Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Uburundi n’Ubushinwa birashima imigenderanire myiza bifitaniye

 

IMG 20181023 135038Kw’igenekerezo rya 23 Gitugutu 2018 Umukuru w’Igihugu Petero NKURUNZIZA yarakiriye mu biro iwe intumwa z’igisata  c’Inama Nkenguzamateka  y’Ubushinwa  zari zirongowe n’icegera c’uwuyirongoye Liu QIBAO.   Nk’uko icegera c’umuvugizi w’Umukuru w’igihugu  Alain Diomède Nzeyimana yabimenyesheje  ngo izo ntumwa zikaba zari zije ku butumire  bw’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka yo mu Burundi kuko na we nyene ngo yaheruka kubagendera bakaba mbere ngo baraganiriye ibitari bike.  Urwo rugendo ngo rwabaye mu gihe  haheruka kuba inama i Beijing ihuza Ubushinwa  n’ibihugu vya Afrika  ikaba ngo yagenze neza aho  ibihugu vyose vya Afrika  vyahakuye inyungu kuko hari imigambi myinshi  cane cane ku Burundi igiye kuzohatorera akoyoko.  Uburundi ngo bukaba bubona ko imigenderanire hagati y’Uburundi  n’Ubushinwa imeze neza.  Uwaje aserukira izo ntumwa  akaba yaragerageje gusobanura  muri make  ivyo Ubushinwa bwashoboye gushikako mu myaka iheze kandi bakaba  barashimye ko Uburundi ari igihugu cifashe neza. Abo bashitsi bakaba baremeye ko igihugu c’Ubushinwa kizobandanya gishigikira Uburundi  mu gihe cose buzoba buriko buranka ko babuvuga nabi. Umukuru w’Igihugu Petero NKURUNZIZA akaba yaciye ashimira abo bashitsi yongera arashimira Reta  y’Ubushinwa ku migenderanire iri hagati y’ico gihugu n’Uburundi.  Yaciye asubira inyuma kuri kahise k’Uburundi aho  yibukije ko mu myaka 56  iheze bwikukiye hariho imyaka  myinshi bamaze bari mu ndyane zagiye ziterwa n’abakoroni aho kuja mu bikorwa   batera basubira inyuma.  Ariko ngo guhera mu 2005 barashoboye gukora ibitari bike aho biboneka yuko amashure bari bafise mu mwaka w’2005 yagera ku 1900 mu myaka 13 iheze bakaba bageze ku mashure ibihumbi bitandatu 6000. Ayo nayo akaba ari amashure mato mato, ayisumbuye hamwe na Kaminuza.  Yongeye kandi abamenyesha ko hariho vyinshi bakora bagiye bararabira ku gihugu c’Ubushinwa. Ikindi yabamenyesheje ngo ni uko yashoboye kugenda muri ico gihugu aho yahabonye uruhome  runini rwubatswe mu bikorwa rusangi  aca abamenyesha ko no mu Burundi hakorwa ibikorwa rusangi vyinshi kandi hamaze kubakwa inyubakwa zitari nke  ku buryo n’abarongoye  amakomine bashoboye kwiyubakira ibiro bakoreramwo. Yaciye rero ababwira ko uwofata ibikorwa rusangi  vyagiye birakorwa muri iyo myaka 13, yosanga bamaze kwubaka nka rwa ruhome bafise muri ico gihugu.  Yarangije akenguruka ku karorero Ubushinwa butanga kw’isi aca abamenyesha ko n’iyo bakoranye bahungukira n’Uburundi bukahungukira iterambere rikamera neza. Uwo mubonano ukaba warangiye mu guhana utuganuke.Kw’igenekerezo rya 23 Gitugutu 2018 Umukuru w’Igihugu Petero NKURUNZIZA yarakiriye mu biro iwe intumwa z’igisata  c’Inama Nkenguzamateka  y’Ubushinwa  zari zirongowe n’icegera c’uwuyirongoye Liu QIBAO.   Nk’uko icegera c’umuvugizi w’Umukuru w’igihugu  Alain Diomède Nzeyimana yabimenyesheje  ngo izo ntumwa zikaba zari zije ku butumire  bw’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka yo mu Burundi kuko na we nyene ngo yaheruka kubagendera bakaba mbere ngo baraganiriye ibitari bike.  Urwo rugendo ngo rwabaye mu gihe  haheruka kuba inama i Beijing ihuza Ubushinwa  n’ibihugu vya Afrika  ikaba ngo yagenze neza aho  ibihugu vyose vya Afrika  vyahakuye inyungu kuko hari imigambi myinshi  cane cane ku Burundi igiye kuzohatorera akoyoko.  Uburundi ngo bukaba bubona ko imigenderanire hagati y’Uburundi  n’Ubushinwa imeze neza.  Uwaje aserukira izo ntumwa  akaba yaragerageje gusobanura  muri make  ivyo Ubushinwa bwashoboye gushikako mu myaka iheze kandi bakaba  barashimye ko Uburundi ari igihugu cifashe neza. Abo bashitsi bakaba baremeye ko igihugu c’Ubushinwa kizobandanya gishigikira Uburundi  mu gihe cose buzoba buriko buranka ko babuvuga nabi. Umukuru w’Igihugu Petero NKURUNZIZA akaba yaciye ashimira abo bashitsi yongera arashimira Reta  y’Ubushinwa ku migenderanire iri hagati y’ico gihugu n’Uburundi.  Yaciye asubira inyuma kuri kahise k’Uburundi aho  yibukije ko mu myaka 56  iheze bwikukiye hariho imyaka  myinshi bamaze bari mu ndyane zagiye ziterwa n’abakoroni aho kuja mu bikorwa   batera basubira inyuma.  Ariko ngo guhera mu 2005 barashoboye gukora ibitari bike aho biboneka yuko amashure bari bafise mu mwaka w’2005 yagera ku 1900 mu myaka 13 iheze bakaba bageze ku mashure ibihumbi bitandatu 6000. Ayo nayo akaba ari amashure mato mato, ayisumbuye hamwe na Kaminuza.  Yongeye kandi abamenyesha ko hariho vyinshi bakora bagiye bararabira ku gihugu c’Ubushinwa. Ikindi yabamenyesheje ngo ni uko yashoboye kugenda muri ico gihugu aho yahabonye uruhome  runini rwubatswe mu bikorwa rusangi  aca abamenyesha ko no mu Burundi hakorwa ibikorwa rusangi vyinshi kandi hamaze kubakwa inyubakwa zitari nke  ku buryo n’abarongoye  amakomine bashoboye kwiyubakira ibiro bakoreramwo. Yaciye rero ababwira ko uwofata ibikorwa rusangi  vyagiye birakorwa muri iyo myaka 13, yosanga bamaze kwubaka nka rwa ruhome bafise muri ico gihugu.  Yarangije akenguruka ku karorero Ubushinwa butanga kw’isi aca abamenyesha ko n’iyo bakoranye bahungukira n’Uburundi bukahungukira iterambere rikamera neza. Uwo mubonano ukaba warangiye mu guhana utuganuke.


