Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abamenyeshamakuru bahamagariwe kwisunga amategeko agenga umwuga wabo

 

nestoKw’igenekerezo   rya 24 Gitugutu 2018, umukuru w’ urwego rujejwe kugenzura uko ibinyamakuru  bikora (CNC),  Nestor Bankumukunzi yaratunganije inama ku barongoye ibinyamakuru mu ntumbero yo kubashikiriza  ivyaranguye  mu mezi atatu arangiye, yongera abaha impanuro y’ukuntu bokora neza bubahiriza amategeko.Kw’igenekerezo   rya 24 Gitugutu 2018, umukuru w’ urwego rujejwe kugenzura uko ibinyamakuru  bikora (CNC),  Nestor Bankumukunzi yaratunganije inama ku barongoye ibinyamakuru mu ntumbero yo kubashikiriza  ivyaranguye  mu mezi atatu arangiye, yongera abaha impanuro y’ukuntu bokora neza bubahiriza amategeko.Yamenyesheje ko muri rusangi  ivyakozwe vyinshi ari vyiza  ariko ngo harimwo bimwe bimwe vyabagoye aho yaboneyeho akaryo ko gutanga impanuro, aho yasavye abamenyeshamakuru kwitwararika amategeko agenga umwuga.Yasavye y’uko amategeko yoshirwa ahabona, abarongoye abandi bakayamenyesha abo barongoye ku buryo atawoyarenga ku kutamenya, bakababa hafi iminsi yose n’igihe cose  kugira  amakosa yakozwe bivuye kukutamenya amategeko,  canke uko umwuga ukorwa ntibize bisubire.Yahamagariye abarongoye ibinyamakuru ko ata nkuru canke ikiganiro cosohoka gishikirizwa abanyagihigu uwurongoye ico gisata adatanze uruhusha canke ngo agire ico abivuzeko. Yarashimikiye ku gushira  inguvu zidasanzwe ku kungene umwuga wo kumenyesha amakuru ukorwa mu ntumbero yo kwubahiriza amategeko na cane cane muri kino gihe turiko twegereza igihe c’amatora tuzi ko mu myaka yaheze caranzwe n’amakosa yagize ingaruka mbi ku gihugu, ku bamenyeshamakuru no ku binyamakuru.Yaciye asaba ibinyamakuru   kwiyungunganya ku buryo abamenyeshamakuru boja barakora  amakuru mu bisata vyose vy’ubuzima kandi mu bice vyose vy’igihugu  bakareka  kuguma bakora ivyo mu gisagara ca Bujumbura gusa. Abarongoye ibinyamakuru bitandukanye  barabajije ibibazo bitari bike nko ku  bijanye no kutaronka inkuru zitohoje neza kubera abategerezwa kuzitanga   bataborohereza. Aho Nestor Bankumukunzi akaba yamenyesheje ko bigiye gutorerwa inyishu kuko abavugizi arico babereyeho. Mu kurangiza yamenyesheje ko ibinyamakuru  biriho kugira bifashe igihugu na bene co  gutorera inyishu ibibazo bitandukanye kugira bashobore kwiteza imbere mu bisata vyose  vy’ubuzima bwabo. CNC rero ngo ntibayeho kugira yugare ibinyamakuru  canke ibihane  ngo ni kugira umwuga w’ukumenyesha amakuru utere imbere mu Burundi wongere ugire ico ufashije mw’iterambere ry’igihugu na beneco.        

 Josélyne Ndayegamiye
                                                                                       

Ouvrir