Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Prezida NKURUNZIZA yaruguruye icese inyubakwa zitandukanye mu ntara ya Bubanza

 

DpapapoSC 0048Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yaragendeye, ku wa 5 Gitugutu 2018, intara ya Bubanza , aho yuguruye icese inyubakwa zitandukanye muri rwa rukurikirane rw’ibirori vyategekanijwe mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 56 iheze Uburundi buronse intahe yo kwikukira.Uwo munsi rero Prezida NKURUNZIZA yarateye iteka ibirori vyo kwinjira icese inyubako zigizwe n’ibiro, amashure, amavuriro hamwe n’inyubako yo kubikamwo umwimbu w’umuceri. Izo nyubako zinjiwe ziri mu makomine ya Rugazi, ahinjiwe ishure ry’ubuhinga bwo guhingura umwimbu w’ibiterwa «  lycée technique agroalimentaire, ku Musenyi, muri komine  Mpanda naho hinjiwe inyubako yo kubikamwo umwimbu w’igiterwa c’umuceri, ku mutumba Murengeza, hinjiwe icese ivuriro rikuru ryaho ry’umurwizatunga yikorera ivyiwe hamwe n’ibiro bikuru vy’intara ya Bubanza, biri ku murwa mukuru w’iyo ntara.Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yaragendeye, ku wa 5 Gitugutu 2018, intara ya Bubanza , aho yuguruye icese inyubakwa zitandukanye muri rwa rukurikirane rw’ibirori vyategekanijwe mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 56 iheze Uburundi buronse intahe yo kwikukira.Uwo munsi rero Prezida NKURUNZIZA yarateye iteka ibirori vyo kwinjira icese inyubako zigizwe n’ibiro, amashure, amavuriro hamwe n’inyubako yo kubikamwo umwimbu w’umuceri. Izo nyubako zinjiwe ziri mu makomine ya Rugazi, ahinjiwe ishure ry’ubuhinga bwo guhingura umwimbu w’ibiterwa «  lycée technique agroalimentaire, ku Musenyi, muri komine  Mpanda naho hinjiwe inyubako yo kubikamwo umwimbu w’igiterwa c’umuceri, ku mutumba Murengeza, hinjiwe icese ivuriro rikuru ryaho ry’umurwizatunga yikorera ivyiwe hamwe n’ibiro bikuru vy’intara ya Bubanza, biri ku murwa mukuru w’iyo ntara.Ivyo birori, Umukuru w’igihugu akaba yabihereye ku Muzinda, muri komine Rugazi, mu ntara ya Bubanza. Aho ku Muzinda, yarateye iteka ibirori vyo kwinjira icese ishure  ryigisha ubuhinga bwo guhingura umwimbu uvuye mu biterwa, iryo shure rikaba rifise uburaro ryakira abana b’abigeme bavuye mu ntara za Bubanza, Bujumbura, Cibitoke na Kayanza. Prezida NKURUNZIZA  ahejeje gucacura igitambara,ikimenyetso ko yuguuruye iryo shure, yaragendeye inyubako zigize iryo shure, aha twovuga inyubako bazokwigiramwo ubuhinga bwa none « informatique », n’izindi nyubako. Iryo shure ryubatswe bifashijwemwo n’ishirahamwe ryo muri Koreya y’ubumanuko ryitwa « Korean hope foundation » hamwe n’intererano y’ibiro vy’Umukuru w’igihugu.Muri Komine  Mpanda, ku mutumba Musenyi, haruguruwe icese inyubako yo kubikamwo umwimbu w’igiterwa c’umuceri, inyubako yegukira abanyagihugu bahurikiye muri koperative Twizigirane, iyo nyubako yubatswe bifashijwemwo n’ishirahamwe FIDA. Abo bahurikiye muri iyo koperative, bakaba baherutse kuronka isoko yo gutanga umuceri mw’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe ibifungurwa kw’isi PAM. Ku mutumba Murengeza, muri komine Mpanda, mu ntara ya Bubanza, Prezida NKURUNZIZA yarateye iteka ibirori vyo kwinjira ivuriro rikuru « Clinique Générale » ry’umurwizatunga yikorera ivyiwe. Ivyo bikaba biri muri ya ngendo yo gutera intege abikorera ivyabo, kugira bafashe mw’iterambere ry’igihugu.Muri komine n’intara ya Bubanza, harinjiwe icese ibiro bikuru vy’intara ya Bubanza, iyo nyubakwa ikaba igizwe n’igorofa igeretse gatatu hamwe n’inyubakwa yo mu kuzimu bita « cave ».

Iyo nyubakwa kubera yubatswe n’imvukira z’iyo ntara hamwe n’abandi bose bagize ico baterera kugira iyo nyubakwa ihagarare, umukuru w’Inama Nshingamateka, Pascal Nyabenda, asanzwe ari imvukira y’iyo ntara akaba yari arongoye n’umurwi wari ujejwe kwegeranya uburyo bwo kwubaka ivyo biro, yamenyesheje ko bateranije vyose, ngo basanze yubatswe ku muriyaridi n’igice w’amafaranga y’amarundi. Ku bwiwe rero ngo ni akanyamuneza ntangere ku mvukira z’iyo ntara kubona bashoboye kwiyubakira inyubakwa nk’iyo, mbere ibirori vyo kuyinjira bikaba vyatewe iteka n’Umukuru w’igihugu.Yaboneyeho akaryo ko gushimira umwe wese ku co yaterereye muri ivyo bikorwa na cane cane ibiro vy’Umukuru w’igihugu, aho yaciye asaba imvukira kubandanya kubera ko bategekanya kwubaka iyindi nyubakwa ishamikiye kuri iyo, kugira imirimo yose yo ku murwa mukuru w’intara ya Bubanza ironke aho irangurirwa. Iyo nyubakwa kubona yatwaye uburyo bwinshi, ngo niyo nyubakwa muri iyo ntara ifise inzu yo mu kuzimu, ivyo bita « cave », ivyo navyo ngo bitwara uburyo bwinshi kubera ubanza kwimba hanyuma hagakenerwa isima nyishi kugira izokomere.Tubamenyeshe ko Umukuru w’igihugu yagiye agabanye, aho imvukira z’intara ya Bubanza zamuhaye  inka 7 n’ibisimbo vy’ibifungurwa biherekeza iyo ngabire.

Déo Misigaro
                                                                                                         

Ouvrir