Inyigisho nkarishabwenge  zitangwa n’igihugu c’Ubushinwa ku bashingamateka  ngo ni ngirakamaro
Umukuru w’Inama Nshingamateka Pascal Nyabenda mu mubonano yahaye intumwa z’igihugu c’Ubushinwa zirongowe na Liu Qibao ku wa 23 Gitugutu 2018,  yarabamenyesheje uko Inama Nshingamateka y’Uburundi yubatse  n’uko ikora.  Mu ntangamarara y’uwo mubonano umukuru w’Inama Nshingamateka Pascal Nyabenda Yababwiye ko inama Nshingamateka na Reta y’Uburundi bashimishwa cane n’imigenderanire iri hagati y’Ubushinwa n’Uburundi aca aboneraho kubashimira ku nyigisho nkarishabwenge ku bashingamateka n’abakenguzamateka zibera mu gihugu c’Ubushinwa aca abasaba n’uko   zobandanya kuko zibabera ngirakamaro. Yabandanije abasaba ko boshinga amahinguriro mu Burundi yegamiye igihugu c’Ubushinwa kugira borohereze  bongere bapfunyire urugendo abadandaza b’abarundi baja kurangurira mu bushinwa. Muri ico gisata nyene c’Ubudandaji baravuganye ko  Banki nkuru y’igihugu  c’Uburundi  BRB yoshobora gukorana n’igihugu c’Ubushinwa kugira bafashe abadandaza boja kurangurira mu bushinwa kuronka ifaranga ry’ico gihugu bitabagoye.   Uwaje arongoye izo ntumwa z’igihugu c’Ubushinwa  Liu Qibao yamenyesheje ko bari bazanywe no kuraba ko imigambi bari biyemeje mu bijanye no gufashanya n’ibihugu vya Afrika kugira vyiteze imbere iriko irashirwa mu ngiro. Ikindi yamenyesheje ni uko  mu minsi bamaze ng’aha mu Burundi  bagiye baravye ibitari bike aho yamenyesheje ko hari ibimaze kuranguka nko mu gisata c’indero n’icubudandaji. Barangije ikiganiro basaba Umukuru w’Inama Nshingamateka ko yobagendera  kandi akaba yabemereye ko mu ntango y’umwaka uza w’2019 azobagendera.


