Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ikigo CNTA gihamagarira abenga amavuta y’ikigazi kwirinda gukoresha ingunguru zigwa ingese

 

DhhySC 0296Ikigo c’igihugu c’ubushakashatsi gikorera ku mwimbu kugira ushobore kubikwa igihe kinini CNTA gihamagarira abenga amavuta y’ibigazi ariyo mamesa biciye mu mahinguriro akoresha ubuhinga kama na cane cane ingunguru bengeramwo ayo mavuta zikozwe mu vyuma vya « Fer », ubwo bwoko bw’ivyuma busanzwe bugwa ingese, izo ngese zimaze gucangana n’amavuta zirashobora gutera indwara ya kanseri abihereza ayo mavuta, ubuhinga bazegeko kugira igihingurwa kibe kimeze neza, ni uko gipimwa ubuziranenge ku rwero rw’intungamubiri no ku rwego rujanye n’isuku, ico yise « microbiologie » na «biochimie» mu kigo CNTA. Ako kamo batewe  n’uwurongoye igisata kijejwe uburyo bwo guhingura umwimbu mu kigo CNTA, Serverien Twagirimana, ku wa 27 Nyakanga 2018, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE, aho yariko ashikiriza umwihwezo ku bijanye n’uko amayengero kama y’amavuta akora n’uko botegerejwe gukora ku buryo ayo mavuta atotera ingorane abayihereza.Ikigo c’igihugu c’ubushakashatsi gikorera ku mwimbu kugira ushobore kubikwa igihe kinini CNTA gihamagarira abenga amavuta y’ibigazi ariyo mamesa biciye mu mahinguriro akoresha ubuhinga kama na cane cane ingunguru bengeramwo ayo mavuta zikozwe mu vyuma vya « Fer », ubwo bwoko bw’ivyuma busanzwe bugwa ingese, izo ngese zimaze gucangana n’amavuta zirashobora gutera indwara ya kanseri abihereza ayo mavuta, ubuhinga bazegeko kugira igihingurwa kibe kimeze neza, ni uko gipimwa ubuziranenge ku rwero rw’intungamubiri no ku rwego rujanye n’isuku, ico yise « microbiologie » na «biochimie» mu kigo CNTA. Ako kamo batewe  n’uwurongoye igisata kijejwe uburyo bwo guhingura umwimbu mu kigo CNTA, Serverien Twagirimana, ku wa 27 Nyakanga 2018, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE, aho yariko ashikiriza umwihwezo ku bijanye n’uko amayengero kama y’amavuta akora n’uko botegerejwe gukora ku buryo ayo mavuta atotera ingorane abayihereza.Serverien Twagirimana akaba yamenyesheje ko abo bafise ayo mayengero y’amavuta y’ibigazi ariyo mamesa bo mu ntara ya Rumonge, abatera akamo kwijukira gukoresha ingunguru zikozwe mu vyuma bitagwa ingese « aluminium ». Izo ngunguru ngo zoba zikozwe mu butare bakoramwo arya masafuriya ya Mutoyi. Ku bwiwe rero, akabona ko abo bene ayo mayengero bokoresha mwene izo safuriya kugira izo ngese ntizishoke zibonekeza mu mavuta y’amamesa.Vyongeye, ngo iyo bahejeje guteka ivyo vyamwa, baraheza bakabishira mu mashini zisya kugira amavuta ashobore kuboneka. Izo mashini nazo ngo zikoresha igitoro co mu bwoko bwa mazutu. Iyo izo mashini ziriko zirakora, ngo ziraduza umwotsi wo mu bwoko bwa « carbone », uwo mwotsi ushobora gucangana n’amavuta, gutyo agashobora guhindura akamoto kayo canke nyene n’ibigize amavuta y’amamesa yiherezwa n’abanyagihugu. Ku bijanye n’imashini zisya ivyamwa vy’ibigazi bitetse, ngo boza barakoresha iyidasohora imyotsi kubera ko iyo myotsi ishobora kwonona amagara y’abantu hamwe n’ikirere na cane cane ko uwo mwotsi wa « carbone » uri mu myotsi ishobora kwonona igisenge c’isi.Mu kigo CNTA, ngo kugira bemeze ko igihingurwa kimeze neza, ni uko baba bagipimye ubuziranenge ku rwego rw’intungamubiri no ku rwego rw’isuku. Uko gihungurwa kimota, ibara ry’ico kintu cahinguwe, isuku nivyo bifatirwako kugira ico igihingurwa ntikigire ingarukambi ku magara y’abacihereza. Haruhande y’utwo tunenge tw’amavuta ashobora gucangana n’umwotsi w’amazutu, ngo iyo bahejeje gusya ivyamwa, amavuta y’amamesa bayashira mu binogo, ivyo navyo ngo ku mpande zavyo birasize isima. Iyo ivyo binogo biriko birasaza, ngo bigashobora gutuma ayo mavuta ashobora gucangana n’ibipande vy’isima. Wewe rero akabona ko ayo mavuta, boshobora kuyabika mu bintu bitagwa ingese na cane cane mu bintu bikoze mw’ishanda.


