Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibarabara Rumonge-Nyanza-Lac rigiye gusanurwa

 

DSC bbh0478Kw’igenekerezo rya 24 Gitugutu 2018, Inama Nshingamateka yaremeje ku bice 100% amasezerano y’ingurane hagati ya Reta y’Uburundi n’ikigega mpuzamakungu gitanga ingurane  OFID. Umushikiranganji ajejwe ikigega ca Reta, Domitien Ndihokubwayo yamenyesheje ko iyo ngurane izohabwa Reta y’Uburundi  n’amashirahamwe mpuzamakungu 4 ajejwe gutanga ingurane ariyo BADEA, FSD, FKDEA, OFID ingana amadorari imiriyoni 65. Iryo barabara  ry’igihugu inomero 3 Rumonge-Nyanza-Lac rifise uburebure bw’ibirometero 52 ngo rizotwara uburyo bungana amadorari imiriyoni 68, Reta y’Uburundi izokwironderera imiriyoni 3 zizoba zibuze. Ngo iryo barabara ntiryari rigihita, ibibanza vy’iratiro n’amahoteri ntivyari bikigenderwa. Ndihokubwayo yaribukije abashingamateka akamaro k’ibarabara rikoze neza. Muvyo baraba kugira bemeze ko igihugu gifise iterambere ngo harimwo ingene ukwiyunguruza biciye mu babarabara biba bimeze. Amabarabara akoze neza ngo atuma ibiciro vy’ibidandazwa bimanuka, kandi abantu bariyunguruza ngo bitagoranye. Igihe ibarabara Rumonge-Nyanza- Lac ryokorwa, ngo bizotuma ifi zo mu kiyaga Tanganyika zikwiragira mu gihugu vyoroshe. Ndihokubwayo yamenyesheje kandi ko Reta y’Uburundi iriko irarondera uburyo kugira isubiremwo ibarabara Bujumbura-Rumonge.Kw’igenekerezo rya 24 Gitugutu 2018, Inama Nshingamateka yaremeje ku bice 100% amasezerano y’ingurane hagati ya Reta y’Uburundi n’ikigega mpuzamakungu gitanga ingurane  OFID. Umushikiranganji ajejwe ikigega ca Reta, Domitien Ndihokubwayo yamenyesheje ko iyo ngurane izohabwa Reta y’Uburundi  n’amashirahamwe mpuzamakungu 4 ajejwe gutanga ingurane ariyo BADEA, FSD, FKDEA, OFID ingana amadorari imiriyoni 65. Iryo barabara  ry’igihugu inomero 3 Rumonge-Nyanza-Lac rifise uburebure bw’ibirometero 52 ngo rizotwara uburyo bungana amadorari imiriyoni 68, Reta y’Uburundi izokwironderera imiriyoni 3 zizoba zibuze. Ngo iryo barabara ntiryari rigihita, ibibanza vy’iratiro n’amahoteri ntivyari bikigenderwa. Ndihokubwayo yaribukije abashingamateka akamaro k’ibarabara rikoze neza. Muvyo baraba kugira bemeze ko igihugu gifise iterambere ngo harimwo ingene ukwiyunguruza biciye mu babarabara biba bimeze. Amabarabara akoze neza ngo atuma ibiciro vy’ibidandazwa bimanuka, kandi abantu bariyunguruza ngo bitagoranye. Igihe ibarabara Rumonge-Nyanza- Lac ryokorwa, ngo bizotuma ifi zo mu kiyaga Tanganyika zikwiragira mu gihugu vyoroshe. Ndihokubwayo yamenyesheje kandi ko Reta y’Uburundi iriko irarondera uburyo kugira isubiremwo ibarabara Bujumbura-Rumonge.

Aline Kanyana

Ouvrir