Imboneshakure zikoresha ubuhinga bwa none zigiye gukoreshwa mu gihugu cose

Izo ntumwa nyene  bari kumwe n’abagize inama Nkenguzamateka y’Uburundi baratanguje icese ibirori vyo gukoresha, hagati mu gihugu, imboneshakure zikoresha ubuhinga bwa none «  Télévision numérique et satéritaire », biciye mu mugambi bise « kuronsa abanyagihugu 10 000 bo muri Afrika harimwo n’Uburundi itereviziyo zikoresha ubuhinga bwa none ». Ivyo birori bikaba vyabereye muri zone Gatumba, i komine ya Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura.  Mw’ijambo ryiwe, icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka y’Uburundi yarashimiye igihugu c’Ubushinwa ku bikorwa vyinshi imaze kurangura mu Burundi na cane cane mu bushikiranganji bwo guhanahana amakuru. Ivyo navyo ngo vyerekana imigenderanire myiza ivyo bihugu uko ari bibiri bifitaniye. Umushikiranganji wo guhanahana amakuru, Frédéric Nahimana nawe nyene yarashimiye Reta y’Ubushinwa ku migambi y’iterambere irangura iri kumwe na Reta y’Uburundi. Yaciye ahamagarira abanyagihugu kuraba ibiganiro bica kuri zo mboneshakure gutyo ngo banezerwe vyongere bibafashe no mw’iterambere ryabo ndetse n’iry’igihugu cose. Frédéric Nahimana akaba yasavye kandi abanyagihugu bo mu gatumba kubungabunga iyo ngabire na cane cane ko bayironse bayikeneye. Uwuserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi, Li Changlin nawe akaba yabanje gushimira abarongozi b’igihugu c’Uburundi kuko bakorana neza kandi bemeye ishirwa mu ngiro ry’umugambi wo kuronsa abanyagihugu imboneshakure zikoresha ubuhinga bwa none. Ngo abanyagihugu  300 bari mu ntara 17 z’Uburundi bakaba aribo bazoronswa izo mboneshakure. Uwo mugambi rero ngo uzofasha abanyagihugu kwungura ivyiyumviro mu bijanye n’iterambere. Li Changlin yarongeye amenyesha ko mu gihugu ciwe ngo bavuga ko kenshi na kenshi imigenderanire iri hagati y’ama Reta ishimikiye ku bugenzi abantu bafitaniye. Eka ngo hari n’umwibutsa w’ikirundi uvuga ko iyo abantu ari abagenzi baheza bagasangira akabisi n’agahiye. Ku bw’ivyo ngo Reta y’Ubushinwa ntaco itazokora kugirango ibandanye ishigikira ishirwa mu ngiro ry’umugambi w’igihugu ujejwe iterambere.  Mwomenya ko ivyo birori biheze baciye baronsa bamwe mu banyeshure bo kw’ishure shingiro ryo mu Gatumba imipira yo gukina.