Ishirahamwe rijejwe guteza imbere ikigazi HPB ngo rirafise ubuhinga buteye imbere 

Ariko rero ngo amayengero akorana n’ishirahamwe rijejwe guteza imbere ikigazi HPB, iryo naryo rikaba ryegukira ishirahamwe ryo guhingura amasabuni mu Burundi, ngo bashobora kuba bakora amavuta y’amamesa meza. Mu kigo CNTA nk’abajejwe guhingura umwimbu no gupima ko ivyahinguwe ko ata tunenge bifise, amavuta y’amamesa n’aho ashimwa n’abayihereza, ngo nk’abahinga mu kigo CNTA, barayakozeko icigwa aho basanze hariho agace atari meza n’akandi ari meza. Mw’ishirahamwe ryo guhingura amasabuni mu Burundi, ngo nico gituma haba ugutandukanya amavuta, yo mu bwoko bwa  « insaturé » na «saturé » canke « oléine » na « Stéarine ».  Muri ubwo bwoko bubiri bw’amavuta, ngo hari igice c’amavuta kiguma kigumye iyo ari ahantu hakanye hamwe n’ayandi atigera afatana. Mu mavuta y’amamesa rero, ngo amavuta meza ashobora kuboneka ni « oléine », mw’ishirahamwe rikora amasabuni mu Burundi, ngo ayo mavuta niyo bafungurira abantu, aho asohoka kw’izina rya « cookie », ubwo ni ubwoko bw’amavuta atavura n’aho yokanyishwa. Amavuta yo mu bwoko bwa «  stéarine », ni amavuta aho muri iryo shirahamwe baheza bakayakoramwo amasabuni canke bakayakoramwo «maragarine». Igice c’amavuta ari «saturé», ayo mavuta, iyo akanyishijwe aca aba nk’ibuye, ubwo bwoko bw’amavuta ngo si meza ku magara y’abantu, amavuta meza ngo ni ayari « insaturé », ayo nayo ngo ntavura n’aho yokanyishwa.Ivyo bice bibiri bigize amavuta y’amamesa kugira umuntu ashobore kubibona, ngo ni uko usutse amamesa hasi, mu mwanya wa mbere ngo haba hakayangana, ariko uko iminsi igenda irahera usanga hasigaye hera. Iryo bara ryera ngo iba ari « stéarine », igice ca kabiri ca « oléine » kiba camaze kunyengetera mu kuzimu. Ku vyigwa bakoze mu kigo CNTA, ngo amavuta aboneka ku Musenyi, mu ntara ya Bubanza ngo basanze atukura cane ugereranije n’ayo mu ntara ya Rumonge. Iryo bara ngo rituruka  riva ahanini kw’isi ibigazi vyarimweko. Ariko ngo amavuta yo ku Musenyi, mu ntara ya Bubanza, afise « stéarine » nkeya, ugereranije nayo mu Rumonge kubera aba afise ibara ryeruruka cane. 


Amavuta y’amamesa yo ku Musenyi  ngo ni meza cane

Iryo bara ritukura ngo siryo rituma aba meza, iryo bara ngo ni « Piguent» bita « cartonaïde », ariyo iboneka muri vitamine C. Ariko ngo ayo mavuta yo ku Musenyi, mu ntara ya Bubanza ngo ni meza kubera arimwo « stéarine » nkeya, iyo nayo ikaba ituma iyo ari mu bibanza bikanye cane atavura ningoga. Mu kigo CNTA, ngo inyuma y’umwihwezo ujanye n’ukuntu bene ayo mayengero bahingura  amavuta y’amamesa, yamenyesheje ko Reta ibigizemwo uruhara na cane cane bakabasanga ku  kivi, bofasha kugira ico gikorwa cisunge amategeko agenga isuku ry’inganda zihingura ivyo abantu bafungura.N’aho ico kigo gifasha mu buhinga no kurondera ibikoresho vyo guhingura umwimbu kugira ushobore kubikwa igihe kinini, ngo imashini ishobora gutandukanya ubwo bwoko bubiri bw’amavuta ntayo barashikako muri CNTA. Imashini bamaze gukora muri ico kigo, ngo ni imashini ifasha guhingura amavuta avuye mu mise, idakoresha amazutu, igakoresha umuyagankuba, iyo nayo bayita «  presse à vis ». Iyo nayo igatandukanya « tourteaux » zihabwa ibitungwa n’ayo mavuta afasha gukora amasabuni. Ayo mavuta ava mu mise ngo arazimvye cane gusumba n’amamesa, ayo nayo ngo akora isabuni zireta cane. Kuri abo bose baza kwiga ubuhinga bwo gukora amasabuni, mu kigo CNTA ngo babagira inama ko ayo mavuta y’imise boyacanga n’ikambiri y’amavuta y’amamesa kugira isabuni ishobore kuramba. Nico gituma ngo hari isabuni zirabura n’izindi zera cane.Haruhande y’amavuta n’ibindi vyose biva mu kigazi, ngo kirashobora kuvamwo umuvinyu kubera ko ikigazi bagiciye, mu ntimatima yaco ngo havamwo umutobe. Uwo mutobe ngo ku vyigwa bakoze, basanze ufise ubusose bwo ku rugero rwa 14, ubwo busose buri ku rugero rumwe n’ubw’inanasi, amabungo, n’ibindi vyamwa nk’ibitoke. Uwo mutobe rero ngo ushoboye kuwongeramwo ubuki canke amasaka, woshobora kuvamwo inzoga ishobora kwiherezwa n’abantu, hamwe yokorwa n’isuku. Aho mu kiyaya c’Imbo, iyo nzoga bayita ibondo, aho ikorwa ata suku basizemwo, igashobora gutera indwara abayihereza. Tubamenyeshe ko hamwe ikigo CNTA cotezwa imbere, ngo vyotuma haruhande y’ikawa n’icayi turonka ibindi bidandazwa dushorera hanze. 

Déo Misigaro                                                                                                      

Ouvrir