Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abakozi basabwa gusoma neza amasezerano bagiranira n’abakoresha imbere yo kuyaterako umukono

 

IMG 155578ffer15Abakozi bokwitwararika gusoma neza amasezerano bagirana n’abakoresha imbere yo kuyashirako umukono , ico batumva bakagisiguza  kugira ntibizohave bituma akazi kagenda nabi. Ivyo vyamenyeshejwe n’umushikiranganji  w’abakozi ba Reta, akazi no gutegekaniriza kazoza abakozi,  Félix Mpozeriniga igihe yari atanguye umugambi wo kugendera amashirahamwe n’abakozi yatanguriye mw’ishirahamwe rihingura amasabuni ,imitobe,amavuta n’ibindi SAVONOR rikorera mu gisagara ca Bujumbura kw’igenekerezo rya 4 Nyakanga 2018. Abakozi bokwitwararika gusoma neza amasezerano bagirana n’abakoresha imbere yo kuyashirako umukono, ico batumva bakagisiguza  kugira ntibizohave bituma akazi kagenda nabi. Ivyo vyamenyeshejwe n’umushikiranganji  w’abakozi ba Reta, akazi no gutegekaniriza kazoza abakozi,  Félix Mpozeriniga igihe yari atanguye umugambi wo kugendera amashirahamwe n’abakozi yatanguriye mw’ishirahamwe rihingura amasabuni ,imitobe,amavuta n’ibindi SAVONOR rikorera mu gisagara ca Bujumbura kw’igenekerezo rya 4 Nyakanga 2018.Yamenyesheje ko uwo mugambi wo kugendera amashirahamwe yose akorera mu gihugu ufise  intumbero yo kuraba ko abakozi n’abakoresha babanye neza, ko amategeko yubahirizwa,ko bakora mu ntumbero yo guteza imbere igihugu n’abanyagihugu.Urwo rugendo yarutanguriye ku kugenzura iryo shirahamwe SAVONOR  araba uko rihingura n’ibikoresho bakoresha.Abandaniriza  ku kiganiro yagiranye n’abakozi n’abakoresha aho yashimikiye ku mategeko abagenga kuko kenshi bikunda gutera ingorane ugasanga abakozi bapfa gushira umukono ku masezerano n’abakoresha batasomye  neza  ivyo biyemeza, bigaheza bigatera ingorane  mu kazi canke ntibaronke ivyo bafitiye ububasha.Ariko n’aho biri uko mw’ishirahamwe SAVONOR yasanze ari amahoro n’umwumvikano hagati y’abakozi n’abakoresha kuko amategeko arahari, arakwiye  kandi arubahirizwa vyongeye bafise n’ishirahamwe ry’abakozi bavugiramwo (syndicat).Umushikiranganji Félix Mpozeriniga yarangije ijambo ry’uwo munsi  ahanura abakozi n’abakoresha kwama bakorana neza kuko ishirahamwe riteye imbere n’inyungu ku gihugu n’abakibamwo.Yongeye abasaba kwama bakurikiza amategeko ico batoroherejweko bakaraba ko kiri mu masezerano hanyuma bagatunganirizwa hakurikijwe amategeko  mu gihe bikenewe.

Josélyne Ndayegamiye                                                              

Ouvrir