Uburundi burashimira Ubushinwa bwabushigikiye mu nama nkuru y’umutekano ya ONU
Uburundi burashima kubona igihugu c’Ubushinwa carabushigikiye mu nama nkuru ijejwe umutekano y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU no mu nama nkuru y’iryo shirahamwe nyene ijejwe agateka ka zina muntu. Ivyo vyamenyeshejwe n’icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka Spès Caritas Njebarikanuye ku kibuga c’indege ca Bujumbura ahejeje guherekeza intumwa z’igihugu c’Ubushinwa zari zirongowe n’icegera ca mbere c’umukuru wa komite y’igihugu mpanuzwajambo y’abanyagihugu bo mu Bushinwa Liu QIBAO igereranywa n’Inama Nkenguzamteka aho bari bahejeje  gusozera urugendo rwabo ku wa 24 Gitugutu 2018 ; urwo narwo rukaba rwamaze iminsi ine. Yarongeye amenyesha ko Uburundi bushigikiye ko igihugu c’Ubushinwa ari kimwe kandi ciyunze. Burongera bugashigikira ko ibahari yo mu bumanuko bw’Ubushinwa ikukira ico gihugu. Bisubiye igihugu c’Uburundi ngo kirashigikiye iciyumviro cashikirijwe n’Ubushinwa co kunagura urwego rw’Inama nkuru ijejwe umutekano kw’isi. Icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka Spès Caritas Njebarikanuye yamenyesheje ko urwo rugendo rwabaye mu ntumbero yo gukomeza ubucuti buri hagati y’Inama Nkenguzamteka y’igihugu c’Ubushinwa n’Inama Nkenguzamateka y’igihugu c’Uburundi. Yarongeye amenyesha ko mu nama yahuje abaserukira izo nzego ku wa 22 Gitugutu 2018 mu nyubakwa y’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta Inama Nkenguzamateka y’Uburundi yararonse akaryo ko kugaragarza ko yashimishijwe n’imigambi yaranguwe mu Burundi ku mfashanyo Ubushinwa bwahaye Uburundi. Yaboneyeho akaryo ko kumenyesha yuko icegera c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka y’Ubushinwa n’abari bamuherekeje bagendeye ibibanza bimwe bimwe birimwo ivyaranguwe mu Burundi ku mfashanyo canke ku ngurane y’ico gihugu. Icegera c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka y’Ubushinwa n’Umukuru w’Inama Nkenguzamteka y’Uburundi baremeranije ko inzego baserukira zigiye kubandanya zifashanya mu bisata bitandukanye. Mwomenya ko ku wa 21 Gitugutu 2018, izo ntumwa zagendeye ibitaro bikuru vyo ku Mpanda mu ntara ya Bubanza mu nyuma bagendera ishure ry’imyuga ryo mu Kigobe imbere yuko bagira inama n’inzego z’Inama Nkenguzamateka y’Uburundi. Inyuma y’iyo nama icegere ca kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka Anicet Niyongabo akaba yamenyesheje ko izo ntumwa z’Ubushinwa zari zigizwe n’abantu 16. Yamenyesheje ko mu mwaka uheze w’2017 Umukuru w’Inama Nkenguzamateka y’Uburundi yagendeye Ubushinwa ku butumire bw’urwego nk’urwo rwo mu Bushinwa ; bakaba bari baje kubasubiriza mu ndumane narirya agafuni kabagara ubumwe ari akarenge. Urwo rugendo kandi ngo rwaje mu ntumbero yo gufashanya hagati y’izo nzego mbere Inama Nkenguzamateka y’Ubushinwa ikaba yemereye Uburundi gukarihiriza ubumenyi abakenguzamateka n’abakozi b’urwo rwego. Ngo baremeye kandi kwunganira Inama Nkenguzamteka y’Uburundi mu kuyiha ibikoresho na cane cane mu gihe igira yimukire mu ntara ya Gitega mu mwaka uza w ‘2019. Ku mugoroba w’uwo munsi Umukuru w’Inama nkenguzamateka y’Uburundi Révérien Ndikuriyo yarazimanye abo bashitsi mw’ihoteri  Club du Lac Tanganyika. 

Christine Manirambona

Josélyne Ndayegamiye

Estella Niyongere 

Epitace Nduwayo

Ouvrir