru w’Inama Nkenguzamateka, Révérien Ndikuriyo yamenyesheje ko Inama Nkenguzamateka yemeje integuro z’amategeko 8 kuri 17 zari zarungitswe na Reta y’Uburundi.Kw’igenekerezo rya 31 Gitugutu 2018, Inama Nkenguzamateka yarasozereye ibikorwa vy’isasa risanzwe vyo mu kwezi kwa Myandagaro 2018. Umukuru w’Inama Nkenguzamateka, Révérien Ndikuriyo yamenyesheje ko Inama Nkenguzamateka yemeje integuro z’amategeko 8 kuri 17 zari zarungitswe na Reta y’Uburundi.Yabandanije amenyesha ko Inama Nkenguzamateka yakurikiranye ingene amabwirizwa yemejwe ashirwa mu ngiro. Ngo ni muri iyo ntumbero, Inama Nkenguzamateka yasohoye itangazo ryibutsa Reta y’Uburundi ko yosuzuma ko ibwirizwa inomero 1/01 ryo ku wa 23 Nzero 2017 ritegekanya ingene Reta ikorana n’amashirahamwe yigenga mvamakungu ririko rirashirwa mu ngiro nk’uko ryemejwe cane cane mu ngingo yaryo ya 18 itegekanya ko mu guha akazi abakozi b’abarundi, hategerezwa kwisungwa amoko nk’uko biri mw’Ibwrizwa Shingiro ry’Uburundi. Ndikuriyo yamenyesheje ko mu nama yamuhuje n’abakozi bose bo mu nama Nkenguzamateka bapfunditse ko bagiye gukorera mu ntara ya Gitega kandi ko amategeko agenga abo bakozi agiye gusubirwamwo. Ngo Inama Nkenguzamateka igiye gukomeza ubucuti n’izindi Nama Nkenguzamateka n’ayandi mashirahamwe. Ndikuriyo yamenyesheje ko Inama Nkenguzamateka igiye kubandanya  igikorwa co gusuzuma ko itunganywa ry’ibisagara rikorwa hisunzwe amategeko. Ngo Inama Nkenguzamateka izobandanya isaba ko Reta yofatira ingingo zibereye abo bose bubatse hatisunzwe amategeko. Inama Nkenguzamateka, ngo izobandanya ibikorwa vyo kwitegurira kuja gukorera mu ntara ya Gitega. Izonabandanya guhimiriza abanyeshure kwirinda inda z’indaro. Ndikuriyo yaribukije ko ibikorwa vy’Inama Nkenguzamateka bizosubira kugururwa kw’igenekerezo rya 3 Kigarama 2018 nkuko biri mu ngingo y’179 iy’190 z’Ibwrizwa Shingiro.

Aline Kanyana

Ouvrir