Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Pascal Nyabenda yaritavye inama y’abashingamateka bo kw’isi igira 139

 

cccxcxKw’igenekerezo rya 20 Gitugutu 2018,Umukuru w’Inama Nshingamateka Pascal Nyabenda , yaraganutse avuye mu gihugu c’Ubuswise mu nama igira 139 yahuza abashingamateka n’abakenguzamateka bo kw’isi. Muri iyo nama barihweje ivyerekeye umutekano n’iterambere. Kw’igenekerezo rya 20 Gitugutu 2018,Umukuru w’Inama Nshingamateka Pascal Nyabenda, yaraganutse avuye mu gihugu c’Ubuswise mu nama igira 139 yahuza abashingamateka n’abakenguzamateka bo kw’isi. Muri iyo nama barihweje ivyerekeye umutekano n’iterambere. Pascal Nyabenda yamenyesheje ko bize ivyerekeye uruhara Inama Nkenguzamateka na Nshingamateka zogira kugira ngo iterambere ritsimbatare kw’isi na cane cane muri kino gihe hariho ihindagurika ku bijanye n’ubuhinga bwa none. Ngo kuruhande rw’igihugu c’Uburundi, barashikirije ingene babibona, bakaba bashimikiye kw’iterambere ryo guhanahana amakuru bakoresheje ubuhinga bwa none. Yavuze ko mu Burundi bafise umuhora ukwira igihugu cose utuma guhanahana amakuru bigenda neza. Ngo bikaba bifitiye akamaro abashingamateka n’abakenguzamateka hamwe n’ibindi bisata. Yarongeye avuga ko biyamirije icegeranyo c’ibinyoma cashikirijwe n’umugwi w’amatohoza ku bijanye n’agateka ka zina muntu mu gihugu c’Uburundi. ,,;Muri iyo nama bakaba barigiriye inama ku bijanye n’ubuhinga bwa none aho bashigikiyeko bovyigisha mu mashure kuko bizofasha. Abashingamateka n’abakenguzamateka ngo barashikirije amakenga yuko haje ubuhinga abantu batakaza akazi kuko ibintu vyinshi usanga bikozwe n’ivyuma. Baravuze ko iterambere ryozana ariko bakaraba  ko ubukene  bw’akazi butokwiyongera.

Ngo muri iyo nama nyene umukuru w’ihuriro ry’abashingamateka yarashikirije icegeranyo c’urugendo yagize mu gihugu c’Uburundi akaba yamenyesheje ko umutekano yasanze wifashe neza mu gihugu c’Uburundi. Umukuru w’Inama Nshingamateka n’abo bari kumwe bakaba baranezerejwe cane  kubona ashikiriza icegeranyo ciza ku Burundi. Uwurongoye iryo huriro kw’isi akaba yaramenyesheje ko Umukuru w’igihugu yamwakiriye mu ntara ya Ngozi akongera agaca mu ntara nyinshi z’igihugu , ivyo bikerekana ko amahoro n’umutekano bisasagaye mu Burundi. Ngo ivyo yahora asoma mu binyamakuru canke ku buhinga atarivyo na gato. Ngo iyindi nama izokwirikira yari yategekanijwe ko izobera mu gihugu ca Argentine ariko bikaba vyarahindutse ikazobera i Doha mu gihugu ca Qatar. Yamenyesheje kandi ko muri ico gihugu barimwo c’Ubuswise bahahuriye n’abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka bo mu bihugu bihurikiye mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko”EALA” ngo bakaba baravuganye ibijanye n’inkino ziba ku mwaka  zihuza abashingamateka. Ngo uno mwaka w’2018 izo nkino zari kubera muri Sudani y’Epfo ariko uwurongoye Inama Nshingamateka waho akaba yaravyanse. Yaciye ashikiriza igituma yanse ko zibera muri ico gihugu baravyumviriza baravyemera baca bafata igihugu c’Uburundi ko izonkino zohabera kuko nakare nico cokuirikiye kubakira. Bakaba baciye bemera ko izo nkino zizobera mu Burundi mu ndwi imwe  bakazoba baciye bavuga ko bazoza kuraba aho bakinira ingene hifashe.
Thérèse Niyonkuru
                                                           

Ouvrir